IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > "Uburundi ntibuzokwemera umuzo w’abaporisi ba ONU"

"Uburundi ntibuzokwemera umuzo w’abaporisi ba ONU"

mercredi 3 Myandagaro 2016, par Jean De Dieu

Reta y’Uburundi yatangaje icese ko itazokwemera inteko z’abapolisi 228 zavuzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu mugambi waryo w’ukubarungika mu Burundi.

Willy NYAMITWE, umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA asigura ko Reta y’Uburundi izoshira aho abanyagihugu bashize, abo nabo bakaba baheruka kugira imyiyerekano yo kwiyamiriza umuzo w’izo nteko mvamakungu, nk’uko bimenyeshwa na Willy NYAMITWE.

Uwo muhanuzi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu avuga ko hari imirwi ibandanya kurondera gutembagaza inzego zatowe n’abanyagihugu, ko ari naco gituma Reta y’Uburundi izokwamirira kure imirwi canke ibihugu bizoba bishaka "guta Uburundi mu kaga", canke guhonyanga ubwigenge bw’Uburundi.

JPEG - 23.5 ko
Willy NYAMITWE, umuhanuzi mwishikira ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu

Mu gihe Uburundi bwiyamiriza umuzo w’abo baporisi ba ONU, kandi abantu babandanya kwicwa, n’ababikoze ntibafatwe, Willy NYAMITWE avuga ko kuba hari inkozi z’ikibi zihungabanya umutekano w’abanyagihugu atarivyo vyosigura ko igihugu gitakaje ubwigenge bwaco, kohoca harungikwa inteko mvamakungu mu Burundi, akavuga ko no mu bindi bihugu nk’Ubufaransa, Ububirigi, Amerika, n’ahandi, bishika umutekano ugahungabana.

Ku bijanye n’ingaruka z’ukwiyamiriza iyo ngingo ya ONU, Willy NYAMITWE avuga ko ata gihugu cohorwa ko kiriko kirondera guhagararira ubwigenge bwaco.

Ku munsi wa gatanu, inama mpuzamakungu ijejwe umutekano yaratoye ingingo yo kurunginga abaporisdi 228 mu kiringo ca mbere c’umwaka umwe, bazoba bajejwe guhagarika ubwicanyi hamwe n’ihungabana ry’agateka ka zina muntu mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Que veux cacher cette dictature sans nom? On a rien a se reprocher alors on leve les doutes.
    Laisser ces policiers venir et etre vos ambassadeurs dans le monde entier.
    La nouvelle trouvaille du gouvernement c’est que le snr n’est implique dans aucun des massacres. Mais les gens disparaissent et ne rebiennent jamais vivants. C ’est tout simple le gouvernement n’est plus capable d’assurer la securite de ses citoyens.
    Il lui faut de l’aide

  • ABO BAPORISI NIBAJE MUBUFRANSA NO MU BUBIRIGI NA AMERIKA BARWANYE BIRYA BITERO ABARUNDI BATUREKEUMUTEKANO WACU TURAWUBONA.

  • kuza nivyiza kuko hoba igabanuka ryubugizi bwanabi bukora juu nuriya kandi hakabaho kuganira bashira hamwe ivyozanira amahoro abarundi bose

  • Mubisanz Ntivyaribikwiy Kwizonteko Ziza Natw Abarundi Ibibazo Twovyikemurira Iconsavye Letat Nikoribishoboka Iyage Nabobitavugarumw Baduhamahoro Nubundi Niyabandanya Idadaza Yanka Kuganira Izongabo Mvamahanga Zizohava Ziyumvira Kuza Kunguvu Murumvako Bitoba Arivyiza

  • Mbega aho batugira inkinzo y’ububegito bwabo, abo bene gihugu ni bande biyamiriza izo nteko ko mbona bigorewe n’ubuzima bwabo? Ivyo vy’izo nteko nta nivyo bazi. Usangwa ata kibi biyagiriza ni babareke baze. Iyo bija hose hari ico batinya. Ahubwo boza bagatangazwa n’uko Uburundi. utameze uko amakungu yabwibaza! Nivyo vyoha iteka leta. ukudadaza ntaco bizobungura.

