Accueil > Amakuru > Poritike > CNDD FDD yatanguye gucanamwo ku bw’ikiringo ca gatatu ca Petero (...)
CNDD FDD yatanguye gucanamwo ku bw’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza
lundi 12 Nzero 2015
Uwahoze ari umukenguzamateka, Richard NIMBESHA ntatahura insiguro zatanzwe n’umukuru w’umugambwe CNDD FDD Pascal NYABENDA aho yamenyesha ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu 2015 azoba amaze ikiringo kimwe gusa c’imyaka itanu. Uwo mukenguzamateka yatowe mu ntara ya Bubanza amenyesha ko abagumyabanga bamaze kurungika mu matora Petero Nkurunziza incuro zibiri, ko niyahirahira agasubira kwitoza ko batazovyihanganira.
Richard NIMBESHA, yahoze ari umukenguzamateka ubu akaba akora mu murwi CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo, yashize ahabona ko we n’abandi bagumyabanga bashigikiye intwaro rusangi, batazokwemera ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asubira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, kuko ibiringo bibiri ahabwa n’amategeko azobirangiza mu kwezi kwa Myandagaro 2015. N’aho umukuru w’umugambwe CNDD FDD Pascal Nyabenda yasiguye ko Petero Nkurunziza asigaranye ikindi kiringo c’ukwitoza, umukenguzamateka Richard NIMBESHA siko abibona. Uwo mugumyabanga wa CNDD FDD asigura ko muri uwo mugambwe bamaze kurungika Petero Nkurunziza kwitoza incuro zibiri, akamenyesha ko ikiringo kimwe cose kirangwa n’ukurahira, umukuru w’igihugu nawe akaba amaze kurahira kabiri.

Petro NKURUNZIZA yasabwe kwubaha amabwirizwa y’Imana
Umukenguzamateka Richard NIMBESHA yibutsa ko Petero Nkurunziza nk’abandi bagumyabanga bose yemera ko Imana ifise ikibanza ca mbere mu mugambwe CNDD FDD, hamwe n’ikibanza c’iteka mu buzima bw’umuntu wese. Richard Nimfasha ati : "Turemeza ko adashobora guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana, na cane cane ibwirizwa ry’umunani rivuga ngo ntubeshe hamwe n’iry’indwi riviga ngo ntiwibe. Umuntu twabonye asenga Imana, akayishimira uko umwaka utashe, yokwubahuka gute kuvuga ko amaze ikiringo kimwe, yohakana gute ko amaze kurahira kabiri imbere y’abarundi n’amakungu? Ikiringo c’umukuru w’igihugu gitangura iyo arahiye imbere y’abarundi kigahera inyuma y’iyindi ndahiro y’uwundi yaje ava mu matora, none NKURUNZIZA amaze kurahira kabiri, ni ukuvuga yarahejeje ibiringo vyiwe bibiri."
Richard NIMBESHA akamenyesha ko mu gihe Petero Nkurunziza yogaruka kwitoza azoba ahemukiye abarundi, azoba abeshe, kandi azoba yivye ikiringo ca gatatu. Uwo mugumyabanga wa CNDD FDD ati : "Uko tumuzi, n’ukuru nta mukuru w’igihugu cacu Petero Nkurunziza ashobora guhemukira Imana abarundi! Bishitse naho, abagumyabanga twemera Imana kandi tucubaha amabwirizwa yayo turi benshi ntitwobimwemerera." . Umukenguzamateka Richard Nimbesha asaba ko mw’ikoraniro rizotanga uwuzoserukira umugambwe CNDD FDD mu matora y’umukuru w’igihugu batosubira kuzana izina rimwe, bazoshikirize menshi Abagumyabanga ba CNDD FDD bihitiremwo uwo bashaka.
"Umugambwe CNDD FDD ntiwamutumye"
Mu mugambwe CNDD FDD baciye bihutira kugira ico bashikirije kuri ivyo vyavuzwe n’uwahoze ari umukenguzamateka Richard NIMFASHA, bakamenyesha ko ivyo yashikirije ari ku gatwe kiwe, kuko umugambwe utamutumye. Onésime NDUWIMANA, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD amenyesha ko uwuzoserukira uwo mugambwe azotorwa mw’ikoraniro kaminuza, kandi ko abavuga ko yamaze kurangiza ibiringo, borindira insiguro z’abanyamategeko. Onésime NDUWIMANA ntatomora namba Petero Nkurunziza yoba azosubira kwitoza, akaba ariko yemeza ko agisigaranye ikiringo kimwe. Ku kibazo c’uko uwo mugumyabanga wa CNDD FDD yoba azozira kuba yerekanye ku mugaragaro ko adashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, umuvugizi w’uwo mugambwe asigura ko ari uburenganzira bwiwe bw’ukugira ico ashikirije nk’uwahoze ari umukenguzamateka, akaba kandi ari n’umugumyabanga wa CNDD FDD.
