Accueil > Amakuru > Poritike > Umubano hagati ya FRODEBU Nyakuri na CNDD-FDD ubandanya utosekara
Umubano hagati ya FRODEBU Nyakuri na CNDD-FDD ubandanya utosekara
mercredi 20 Myandagaro 2014
Mu gihe urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD zimaze iminsi zitungwa agatoke n’abanywanyi b’umugambwe FRODEBU Nyakuri iragi rya Ndadaye ko babatoteza, David Niyoncungu aserukirira urwaruka rwa FRODEBU Nyakuri asaba Imbonerakure guhagarika ivyo bikorwa vyo gutoteza abandi.

Ivyo uwo mukuru w’urwaruka rwa FRODEBU Nyakuri akaba yabivuze, mu gihe amabendera y’umugambwe wabo yibwe, nko muri komine ya Muhuta, Nyabiraba na Mutimbuzi. Ibindi vyononekaye, akaba ari ingoro z’uyo mugambwe mu ntara ya Bujumbura zirononwa, aho zakuweko ibicapo, n’amajambo yanditseko. Uwo mukuru w’Inserukarukamvye z’umugambwe FRODEBU Nyakuri akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko atabandi bagiriza kubiba amabendera canke guhanagura ibicapo ku ngoro z’umugambwe wabo atari abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi wa CNDD-FDD. Avuga ko imbonerakure zifashanije n’abandi banywanyi b’uwo mugambwe bakototeza abandi, mu ntumbero yo kubabuza kuja ku rubuga bose.
David Niyoncungu agahanura bagenzi we basangiye basangiye urugamba rwa poritike cane cane b’Imbonerakure za CNDD FDD, kutaza barahendwa mu gutoteza abandi. Abasaba gukubitiza agatima mpembero,bibuke ibiriko birashikira uwari arongoye urwaruka mu gihugu ca Cote d’Ivoire aho, ubutungane mpuzamakungu bwamufashe, ku vyaha yagirizwa vyo gutoteza agateka ka zina muntu. Tukabibutsa ko imibano hagati y’abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD hamwe n’umugambwe FRODEBU Nyakuri utifashe neza mu ntara zitandukanye, aho hamaze iminsi havugwa ukutihanganiranira mu vya poritike.
Aristide Nizigire
Messages
20 Myandagaro 2014, 13:53, par mukobwajana
NONE ABO BAHUTU BASHAKA IKI KUKO BATOTORA ABAHUTU BAZIMA BAZI DIPLOMATIE N UBWENGE IVYO BIDOMA VY ABA DD BABAHAYE IKI ATARI INKONI NA BAKURU BARABAKUBITA MURABAZA ABABIZI MURI PERMANANCE IRYA YO MU GANGARA INGENE ABAKURU NTAVUZE BARYAMIRA UMUNANI !!!!!!!ARIKO MWE MWUMVA ABABILIGI BARAGIYE ..HASIGAYE ABAHUTU B ABAZUNGU RERO BA DOLOFO N ABANDI HAAAA