  • Ahubwo nibagire vuba babarungike kuko abariko baravugako atanteko zohanze bakeneye nibo nyene bariko baradutikiza jewe mbona ko uyumusi kuva aho ishirahamwe mpuza makungu ryemereye kurungika izo nteko kovyarikuba vyiza ko zarikuba zamaze gushika mugihugu kuko imbonerakure igipolisi n igisirikare vya nkurunziza birarembeje abanyagihugu binzira karengane mbere jewe nka bonako ONU yoca isaba ishirahamwe ryibihugu vya Africa kurungika zanteko ibihumbi 5000 ngozize gufanya niza ONU kuko abo nibakeya ntaco bofasha murivyo binyamushinya bingana uko kandi atayindi nzira vyahisemwo atari ugusesa amaraso nukuri amakungu turayatakambiye ngo ntabandanye yumviriza ayo mateshwa yabo bicanyi akanwa kabo wogirango gasigaye kuzuyemwo ibirutsi makungu ntimwereko imivo yamaraso igima imeneka mugihugu hejuru yakarwi kimihimbiri nkiyo twebwe no mukahise inteko zohanze zaraje kandi zaradufashije niyo mihimbiri izanka yarimwo turatakamvye
    Nimuzirungike mumaguru masha

  • Nivyo, nibige kwanza gusonera abarundi n’Uburundi, hanyuma ibintu bibandanye mu mwumvikano. Vyoba ari akagaye ku Burundi n’Abarundi kwinjirigwa n’abaporisi mvamakungu batahafise ubutumire na bumwe. Abanyagihugu bamenyesheje amakungu yose kw’Isi ko biyamirije iyo ngingo ya 2303 yafatiwe Uburundi ata numwe abugishije inama kandi ari Igihugu cikukiye. None mwumva aboza bitumiye muri ubwo buryo mu Burundi bazoba bazanywe vyukuri n’iki ? ? ? Nibice mu bundi buryo kuko ubwo ntibushika namba.

  • mutwe muto cungera cungera nibahave batembagaza ubutegetsi bwumwami wisi

  • mbega nkurunziza yabaye Marshal ryari?numvise mukwiyamiriza izo nteko muvuga Marshal nkurunziza!!!!azogenda nka Mobutu.izo nteko mutinya ko zovuga amabi mudukorera ku murango

  • reka baze tubahongore,ziryambwa ngo naba police ba onu

  • jewe mbona koboshika kare kuku nyamitwe ninyamitwe zamujeri ziguma zitwiraramwo nabo ngobatinya ko batembagaza igihugu iyambere yarafuvye iyindiyo izoja ikaze

  • nibàze bàbànze bahere kuri wewe bakudade mbega ayo mahoro nikuki mutinya abayàràba? niyàba ahàri reka bàyarabe akeza kararàtwa

  • Kamera mutama ntimudohoke kuriyongingo nahantu he’s hi umutekano wama wahungabanye ntabasoda mvamakungu barungikwa yo abobantu mubarabe neza bafise umukenyuro bariko uvanze nakagaye.

  • EWE TARI SHA URANTEY AKAGONGWE KUVUGANGO MURATAKANVYE BABATABARE NGO YAMIHIMBIRI NGO IRABAREMBEJE !NIBAMWANGAJWE NIMIHIMBIRI NONE MWEBWE MURI MUMUGWI UYUHE?UBUHUNG IRO NIBA BUBAREMBEJE NIDUSAB IKIGONGWE TUBABARIRE.KUKO INKONA NTIYARUZWA KIRAZIRA ABAGUMYABANGA NTIDUKANGWA NIMIKOMA TWIMUJERI NATWISUMUJA NTANTAMBWE MUZODUTERANA TARI