- Onésime Nduwimana, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD
Egide Nduwimana
Messages
12 Nzero 2015, 12:52, par ndoreraho
aha ha ha ha! aba dd bagize ngo baciyemwo ADC IKIBIRI, none nabo nyene bariciyemwo yemwe!!!
12 Nzero 2015, 12:54, par zuzukeya
ewe uri nibesha koko: menyako igihugu ntigitwarwa nindahiro gitwarwa nuwabanyagihugu twatoye twe abanyagihugu twamutoye 1gusa urumva ko dusigaye kumutora irindi1 nyuma yaho uzovuga tukumve
12 Nzero 2015, 13:16, par KABUGA
ni mureke kuvuga ivyo mwishakiye kuko murazi ko atitoje hotakara amajwi arenga 20%. Ariko malgré ça, hako vyotera intambara yobiheba. Ingorane ziri muri CNDD-FDD ni uko Imana yabaye nka biougie barondeza ikintu kibonetse bagaca bayizimya. Yabashikanye ku butegetsi abenshi muri bo baraheza bisuka mu gusambana, kwiba, kwica, gukumira, akarenganyo, akagaye, guhemuka, amacakubiri y’intara, ubwoko, igitsina carahambariye ibara aho abenshi muribo umugera wuzuye, sinobiheza..... kwinjiza abantu baranzwe na kahise kabi, ibiturire...
12 Nzero 2015, 13:18, par Akex
Jewe sindibaza kwari ugucanamwo.kuko harabantu bubahiriza amategeko!nayo umuntu atubahiriza amategeki niwe mwasi wigihugu.
12 Nzero 2015, 14:55, par husein
nukuri CNDD FDD turayikunda,ariko ntimutumaramaze CNDD mufise incambwenge nyishi cagura uwundi mugumyabanga abariwe azoduserukira.
12 Nzero 2015, 15:22, par matana
je we mbona yavuze ikuri ko atokwihenda ngo yitoze irigira gatatu nimba akunda abarundi nu Burundi . kuko yaba akwegeye abarundi cane cane aba CNDDFDD Mungorane zitagira izina . turiho turashobora kwitoza .
12 Nzero 2015, 15:34, par Nuwera
Muburundi murakwiye gutahura icobita freedom speech, democracy nibindi biranga igihugu kirimwo ukwishira nokwijana nkuburundi, Nagombakubabwirako uyumuntu avuze uciyumbirociye mubamukwiye kumenyako afise umurenganzira bwokuvuga icumuntu adafitiye umurenganzira nugufatinkoho akajakurasa uwowibazako mudahije ivyiyumviro, Birababajerero kubona muciyemutangura kumwagiriza ngo azanyibintu vyogucanishamwo aba CNDDFDD! Hanyuma nawenyene ntarindeguhogora ndizeyeko icociyumviro ciwe CNDDFDD igihe cinama yokutegura umukandida wokuzoyiserukira mumatora nacobasogishirakumeza kandinizeyeko uyumukenguzamateka kwatazobarikure iconomubwirarero yorema kuvuga akarikumutimarero umwantumwe nivyiza uyundimwanya harihigihe ucumengo urinyamwigendako urumuntu utagura umurwi utangiramwo ivyiyumviro mbere yokujagusemerera mwibarabara abakeba bagaca batangura kukwagirizako urimwo uracanishamwo abomusangiye imbanga nagombakubabwirako.
