IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuzima bwa Ndadaye Melchior, Perezida wa mbere yatowe n’abanyagihugu

Ubuzima bwa Ndadaye Melchior, Perezida wa mbere yatowe n’abanyagihugu

dimanche 6 Nzero 2013

Ndadaye Melchior yabaye umukuru w’igihugu wa mbere w’umuhutu yatowe n’abanyagihugu mu ntwaro ya demokarasi, yishwe mw’ijoro ry’italike 21 ukwezi kwa Gitugutu umwaka w’1993 maze amezi 3 ku butegetsi ahitanywe n’akagwi ka gisirikare katembagaje ubutegetsi.

Ndadaye Melchior yavukiye ku musozi Murama komine Nyabihanga intara ya Muramvya italike 28 ukwezi kwa Ntwarante umwaka w’1953. Yari imfura mu bana 10 ba se wiwe Piyo Ndadaye na nyina wiwe Therese Bandushubwenge. Yari yubakanye n’umukenyezi umwe Laurence Nininahazwe, bafise abana 3 : Guéva, Tika na Libertas.

JPEG - 8.5 ko

Melchior Ndadaye yatanguye amashure matomato mu mwaka w’1966 i Mbogora mu ntara ya Gitega. Kuva mu mwaka w’1966 gushika mu mwaka w’1972 yize kw’ishure nderabigisha ry’i Gitega. Yaciye ahava ahungira mu Rwanda kubera intambara yatanguye mu mwaka w’1972. Aho mu Rwanda niho yarangirije amashure yisumbuye kuri Groupe Scolaire y ‘i Butare kuva mu mwaka w’ 1972 gushika mu mwaka w’ 1975.

JPEG - 7 ko

Yatanguye kaminuza y’i Butare aho nyene mu Rwanda mu mwaka w’1975 gushika mu mwaka w’1980 mu gisata co kwigisha. Yatanguye akazi ko kwigisha mu mwaka w’1987 abikoranya no kwiga ibijanye n’amabanki gushika mu mwaka w’1992 mu gihugu c’u Bufaransa. Aca agira impapuro z’umutsindi 2, iyo kwigisha n’iy’amabanki.

JPEG - 6.8 ko

Melchior Ndadaye ari mubatanguje umuhari w’abanyeshure b’abarundi biga muri kaminuza y ‘u Rwanda ‘’Mouvement des Etudiants Progressistes Burundi (BAMPERE ) bari bagizwe ahanini n’abahutu, hari italike 3 ukwezi kwa Nzero umwaka w’1976, yahavuye arongora uwo muhari mu mwaka w’1979. Ari kandi mubatanguje umugambwe w’abakozi ‘’Parti des Travailleurs du Burundi (UBU).

Kubera ukutumvikana kuvyiyumviro ngenderwako vy’uwo mugambwe UBU, Melchior Ndadaye yahavuye awuvamwo mu mwaka w’1983 aca asubira mu Burundi italike 5 ukwezi kwa Nyakanga muri uwo mwaka nyene w’1983.

Ndadaye Melchior yabaye umwe mubantu bakomeye batanguje mu kinyegero umugambwe Sahwanya-Frodebu(Front pour la Démocratie au BUrundi) mu mwaka w’1986, niwe yanawutwara ico gihe gushika wemerewe n’amategeko mu mwaka w’1992.

JPEG - 7.2 ko

Uwo mugambwe Sahwanya FRODEBU wari wiganjemwo abahutu waragiye mu matora y’umukuru w’igihugu n’ayabashingamateka yabaye italike 1 na 29 Ruheshi umwaka w’1993. Watahukanye intsinzi ku majwi y’umurengera. Ndadaye Melchior atsinda uwo bahiganwa yarakomeye Major Petero Buyoya yari arongoye umugambwe w’abatutsi UPRONA ari nawe yari umukuru w’igihugu kubera yatembagaje akoresheje umuheto ubutegetsi bwa Colonel Jean Baptiste Bagaza bava mu ntara imwe ya Bururi mu mwaka w’1988.

Ndadaye Melchior n’umugambwe wiwe Sahwanya FRODEBU yari ashigikiwe n’imigambwe itatu mu matora yo mu mwaka w’1993 : PP,RPB na PL.