  • MWOVVGAMWOREKA. BATEGEREZWAKUZA. UMUSHAHARA.BAHEMBWA.SIGWANYU.INRYA.UBURYAMO.VYOSE.BARAVYIFITIYE. MWAHORAMWIRATANGO.MUGARUKANA.AMAHOROMURISANTERAFRIKA.SUBIREYO.IRYANDEGE.YATAHUKANYEABAHOTERA.AGATEKAKAZINAMUNTI.NIGWANYU?MURASUBIRAYO.. MWIVYIMVYA.ATINIKIBIRITIMUKORA.NIBAZENIBAZE.MURABAZAKADAFE.AHOMUKINA.KUNKUBA.KUKOMUTAIZI.ONU .ISHASTEYOTORA1UMWUMWEKUGATWEKIWE.GUSHIKAMANYAMA.AHEZE. MURABAZA.BUYOYA.MWEMUMURUSHA.AMASHURE?BAZOZAHAGOYINTANGOKAZIMA.ABAROREREZIBARINOMURAHUMBA,TENYENYA.WEWEATACOWIYAGIRIZA.WAKOZENABIUZKWIBONERAKO.NTAKIGONGE.UTERA.ONU.URAFATWA.GUMAHAMWE.MWOVVGAMWOREKA. BATEGEREZWAKUZA. UMUSHAHARA.BAHEMBWA.SIGWANYU.INRYA.UBURYAMO.VYOSE.BARAVYIFITIYE. MWAHORAMWIRATANGO.MUGARUKANA.AMAHOROMURISANTERAFRIKA.SUBIREYO.IRYANDEGE.YATAHUKANYEABAHOTERA.AGATEKAKAZINAMUNTI.NIGWANYU?MURASUBIRAYO.. MWIVYIMVYA.ATINIKIBIRITIMUKORA.NIBAZENIBAZE.MURABAZAKADAFE.AHOMUKINA.KUNKUBA.KUKOMUTAIZI.ONU .ISHASTEYOTORA1UMWUMWEKUGATWEKIWE.GUSHIKAMANYAMA.AHEZE. MURABAZA.BUYOYA.MWEMUMURUSHA.AMASHURE?BAZOZAHAGOYINTANGOKAZIMA.ABAROREREZIBARINOMURAHUMBA,TENYENYA.WEWEATACOWIYAGIRIZA.WAKOZENABIUZKWIBONERAKO.NTAKIGONGE.UTERA.ONU.URAFATWA.GUMAHAMWE.BINIHE?

  • MWOVVGAMWOREKA. BATEGEREZWAKUZA. UMUSHAHARA.BAHEMBWA.SIGWANYU.INRYA.UBURYAMO.VYOSE.BARAVYIFITIYE. MWAHORAMWIRATANGO.MUGARUKANA.AMAHOROMURISANTERAFRIKA.SUBIREYO.IRYANDEGE.YATAHUKANYEABAHOTERA.AGATEKAKAZINAMUNTI.NIGWANYU?MURASUBIRAYO.. MWIVYIMVYA.ATINIKIBIRITIMUKORA.NIBAZENIBAZE.MURABAZAKADAFE.AHOMUKINA.KUNKUBA.KUKOMUTAIZI.ONU .ISHASTEYOTORA1UMWUMWEKUGATWEKIWE.GUSHIKAMANYAMA.AHEZE. MURABAZA.BUYOYA.MWEMUMURUSHA.AMASHURE?BAZOZAHAGOYINTANGOKAZIMA.ABAROREREZIBARINOMURAHUMBA,TENYENYA.WEWEATACOWIYAGIRIZA.WAKOZENABIUZKWIBONERAKO.NTAKIGONGE.UTERA.ONU.URAFATWA.GUMAHAMWE.MWOVVGAMWOREKA. BATEGEREZWAKUZA. UMUSHAHARA.BAHEMBWA.SIGWANYU.INRYA.UBURYAMO.VYOSE.BARAVYIFITIYE. MWAHORAMWIRATANGO.MUGARUKANA.AMAHOROMURISANTERAFRIKA.SUBIREYO.IRYANDEGE.YATAHUKANYEABAHOTERA.AGATEKAKAZINAMUNTI.NIGWANYU?MURASUBIRAYO.. MWIVYIMVYA.ATINIKIBIRITIMUKORA.NIBAZENIBAZE.MURABAZAKADAFE.AHOMUKINA.KUNKUBA.KUKOMUTAIZI.ONU .ISHASTEYOTORA1UMWUMWEKUGATWEKIWE.GUSHIKAMANYAMA.AHEZE. MURABAZA.BUYOYA.MWEMUMURUSHA.AMASHURE?BAZOZAHAGOYINTANGOKAZIMA.ABAROREREZIBARINOMURAHUMBA,TENYENYA.WEWEATACOWIYAGIRIZA.WAKOZENABIUZKWIBONERAKO.NTAKIGONGE.UTERA.ONU.URAFATWA.GUMAHAMWE.BINIHE?

  • ico noterera nuko aho izonteko zirimwo aba faranca zagiye hose bari mumarira atazohera akarorero urwanda lybie Soudan nahandi

  • None nibaza muzobarasa?