12 Nzero 2015, 16:03, par Iyumenya
Ahari abagabo ntihagwa ibara NIMBESHA ndizera ntashidikanya ko avuze ukuri naho abavuga ko acanishizemwo aba CNDD-FDD,ni babagabo ba niryo.NKURUNZIZA niba koko ari umukristo nako ari umukozi w’Imana ashaka gushika kuki kandi azi neza ko kubesha ari icaha kingana no kwica! avuze ukuri .Imana ibandanye kumuzigama
12 Nzero 2015, 16:05, par Nwari
Aho nisiwa barAtaguye kwerekana ko atari,imbudega bose ko harinabandi bagabo bafise amavya atari nkurunziza wewe nyene
12 Nzero 2015, 18:52, par ntibibaho
Ivyonivyo mwibesha nkabaherukwa kwicwa bisikanye biswenabande ahoho abarundi twobaturibijuju ngonugutora pita muribesha
12 Nzero 2015, 21:02, par Christian Uwashishwe
hahahaha birashushe, mbega mwari muzi ko les vrais opposants ba cndd-fdd bari muri uwo mugambwe nyene.Certains preferent se taire pour ne pas avoir des probleme apres. Peter niyegere abandi president muri ceni kuko niyishinga za SIHA ziguma zimurindisha ngo nabandanye ikindi kiringo, azoba y-ugururiye umwango ubukozi bwikibi , akajagari, ububisha kandi vyomugora kubivamwo nubwo yibaza ko afise ingabo rutumwako. Nizere ko bitazogera aho umukuru w- igihugu yiyumvira kwongera kwitoza, kuko les burundais ne tolerent pas ababafafa nkwibitambambuga
12 Nzero 2015, 21:28, par ndayi
ndagushimiye cane hamwe hobahari andi bagumyabanga bafise ukuri nkawe nabagire nabo icobavuz wanka kuvuga ukiri ukuzi<>none nkurunziza aba dd niwe gusa bagenderako mbebatinyiki bavuga kobakomeye niberekane koko kobakomey batomore neza kwatazogaruka ubwagatatu tubimeny ahandihoho bazoba berekany kwatawundi bafise tandi batinya gutsindwa muga ntagutsinda kwaba dd jewe mbona gusa bosezera neza vyobavyiza.
12 Nzero 2015, 21:47, par solo
nimba nawe ari umuntu arondara ineza yuburundi nahereze uyundi turafise benshi botwara igihugu kikagira umutekano yemwe mwaba president mwe murihaye akamenyo uko kudashaka kubisikanya nabandi niko kwerekana ko batajako kuneza y’ igihugu bakorera inyungu zabo, kuko kugeza uno musi ntitwizera indongozi zumugabwe wacu kuko igituma ivyo biba nuko umugambwe urikutwagwa nabantu batazi kahise kawa mwara duhe mukiye so now we need change!!!
12 Nzero 2015, 22:30, par mukobwajana
ABA DD KANURA IGIHE MWANIGIWE NI KERA NIMBA MUSHAKA KO IGIHUGU KIDATWAGA N ABANTU NKA BA ADOPHE EEGA NIKO BIZOGENDA ,,,
13 Nzero 2015, 11:21, par Dary
Uyu mugabo Richard NIMBESHA wahoze ari Umukenguzamateka watowe muri Bubanza je ndunva avuze ukuri nubwo yakuzira. Ese ubundi, abo ba DD bavugwa babuze undi mugabo yatangwa kumugabane wokuzakwitoza kuba umukuru w’igihugu cu Burundi koko pe ?
Ese iryo sishano ra kunva umugambwe nkuyo nunva ngo urakomeye kandi ngo uri kubutegetsi utagira undi mubabo yahagararira mbese igihugu ! Abarundi mwoye kwisuzuguza.
13 Nzero 2015, 14:30, par Mandela
Haragezeko ibintu bihinduka namwe mwaranizwe.
13 Nzero 2015, 16:01, par SIKITU
NKURUNZIZA NIMBA ARI UMUSHINGANTAHE IFUZA GUSIGA IRAGI RYIZA AKUBAYIFUZA KO TUMUGIRA AKARORERO KEZA MUGIHUGU NKUKO YABIVUZE NGUMUROMGOZI MWIZA NUWUGIRA ICO ASIZE BAZOMWIBUKIRAKO MUMUGAMBWE NIBATORE UWUNDI WINCABWENGE YITOZE NONE NTAWE BAFISE?
13 Nzero 2015, 22:19, par Nkundubrundi
Nagira nisabire umuntu umwe mubasoma uru rubuga yibutse abarundi ijambo Musenyeri wa Anglican yavugiye mu Kigobe bamaze kubasengera imbere y’uko Nyenicubahiro Nkurunziza arahira muri 2005. Jewe ndacibuka urufaya rw’amashi n’agatwengo vyasamiranye mu Kigobe Msgr amaze kurivuga.
Nisabire uwuvyibuka abitubwire, kuko iyo numvise ivya Mandat za President haraho ngira ngo ni ivyo narose. Murakoze
14 Nzero 2015, 23:37, par heritier
ico nobasaba abo ba cndd nuko bocisha ukuri aho ruciye bakumvikana kuko bose nibene mugabumwe.
15 Nzero 2015, 11:11, par devote
Mbega ko muvuga ngo mwamutoy rimw gusa,gutorwa rimwe ryo ntirikwiye mû gihugu c’abantu miliyoni 7?erga no gutwara 5 ans gusa utway nabi birarusha mbe ndareka gutwara 10!!!!!iyo uwutwara abony batanguy kumuvuma aba akwiy gukinjura ata mpari nyishi zirabanza kuba.kuba rero hari abavuga ngo yatow rimw n’abarundi ntaco vyari bitway,na cumi bikunz bomutoy yerekany ko adatwarira inda yiwe gusa.so,pour dire que ’ubugabo burihabwa’ico wamaze nico kigucira urubanza.nakinjure tugeragereze ahandi kuko turarusheeeeeeee!!!!!!!!!!
