IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubushikiranganji bw’amashuri y’intango n’ayisumbuye bwatanze itariki yo (...)

Ubushikiranganji bw’amashuri y’intango n’ayisumbuye bwatanze itariki yo guherezako ibikorwa

jeudi 16 Mukakaro 2015

Ubushikiranganji bw’inyigisho mu mashuri y’intango n’ayisumuye,bumenyesha ko kw’igenekerezo rya 20 Myandagaro ibikorwa vyose bijanye n’amashuri mu Burundi bizoba vyarangiye.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kuwa gatatu igenekerezo rya 15 Mukakaro 2015,umuvugizi w’ubushikiranganji Juma Edouard ,yamenyesheje ko ibibazo vyose bitanga uburenganzira bwo kwunguruzwa bizokorwa kuri abo bose batabikoze kubera imyiyerekano yabaye.

Juma Edouard yavuze ko ku batakoze ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu mashuri yisumbuye,abari mu gihugu canke mu makambi y’impunzi bazogikora kw’igenekerezo rya 6 Myandagaro.

Ku kibazo gitanga uburenganzira bwo kuja muri kaminuza,Juma Edouard yavuze ko imyiteguro igeze kure,kandi ko ico kibazo kizokorwa kuva kw’igenekerezo rya 3 gushika kurya 6 Myandagaro.

Ubushikiranganji bw’amashuri y’intango n’ayisumbuye arashimira amashuri yamaze kurangiza intonde z’ivyigwa yaba ayari mu gisagara ca Bujumbura canke mu gihugu hagati.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.