  • Abantu bose bomwisi nibitegurire akajagari kazaduka mubihugu vyose vyomwisi bitewe nisenyuka nisazanabi rya ONU . Abazamategeko muyasome canecane ayo ONU yashizeho niyarengako izobayugururiye inzira ibihugu nabimitima mibi gukora ivyobipfuza nogirinama ONU kuberamaso ibihe igiye kwinjiramwo kuko bizotuma urworwego rwicuza kukwibesha kwarwo-abarundi benewacunabo nitwitegure kuraba ingene amategeko yubahirizwa nokumenya ukotwifata mubihe nkivyo!!mwibuke ahingabo zagiyeheshi ivyakurikiye hanyuma tumenye icogukora kuko intambara uyihisemwo utegura ahoguhamba hanini kuko ntigwizabantu atarukubamara.ingingo ya Leta yafashe niyukuri kuko igihugu carikukiye :nibasamburamategeko naho bashizeho uburundi buzojamubindi bihugu kuko ntibuzoba bubaye bwanyuma buzobabutanguriye ibindi bihugu hanyuma aka ONU gace gashoboka.ndasavyabarundi dukomeze kubumwe murunani nkabarundi turengane ivyodupfa dushirimbere ivyodusangiye kukobirabonekako ibibihe bitazozanwa namanda kuko izinguvu amahangagomba gukoresha zifisaho zivahandi.tuzohezaturabiyo uwomukino wisi uteruja!! Leta isabwa kutajuragirika kungingo ifata kugira ubwigenge bwigihugu ntibuende nkaho butagwaniwe nabapfa bagapfa.(ONU IRANTEYIKIGONGWE CANE!!!MURABONIGANAHE???

  • nibaze tubamene imitwe iyo mihimbiri ngo ni oni twebwe sibo baturemye

  • Ntamuntu yumvako yiyemera akemera kwarumurundi vyukuri yovugango aboba polisi ngonibaze gusubirira abajejwe umutekano wuburundi kandi babarundi.
    Hanyuma rekangire iconongeye kuvyo nyenicubahiro Will Nyamitwe yavuze kurikiramwumve uko bamwe mwabobazungu bamenyereye gutanguza iryane muri Africa ariko bakoresheje abene bihugu:
    Muvyukuri ntagiye inyuma cane kuko nocanshiramwo ibibazo vyishi rekampere hafi.
    Mumyaka mikeya iheze uburundi bumaze kuvugana nabarwizatunga bomubihugu bitaribike kubijanye nabokwimba ubutunzi kavukire/kamere bwo mu Burundi haribihugu vyipfuza kubarivyo bizobwimba ariko vyemerera uburundi kobizobuha 10% kandivyibihugu kubera bimenyereye guhenda abanyafrica icizere caricose ko uburundi buzobemerera.
    Ariko uburundi mwakomeje burondeza mubihugu bitandukanye bifise ubushobozi kohoba hariho abozoha uburundi ayarenze 10%
    Noneho buzakurinka ibindibihugu vyemera kuzibuha 40%
    Maze uburundi buca businyiranira mwivyobihugu bizobuha 40% kwarivyo vyemerewe kuzokwimba umutungo kavukire wi Burundi.
    Vyabihugu bimenyereye guhenda abany’Arica vyaribisanzwe vyasaba kuzohabwa ubwobutunzi kavukire 10% ricariraniga.
    Ngukwo rero bicabitanguza isekeza ryogutera ubugarariji mugihugu mbere bicabinarondera igihugu cahafi yuburundi kizoza kirakira kandigifasha abazoba bamenyekanye kobatanguye gukorera inyungu zibindibihugu atarinyungu zuburundi.
    Kumafranga yivyobihugu yavyo bacabagerageza ukwobashoboye kwose kwiyegereza uwari icegera cakabiri cumukuru wigihugu hagati yimyaka ya 2010 na 2015 arinawe yasanuwufise igitabo camasezerano yabazokwimba umutungo kavukire wuburundi ku 40% kuko ninawe basinyiraniye kukowe yarikuruhande rwu Burundi.
    Ubwambere vyabihugu bimwemerera ko niyabifasha guhagarika canke gukora icokintu cose cotuma aryamasezerano yasinyiraniye nabiriyabihugu bizokwimba uryamutungo kavukire kobazomuha amafranga yamanyabulaya angana million 100 umugabo agerageza kwihagararako nkumuntu azi iyuburundi bwavuye canke arinumushikiranganji/icegeracakabiri cumukuru wigihugu kandi umugambwe urikubutegetsi CNDD FDD akabarinawo avamwo,
    Munyuma bahuye nintumwa zumuntu azwicane Burundi wumubiligi yitwa Louis Michel bamwemerera million 500 maze ziramukwega atangura kubaza ati: nonenkatwe turimuri letat tuzobikoragute? Bacabaramubwira ngo turafise nabandibarundi barihanze yigihugu twoguhamazina yabamwe hariho nabandi baringaha mugihugu batwemereye tucatubajubwira baba abarimuntwari nomunzego zumutekano.
    Maze baramubwirako ukobagiye gukora ko icambere arugukubita kudeta vyihuse nayamatora yimirije ataragera (2015) atikandi inzego zizojaho nubundi wewe uzozibamwo ariko birinze kumubwira kobazofashanya nigihugu curwanda na Niyombare nikobamugize abamushikiriye birinze kumubwira kwivyo agiyegukora azobifashanya nigihugu curwanda bagiye kubimenya bamaze kurwamurudubi.
    Kubandanya ndababwira idonino vyofata kwandika igitabo kuko uwabitubwiye nawe yariyeko udufranga vyamutwaye amasaha abitubwira.
    Ariko sinorangiza ndababwiye impamvu ibihugu vyarinyuma yirya kuteta muntumbero yokugira bishireho abacabafuta amasezerano yabozokwimba umutungo kavukire wabarundi 40% bagashiraho abobasuma bazobwimba kwi 10%
    Nsimvye imbinu zose bagakoresheje kugira ibintu bidabagane mu Burundi noneho baronke ukwobasahurira munduru mutibagiye imvugo za Jonucide kubera mu Rwanda iyo Jonucide yatumye bashika mukigega cumutungo kamere wa Congo, ivyovyose vyarabankiye, kurungika abasirikare mpuzamakungungu kugira abaribobazocamwo nkuko vyabaye nurwanda mugihe ca Habyalimana abakurubibihugu vy’Africa murabizi kobihagazeko babitera ishoti.
    Uburero bakoze iyombinu ngoyokurungika aba polisi 228 maze nibashika Burundi bagerageze kurwiza gushigikira abonokwita abacengezi murabiziko atamu polisi wuburundi yobayemerewe gusaka abobana namamodoka yabo maze nawamwaka babahaye utaragera nahagati bazobabamaze gushigikirabikwiye aboguteza umutekanomuke maze bacebasemerera ngo uko ibintu bimeze Burundi harakenewe abasirikare mpuzamakungu beshi maze kubera aribobatuma uhungabana bakacabakazanya muguha ubutumwa abarikibarakora amabi bubabwira komeza muhungabanya umutekano turonke igituma dutumizako abasirikare beshi arinabo bazotuma mushobora gufatahantu ntihagire umusirikare wu Burundi yemerarwa kuza kuhabakura ahubwo abarimwebwe muzamuragenda kubakura mubirindiro vyabo.
    Iyinintambwe irimuzikomeye bafise yokurungika aba polisi mpuzamakungu mu Burundi.
    Turangije tubabwirako uburundi kugerubu bumazekuronka ibihugu bibushigikira mukwitezimbere canke mugihe ibihugu bibangamiye uburundi vyokomeza gukoresha inguvu navyo ivyobihugu vyaramaze kwemerara uburundi ko nomunguvu bibushigikiye.
    Yozofuba inyanduruko yintambara ya 3 y’Isi?
    Haha akataretse kabagasema.

