IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > U Burundi n’u Rwanda vyumvikanye gusubizanya abanyororo

U Burundi n’u Rwanda vyumvikanye gusubizanya abanyororo

samedi 8 Kigarama 2012

U Burundi bwemeye kurekura abanyororo 2 b’abanyarwanda, u Rwanda narwo rwemera kurekura abanyororo 6 b’abarundi. Vyumvikanye kandi gucungerera umutekano hamwe wo ku mupaka.

Vyose vyavugiwe mu nama y’umutekano yabereye i Ngozi kuri uyu wa gatanu italike 7 uku kwezi kwa Kigarama yahuje abajejwe umutekano mu ntara y’amaja epfo y’u Rwanda hamwe n’abajejwe umutekano mu gisisrikare n’igipolidi mu ntara za Kayanza na Ngozi mu Burundi. Harimwo kandi abajejwe intwaro muri ivyo bice vy’u Burundi n’u Rwanda.

Inama yabereye mu mwiherero ariko iheze, umupolisi w’u Burundi yaciye asoma itanga risozera iyo nama. Ivyo bihugu bibiri vyumvikanye ko bigiye gusubizanya abanyororo.

U Rwanda rwemeye ko rugiye kurekura abanyororo 6 bahora bafungiwe i Butare. Ico bahora bafungiwe nticavuzwe ariko amakuru ava hirya no hino avuga ko bafunzwe ku mu mwaka w’1995.

U Burundi nabwo bwemeye kurekura abanyororo 2 b’abanyarwanda bahora bafungiwe muri komine Kabarore mu ntara ya Kayanza. Abo ngo bahora bagirizwa ko bakubise umuntu mu Burundi, bacirirwa gutanga ibihumbi 100 barabibura.

Ikindi, ivyo bihugu vyumvikanye ko abanyagihugu begereye urubibe boreka kurima ahegereye urubibe ku ruzi Kanyaru. Vyumvikanye kandi ko hocungerwa cane ku rubibe mu gusuzuma ivyangombwa nka karangamuntu, pass-port n’ibindi.Ngo hagiye gucungerwa kandi urudandazwa rw’amabuye y’agaciro hagati y’u Burundi n’u Rwanda.

Ivyo vyo ngo ni muntumbero y’ugucungera umutekano ku mupaka w’ivyo bihugu bibiri.
Abanyagihugu b’abarundi baba ku mupaka muri komine Kabarore bari bamaze iminsi bavuga ko batewe umutima uhagaze n’ubwoba buturutse ku basirikare biyongereye ku ruhande rw’urwanda. Muri iyo nama abategetsi ba gisirikare b’u Rwanda bavuze ko ari ibikorwa vya minsi yose vya gisirikare, ko abanyagihugu batogira ubwoba.

Abo bategetsi bumvikanye kandi kwama bahanahana inkuru z’umutekano hakiri kare.

Ku ifoto: Gen Maj Godefroid Niyombare, umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto arikumwe na mugenzi we w’u Rwanda Lt Gen Kayonga Charles


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.