Ndadaye Melchior yaronse amajwi yatangaje abatari bake : ibice 64,79 %, Major Petero Buyoya bahiganwa yaronse ibice 32,47 %, uwa gatatu yabaye uwuserukira umugambwe PRP, Pierre-Claver Sendegeya yaronse igice 1,44 %.

JPEG - 12.5 ko

Nta gice ca kabiri c’amatora ciriwe kiraba. Umuhutu Ndadaye Melchior yaciye aba umukuru w’igihugu wa mbere yitorewe n’abanyagihugu mu matora ya demokarasi. Ibintu biba birahindutse kubera kuva mu mwaka w’1960 u Burundi bwikukira, hagumye hari intwaro za gisirikare z’abatutsi ari nabo bari bafise igisirikare mu minwe.

JPEG - 10 ko

Ndadaye Melchior yamaze ku butegetsi umwanya urume rumara. Yamaze amezi atatu gusa kuko mw’ijoro ry’italike 20 ukwezi kwa Gitugutu, akagwi ka gisirikare kaciye gatembagaza ubutegetsi bwiwe kabanje kumugandagura.

JPEG - 11.2 ko

Yiciwe rimwe na Pontien Karibwami,umukuru w’inama nshingamateka, Gilles Bimazubute, icegera c’uwurongoye inama nshingamateka, Juvénal Ndayikeza, umushikiranganji w ‘amakomine n’abandi ba somambike biwe.

JPEG - 10.8 ko

Muri iryo joro nyene u Burundi bwaciye bugwa mw’isanganya n’intambara y’urutavanako y’ihonyabwoko yahitanye abatutsi barenga ibihumbi 300 harimwo n’abahutu batemera uwo mugambi ugayitse w’ihonyabwoko ry’abatutsi nk’uko vyerekanwa n’icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU co mu mwaka w’1996.

JPEG - 8.6 ko

Imigwi yagwanira mw’ishamba yaciye ibica biracika. Intambara yahagaze mu mwaka w’2003 aho imihari yagwana yashira ibirwanisho hasi, muri iyo mihari harimwo CNDD-FDD wahavuye utahukana intsinzi mu matora yo mu mwaka w’2005 n’2010, amatora yashize ku butegesi umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.


Pierre Claver Niyonkuru

Portfolio

Messages

  • Iyo ntambara iburundi yararangiye cangwe irabandanyije?

  • Muraho,
    mfite ikibazo, kuki abarundi iyo muvuga mukunda kuvuga amoko yanyu??? ese umuhutu, umutusi, n’umutwa kubyongera kubo ugiye kuvuga nibwo bamenyekana neza?

  • Jewe ngomba nishure uyo abajije kukibazo c’amoko. Kuba batangurira kumoko nukugira ngo nabatamuzi neza basobanukirwe nuwo bariko baravuga. Jewe sinemera ko muburundi bohishahisha ikintu c’amoko kuko kirahari ntitumere nk’Abanyarwanda bavuga ko ntamoko abayo kandi ahari Hama reta yaho ikabandanya gucinyiza ubwoko bumwe igateza imbere ubundi ivyo sivyo iwacu muburundi ntitubigomba

  • Abahutu, abatutsi, abatwa none ko ABAGANWA mutabavuze!!!!!!
    Mbe abantu ba perezida (Bagaza, Buyoya) bo ntibaba bâtons ? Iyo myaka y osée bayobiye U Burundi. Yaco mwikoza isoni. U Rwanda muruvehi refuse uko rugenda kilo racine muri vyinshiii n’ukuli kwa mungu turashima cane gose aho u Rwanda rugeze lu kibao c’amoko. Tugire amahoro. Kaburame

  • YEMWE BARUNDI NIMWIVANEMO UMUTIMA WASURA AMOKO KUKO TWESE TURI UMWE MUFATANYE GUSHAKIRAHAMWE AMAHORO MWITEZE IMBERE MUBUKUNGU INTAMBARA NTACYO ZIZABUNGURA NAKIMWE .MWUMVEKO MWESE MURI ABARUNDI KIMWE MUVE MUBYABAHUTU ABATUTSI ,...... MUSHAKE IBYABAHUZA KURUSHA IBYABATANYA.

  • Ndashaka kumenya idon’ido ry’urupfu rwiwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.