IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > U Bushinwa burabandanya gufasha u Burundi

U Bushinwa burabandanya gufasha u Burundi

dimanche 30 Kigarama 2012

K’umuhingamo wo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 28 kigarama 2012, uwuserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi, Yu Xuzhong, hamwe n’umushikiranganji w’ikigega ca reta y’u Burundi, Tabu Abdallah Manirakiza, barateye umukono ku masezerano yo gufashanya muvyo ubutunzi n’ubuhinga.

Tabu Abdallah Manirakiza umushikiranganji w’ikigega ca Reta amenyesha ko amasezerano ya mbere yerekeye imfashanyo ingana imiliyoni mirongo itanu y’amahera y’amashinwa, n’ukuvuga imiliyoni indwi n’inusu y’amahera y’abanyamerika.

Amasezerano ya kabiri nayo yerekeye ingurane ingana n’imiliyoni ijana y’amafaranga y’Ubushinwa, n’ukuvuga imiliyoni cumi na zitanu y’amahera y’abanyamerika.

Yaba ingurane canke ingabire, ayo mahera yose azokoreshwa mu bisata bizokwumvikanwa nivyo bihugu bibiri.

Iyo ngurane ikaba izotangwa mu kiringo c’imyaka itanu kuva igenekerezo rya 1 Nzero 2013 gushika irya 31 kigarama 2017. U Burundi bukazoyiriha mu kiringo c’imyaka cumi kandi atanyungu bushizeko. Irihwa rizotangura igenekerezo rya 1 Nzero 2023 gushika irya 31 kigarama 2032.

kw’ifoto:Tabu Abdallah Manirakiza,Manirakiza umushikiranganji w’ikigega ca Reta


René Dieudonné Kamaro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.