15 Nzero 2015, 11:29, par Revocat
erega ntamategeko akenewe gusomwa twese turazi kandi turemera ko petero amaze kurahira 2fois imbere yabarundi na (makungu.kubwico visage yiw nizina ryiw ntiturikeney muri 2015
20 Nzero 2015, 08:36, par lolou
mwese ntajambo mufise imana niyo itanga umutegetsi mwimeneriki umutwe ni murindire mbe imana niyongera kumuteriteka muzomwanka ko ariwe yaduhaye ngo akurigihugu mu manga cari kimazemwo imyaka myishi
20 Nzero 2015, 09:17, par Mupepe Me vent
Ba nyepolitike ni mwikebuke. MBE mutinya izina Nkurunziza canke mutinya ivyo yakoreye abanya gihugu.?Ntimurondere ingorane aho zitari.Ni mwiyandikishe abanyagihugu bitorere.Ahubwo no mureke kuvugishakarimi mwerekane ibikorwa nka Bayaganakandi arikwarakura abanyagihugu mu bukene.Bayaga arakibatwaranye.Komera Ku muheto .Dukeneye abantu nkabo ntabakene go gutwara igihugu kandi. Who gutezimbere igihugu baguma bagisahuru. Ese tworonka bane nka Bayaga bazana amahinguriro. Abo bakarimi gusa nukubavako.
20 Nzero 2015, 09:30, par Mupepe Me vent
Ba nyepolitike ni mwikebuke. MBE mutinya izina Nkurunziza canke mutinya ivyo yakoreye abanya gihugu.?Ntimurondere ingorane aho zitari.Ni mwiyandikishe abanyagihugu bitorere.Ahubwo no mureke kuvugishakarimi mwerekane ibikorwa nka Bayaganakandi arikwarakura abanyagihugu mu bukene.Bayaga arakibatwaranye.Komera Ku muheto .Dukeneye abantu nkabo ntabakene go gutwara igihugu kandi. Who gutezimbere igihugu baguma bagisahuru. Ese tworonka bane nka Bayaga bazana amahinguriro. Abo bakarimi gusa nukubavako.
19 Ntwarante 2015, 11:20, par Majambere claver
Icombona kimwegusa gikwiye nukubaha ibwirizwa shingiro ntihagire uwucakubiri namategeko
22 Ntwarante 2015, 12:26, par J Baptiste
Every Body Want To Govern;mr Peter Nkurunziza Knows That Others Need To Be At This Desk So He Can Imagine The Years That He Govern The Contry Of Burundi And Give Them If He Loves Their Peoples And His Contry ;he Heared That The Pupil Of Burundi Will Die Without Stay None.This Is Of My Advices .Thanks A Lot. J .B.
22 Ntwarante 2015, 12:27, par J Baptiste
Every Body Want To Govern;mr Peter Nkurunziza Knows That Others Need To Be At This Desk So He Can Imagine The Years That He Govern The Contry Of Burundi And Give Them If He Loves Their Peoples And His Contry ;he Heared That The Pupil Of Burundi Will Die Without Stay None.This Is Of My Advices .Thanks A Lot. J .B.
27 Ndamukiza 2015, 06:24, par Ndikumana Josias
Ndikumana Josias Wo Murutana Komine,musongati Jewe,combona Noterera Nukoboheba Imishamirano Ahumbo,nabonyene Nibitozekandi Bakoreshe Amanama,bababwire Kuntubazobatora Ayahandiho Nibaguma mumajambo Yimyiyerekano Siwomuti,nabonyene Nibahiganwe None Nibaguma,mumabarabara,umutiwavyonuwahe?
15 Rusama 2015, 13:56, par Namweru Kennedy
Jewe Icombona Nimba Koko Akunda Igihugu Nabene Gihugu Nahe Abandi . Nivyisoni Kubona Dusigaye Twirirwa Mumazu Twahora Twirirwa Mu Masomero .Ingaruka Yivyo Izomujeko Mw’izina Rya Yesu Amen
23 Rusama 2015, 16:10, par Havyarimana
Niyumvirako Yohagarika Mandaya 3
29 Rusama 2015, 15:50, par mugiraneza
ahubwo babuze gusanamwo urazi ayo baburiye abarundi
30 Rusama 2015, 21:44, par DAVID MKENYA
KUBERIKI BATOMUREUMUKURUWIGIHUGUAKABANDANYAATWALAIGIHUGU.AHUBWO NIYIRAMBIRE