Accueil > Amakuru > Amashuri > Uburyo butegekanijwe bw’ikibazo c’umwaka wa gatandatu bwarabonetse
Uburyo butegekanijwe bw’ikibazo c’umwaka wa gatandatu bwarabonetse
dimanche 25 Rusama 2014
Umukuru w’umurwi ujejwe gutegura ikibazo co mu mwaka wa gatandatu, avuga ko ibikorwa vyo kwitegura biriko bigenda neza.
Abraham Mbonerane arongoye umurwi wo gutegura ico kibazo giheraheza umwaka wa gatandatu, avuga ko imiduga izokwunguruza ico kibazo yamaze gutegekenywa, ndetse n’igitoro kikaba caramaze gutegekanywa, imbere y’uko kiduzwa igiciro. Mbonerane akavuga ko abigisha, hamwe n’agahembo kabo bazoba bariko barafasha mu kugicungera, bikaba vyose vyaramaze gutegekanywa.
Mwomenya ko ico kibazo rero gitegekanywa gukorwa ku genekerezo rya 27 Rusama umwaka w’2014. Ibice bishika 70 kw’ijana vy’abanyeshure akaba aribo bategekanya gutora ico kibazo, bakazoca baja mw’ishure shingiro. Abanyeshure rero bagera ku 213,292 nibo barindiriwe gukora ca kibazo ca Reta giha uburenganzira abanyeshure bari mu mwaka wa gatandatu, bwo kuja mu mashure yisumbuye.
Aristide Nizigire