IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ugufungura nabi bigiye gutuzwa mu kongereza akanovera mu mfungurwa

Ugufungura nabi bigiye gutuzwa mu kongereza akanovera mu mfungurwa

lundi 25 Munyonyo 2013

Ubukene, igwirirana ry’abantu, iduzwa ry’ibiciro ry’imfungurwa, ihindagurika ry’ibihe bituma umwimbu utaba mwiza. Kutamenya ivyankenerwa bikwiye vyo gufungura, biri muvyerekana ukudafungura neza nkuko vyari bikwiye.

Uburundi buri mu bihugu vya mbere kw’isi bibangamiwe n’inzara kurusha ibindi. Ibice 58 kw’i 100 vy’abarundi barageramiwe n’inzara ya minsi yose. Ababangamiwe cane akaba ari abana bari munsi y’imyaka itanu.

Mu ntumbero yo kwigira hamwe ikibazo co gufungura nabi mu Burundi, ishirahamwe mpuzamakungungu ryitaho ivy’ibifungurwa kw’isi, PAM, ryifadikanije n’ibiro vy’icegerea ca kabiri c’umukuru w’igihugu, ryatunganije kuri uyu wa mbere wa 25 Munyonyo 2013, uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro hamwe n’abo risanzwe rikorana.

Urwo ruganda rukaba rwari rwatumiwemwo abashingamateka n’abakenguzamateka kugira barabire hamwe akamaro ko guha akanovera k’umfungurwa mbumbarugo zirimirwa hano mu Burundi mu ntumbero yo kurwanya gufungura nabi.

Deo Guide Rurema, arongoye umugambi ujanye no gufungura neza, SUN “Scaling Up Nutrition” mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza urwo ruganda, yavuze ko ikibazo co gufungura nabi mu Burundi kitakiri gusa mubiraje ishinga Leta, ariko ko kiri no mu vyashizwe imbere, haba mu Burundi no k’isi yose. Leta y’Uburundi, ikaba iriko irakora ubu ibishoboka kugira ibitigiri vy’abafungura nabi bigabanuke.

Nkuko Rurema yabimenyesheje, mu matohoza yakozwe, urugo 1 kuri 5, mu Burundi, ntirufungura ukwo vyari bikwiye. Intara ya Ngozi akaba ariyo iza imbere y’izindi mukubangamirwa n’ugufungura nabi. Ivyo bigaturuka kwigwirirana ry’abantu rinini ryiboneeza muri iyo ntara.

Uguha akanovera ibifungurwa biribwa mu Burundi mu kwongeramwo ivyunyunyu (Fortification des aliments) , akaba ari umwe mu migambi yatowe yozanira inyishu ikibazo co gufungura nabi mu Burundi. Uwo mugambi wo guha akanovera ibifungurwa ukazotangura gukorwa kw’ifu y’imyumbati, y’ibigori n’ingano kuko arivyo basanzwe bifungurwa cane mu mice nka yose y’Uburundi.

Mu Buryo butatu busanzwe bukoreshwa mu guha akanovera ibifungura, guha akanovera hakoreshejwe ubuhinga bwo mu mahinguriro « Fortification industrielle » akaba aribwo buzokoreshwa hano mu Burundi.

Akamaro ko guha akanovera ku bifungurwa vyari bisanzwe bifungura batarinze kwongeramwo ivyinyunyu, ni akahe ?

Louis Laleye, umuhinga yigenga muri PAM, avuga ko kwongerereza akanovera mu bifungurwa mbumbarugo, bizotuma ababifunguye bagira amagara meza gusumba kuko bazoba bafunguye ibifise ingaburo zikwiye , haba ku bakenyezi canke ku bana. Ivyo rero vyongerereza umwimbu biteze imbere igisata c’ubutunzi.

Nkuko Isabelle Djossa, umuhuza mpuzamakungu wa SUN/REACH (Facilitateur international) yabimenyesheje, umugambi SUN, usanzwe uhuza Leta, amashirahamwe yigenga, amashirahamwe mpuzamakungu, abafasha, n’abandi mu gutorera inyishu ibibazo bijanye no gufungura nabi, niwo ugiye kubandanya ufasha mu kugarukira ikibazo co gufungura nabi mu Burundi. Imice nayo SUN izofashamwo, hari nko mu burimyi, kugira ibifungurwa vy’akanovera bironkwe na bose, gufasha kuronsa amazi abanyagihugu, gufasha kuronsa ubumenyi abana mw’ishure, hamwe no guteza imbere umukenyezi kuko ariwe nkingi yiterambere.

Mu bibazo vyagiye birabazwa n’abashingamateka, yuko uwo mugambi wokwongereza akanovera ibifungurwa uzohava utuma ivyo bifungurwa vyatowe bizimba abantu ntibasubire kubifungura. Abatanze icirwa bahumurije bavuga ko ata n’ibice cumi kwi jana bizokwiyongera ku mafaranga bizogura.

Mwomenya ko imwe mw’ihangiro Uburundi bwihaye kubijanye no gufungura, ariko igitigiri c’abafungura nabi mu Burundi kigeze ubu ku bice 58 kwi 100, coja ku bice 47 kwi mu mwaka w’i 2017.


BUKURU Mariella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.