  • Nta nteko mva mahanga zigeze zizana amahoro aho ziri. Baja mu rudandazwa rwibigwanisho, ni uburyo bwo kuronkera akazi ibishomeri vy’abanayaburaya kandi aho bagiye ntibaba bakihava. Baza gusenyura inzego, kuryanisha abantu nakari gasigaye kakadenduka.

    Bagahonyo mu Burundi mu menya ko amaraso meshi ya Bene Burundi azoseseka kuko ntibazanwe n’ineza. Ntabo dukeneye. Gira amahoro

  • Namba bazoba baje gufasha abandi barundi guhunga no guhamba, kuko missions nk’izo ziba zinyegeje vyinshi bitavugwa canke ngo vyandikwe ku mpapuro na rapports zibiherekeje. Erega abarundi turamaze guca akenge, turazi ububi bw’inyankaburundi n’ukungene bitwara hashitse kugandagura Umukuru w’Igihugu n’abamutoye kubahagararira bose. Abiyumvira uko rero nibasubize inkota mu kibanza cayo kuko abarwanisha inkota bose bazicishwa inkota nkuko Yezu abivuga muri Bibiliya Ntagatifu (KBNT), Matayo 26:52. Ibibazo vyugarije Uburundi bisaba ko hoba ibiganiro kuko ingwano zo gusesa amaraso y’abanyagihugu zonona vyinshi kandi zigahekura benshi naho bamwe batavyumva co kimwe. Nukwimba mwigera bagenzi !

  • Please ntimwemera abo basirikare cane cane barenderwa nubufaransa
    WHY?
    nibake ariko baje kurasa umukuru wigihugu babeshere rwanda hama ba creer ingwano contre le rwanda.Les francais sont malades du rwanda et ils vont nous utiliser pour rien.
    Persone ne vuet pas la guerre contre le rwanda meme si on est en difficulte ca va pas aider ni a eux ou nous .La france veut legaliser un gerilla contre rwanda et both imposer les negociations au burundi.TROP DE CALCULE!!!

  • Nibaze Tubarase Tubatuze Basubire Iyo Bajebava.Kuberiki batoja muri France,Belgique,Amerique?Nahone hamama hatewe mais ubufarasa ntibusaba izongabo ngozije gutabarayo nabone bageramiwe.Turafise:<INGABO ZIFISE UBUGABO.>Ntabodukeneye.

  • Nyamitwe Numwasi Wamahoro

  • ABARUNDI MURUTUBARIRWA TUZOBAMEN

  • Hh !!! Uburundi Bugomba Bube Imbarutso Yintambara Ya Gatatu Y’Isi Yose , Ibyabuwe Numwongereza Ko 3_ém Gerre Mondial Izokwaduka Kumu President Wa Nyuma Wirabura Azotwara Amercan ! Naje Ndi Intwara Miheto Muri F D N : Ndahamagariye Umurundiwese Tukumva Baje Kubwakanyaro Kuko Inguvu Zo Ntibaziturusha , Nsavye Ko Twohagurukana Ubutwari N’Imiheto Tukabatuza . Maze Duce Ducika Intagondwa . Mwongerwe Ubukomezi Na Intsinzi Na Jesus

  • Hh !!! Uburundi Bugomba Bube Imbarutso Yintambara Ya Gatatu Y’Isi Yose , Ibyabuwe Numwongereza Ko 3_ém Gerre Mondial Izokwaduka Kumu President Wa Nyuma Wirabura Azotwara Amercan ! Naje Ndi Intwara Miheto Muri F D N : Ndahamagariye Umurundiwese Tukumva Baje Kubwakanyaro Kuko Inguvu Zo Ntibaziturusha , Nsavye Ko Twohagurukana Ubutwari N’Imiheto Tukabatuza . Maze Duce Ducika Intagondwa . Mwongerwe Ubukomezi Na Intsinzi Na Jesus

  • Nimba bipfuza gutahukana impunzi z’abarundi ku nguvu nibabishire ahabona tumenye ivyarivyo ata bubeshi burimwo. Kwica Nkurunziza siyo solution profitable kuri bose, ahubwo nibamwegere ababwire neza icipfuzo ciwe nka Sebarundi, kugira abe arico bashira mu ngiro, nayo ivyo kumusinyira ingwano n’urupfu nibavyibagire parce que c’est un President elu par un Peuple souverain atari vya bindi vya kera vyaca mu ma coups d’Etats sanglants, abarundi bakaguma bagandagugwa a grande echelle. Ibihe vyarahindutse, ni naco gituma abarundi bakwiye kumera amagabo bakiyamiriza ico cose cotuma Uburundi busubira kugwa mu manga.

  • Nimureke Imana Numucamanza Wuk Uri, Ibi Imana Irabizi Nimusenge Aho Gutyozanya Imana Ibafitiye Inyishu Kandi Mwese Muzonezegwa Kuko Ntawiremye Mwabayeho Ibshatse Irakora Nibirutivyo Gukomera

  • Nimureke Imana Numucamanza Wuk Uri, Ibi Imana Irabizi Nimusenge Aho Gutyozanya Imana Ibafitiye Inyishu Kandi Mwese Muzonezegwa Kuko Ntawiremye Mwabayeho Ibshatse Irakora Nibirutivyo Gukomera

  • ntabwo aribyiza koziza kuko nibobateza umutekano muke

  • ntabwo aribyiza koziza kuko nibobateza umutekano muke

  • ntabwo aribyiza koziza kuko nibobateza umutekano muke

  • @Hakizimana Haruna. too long message but empty. mbega biriya bigambo vyose wanditse bidafite message iri clear washaka iki? sasa biriya uvuga vyo kwimba mushaka guha abanyamahanga . bisiguye iki ? bitaniye no kugurisha igihugu? mwatanguye mugurisha tanganyika none mugiye no kugurisha igihugu? kuki hatashakishwa ingene abenegihugu baba aribo bimba then andi makungu akaza kugura ivyimbu vyacu bakazana devises ino ko arivyo bituma economie yihugu izamuka ? akarorero muminsi ihereze hari report nasomye yavugaga ko ugwanda gwaguze ibyimbu muburundi mugihe ca 3 mois gusa bifise valeur ya 1.2$ million kdi vyimbwe nabanyakarundi ubwabo. so tell me what if government ibishizemo imbaraga tukimba muburyo buri moderne murumva hatavamo arenze ayo. none nayo Leta yiyi mihirimbiri yarayahagaritse ngo ntabwo bazongera kohereza ivyimbu mu gwanda. kdi murazi economie yi guhugu izamuka a base yama devises none nayo bari kuyakumira ahubwo bakagurisha igihugu bakirirwa bahonya abenegihugu twabona nabashaka kudutabara ngo wapi. which is unacceptable. biriya mugabo biri muvyatumye tudashaka ko nkurunziza yongera kwitoza kuko ata bushobozi afise bwo kuyobora igihugu avec ses petit voyoux NYAMITWEs

  • Que le parti au pouvoir nuance ses militants et le peuple burudais. Nous nous voulons la paix et toutes les voies qui mènent la paix sont souhaitées. Nous en tant que peuple burundais qui desire la paix,nou acceptons la venue de ces policiers car les burundais sont tués jours et nuits par ceux qui étaient censés les proteger suite àleurs desirs egoistes

  • igihugu si i boutique yamavoka

  • Nibaze Nibaze Abarundi Turarushe Uwo Mutwa Nkurunziza Amanze Agoke

  • ABARUNDI ndabemeye kabisa pee nimwebwe mugomba kuba indongozi z’igihugu canyu. VOUS ETES LES PREMIERS RESPONSABLES DE VOTRE PAYS, Ibyo bita ngo COMMUNAUTE INTERNATIONAL ni ukubeshya ni uguhenda ABANYAFRIKA,HABYLIMANA JUVENAL wo mu RWANDA BARAMUBESHYE barinda bamwica ari kukmwe na NTATYAMIRA bavuye mu MISHYIKIRANO Y’AMAHORO..
    COMMUNAUTE international ni inyungu za ABAKOLONI...NICKEL YA MUSONGATI, NO GUSENYA CDDFDD bagashyiraho EMPIRE HIMATUTSI nicyo kiri mu mitwe y’ABAZUNGU
    BOKO HARAM kuki usanga badashyiramo imbaraga zo kuyirimbura kandi yica mu bihugu byinshi bya AFRIKA ahubwo ABAZUNGU bayiha intwaro zo kumara abanyafrika... BARUNDI MUKOMERE K’UMUHETO ABAKOLONI NTIBAZABATWARE IGIHUGU CANYU, GENOCIDE BASHATSE NKO MU RWANDA YARABANANIYE NONE BIFUZA GUFATA BUJUMBURA BATARUSHE..AHHHHHAAAAAAA....
    MUKOMEZE KUGIRA UMUTIMA UMWE, MUKUNDANE, MWUBAKE U BURUNDI BWANYU ABAKOLONI BAZUMIRWA HAMWE N’IBIKORESHO BYABO BIRIMO RWANDA.

  • Nukuri Nta Nteko Mvamakungu Dukeneye.Kuko Muri 1994 Ihonyabwoko Murwanda,ntiryabaye Aba Farasa Arihobari?Bafashijiki Hagati Yabahutu Nabatutsi?

  • Nasomye vyishi arikonanje ngiranongereko nkebure abategetsi babarundi nabanyarwanda kugira birinde icoteza intambara hagari yibyobihugu.kukotudahendanye harikintu cihishyinyuma yibibintu,abafranca bafitanye ikibazo nurwanda ntawutabizi!!urwanda rufite abarurwanya hanze yarwo bashigikiwe nabo bafaranca nabandi tutazi,muburundi bitwaje manda kandi nurwanda iyomanda niyogwimirije kuko bahinduye itegekoshinga.ubungubu barakoreshya urwanda kugihugu gituranyi arinarwo bashaka cyanecyane ,nagira nsabe ababategetsi ntibasye bwose nkaharikibazo cyuburundi nagato!!abandika ibyobishakiye hindura murebekure-kubyukuri muburundi ntampamvu ihari yokuhazana ingabo zamahanga urebye ukwigihugu giteye.nibyoharibyakosorwa nabarundubwabo ariko 80/100 umutekano niwose ibibice bisigaye nibyobirimo ibyoboganira bigatorerwa umuti atangabo zirinze kuhaba.nagirambwire abanyarwanda ntibakokeze kuko imbereyabo siheza muri politique namahanga ,barikobarashakinzira yingene borwinjira !! Abarundi nabo ndabasabe ntibugururire inzira nimwe yotuma twinjiranwa nintambara zakwira nomugihugu kibanyi,abanyarwanda nabarundi dufashanye kwiyamiriza izongabo kuko zifise ibizigenza.mwibukeko umutego mutindi ushibuka nyinawo akiwureba!!! Urwanda ntirubumutego nuburundi ntibubumutego ahubwo uwamahanga arikwaratega abariwo ushibuka babireba.reka nunganire Turabategereje444 bitabayibyo ngo ibibihugu bijehamwe imbarutso namateka yintambara yaga3 yisi birashitse uburundi kwisonga murikazoza kubazobabasigaye itabahitanye ndasavye abatazi politique bareke kwandika ibyobatazi kukosumwanya wamagambo uwuzikoyahungiye murwanda ntiyibaze nguburundi nibwo bweningorane musubiremwo ibyagiye bivugwa ukovyavuga hanyuma tumenyicogukora.ndangije nipfuriza amahoro urwanda nuburundi nkebura nababitegeka ngobabemaso kuko ntawuhishumwotsi inzu yamaze gushya.

  • Reta Twebwe Abarundi Twitoreye Ntidushobora Kwemera Ko Abanyamahanga Aribo Badusumya Kuyikunda Kudusumvya Izonteko Bavuga Nibazirungike Mu Rwanda Aho Abaza Guhungabanya Umutekano W’abarundi Baza Bavuye.Reta We Komera Kumuheto Abarundi Isinzi Turi Inyuma Yawe

  • nukuri naje reka mvuge bike kuvyonumvise icambere murabe neza ntibadusenyurire igihugu kuberako nabonyene bafise imigambi kandi muritwebwe abarundi ntawuyizi vyiza mwobankira kuko mbona botuzanira ivyago

  • ko bataje kare ubu bazoba baje gukoriki?ubu ibintu twaravyitunganirij tu tarinze kuzera inze.twebw abarund turabiyamirij kuko bagomba gutwara amazahabu yacu nkuko batwara igitoro co muri libye.nibaza tuzobakira nkabarwanyi en utilisant les armes àfeux kandi<<uworukarisha rwo mumwa>>

  • Haahh!!Abarundi tugeze aho umwansi ashaka kweli,none ko twese tuzi le rôle ya France muri Genocide yo mu Rwanda none bishoboka gute none ko la France n’Urwanda vyokorana mukuza mu Burundi ?!?

  • Abo Ntitubakeneye.Ndasubiramo.Abo Ntutubakeneye.Ndavuga Abapolisi Nvamakungu Ntabo Dukeneye

  • Abarundi mugeze kure ubwo mugeze aho kurindwa ni nteko mpuzamahanga mugeze aha somariya, centre Africa , Sudani yamajyepfo , DRC. Mwari mukwiye kwisubiraho kko izo ngabo ntacyo zizabamarira. Niba UN ishaka kohereza ingabo iwanyu ubwo Leta nuko yananiwe kubarinda kdi ni mugihe kko nta munsi ushobora gushira tudasomye mu binyamakuru umuntu wapfuye. Kdi mwazanga mwagira mute, umwanzuro kuva warafashwe ntimuzabyanga kurusha Kadafi bafatiyeho umwanzuro wo kurokora abicwagwa nimubyanga hazakoreshwa chaptre 7 to impose peace by force . Kuzana ingabo kungufu za UN kko byabananiye mwe.

  • Reke Baze Bamw Bamw Twohatorer Akoyoko

  • Ego nibaze badufashe abarundi turarushe twirigwa twicwa bufuni nabuhoro nibaze badukureko uwomugesera Nkurunziza.ONU barungike ningonga mumwomore

  • JEWE NDATANGAZWA NABO BAVUGA NGO NIBIHUGU VYIBIHANGANGE BISHAKA KURUNGIKA ABAPORISI MUBURUNDI NKUMUSHINGANTAHE ATARI UMUGABO YOKWINJIRA MUNZU YUMUGABO NUMUGORE NGONJE KUBAHANURA AKABA ARI AKABA ARI UMUGABO ? NUMUSHINGANTAHE. ABA ARUTWA NUWO MUGABO NUMUGORE WIWE BAZIGAMYE URUGO GWABO. MURAKOZE.

  • Mana Yacu Twebwe Abarundi Uuragutakambiye Abe Ariwewe Wirungikira Ingabo Zivuye mw’ijuru.Kuko Ntazindi Ngabo Zihari Zizoza Zirotabara Ubundi.Mana Nahawe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.