Accueil > Amakuru > Umugabo n’umugore wiwe n’umwana wabo bafunganywe mw’ibohero rya (...)
Umugabo n’umugore wiwe n’umwana wabo bafunganywe mw’ibohero rya Mpimba
samedi 12 Nzero 2013
Amezi 21 araheze umugore n’umugabo wiwe bafungiwe mw’ibohero rikuru rya mpimba. Abo nabo ni uwitwa Nsengiyumva Denis yahora ari umupolisi w’inyamiramabi mu ntara ya Makamba n’umukenyezi wiwe. Abaharanira agateka k’abafunzwe bavuga ko ifungwa ryabo ridakurikije amategeko.
Nsengiyumva Denis yahoze ari umupolisi w’inyamiramabi OPJ muri komine Nyanza-Lac intara ya Makamba arikumwe n’umukenyezi wiwe Ndayisaba Imelde, bafashwe italike 23 Ntwarante umwaka w’2011, haciye indwi 2 baca baja gufungirwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba .
Bagirizwa kwiba bakoresheje amayeri ico bita mu gifaransa escroquerie. Bamaze kwitaba imbere ya sentare incuro 7 bataburana bivuye ko idosiye yabo idakwiye canke hakagira abasiba mubo basangiye icaha.
Uwo muryango ufise abana 5, akana gatoya karikumwe na nyina mw’ibohero.
Ishirahamwe APRODH ryitaho agateka k’abafunzwe rivuga ko uwo muryango ufunzwe hadakurikijwe amategeko kuko ngo urubanza ruguma ruteba kuburanishwa.
Pierre claver Mbonimpa arongoye APRODH avuga ko imvo zituma urubanza ruguma rwigizwa inyuma zidafashe, agasaba ubutungane kubahiriza amategeko.
Pierre Claver Niyonkuru
Messages
22 Kigarama 2015, 23:53, par nizeyimana maria
Aha ivyiburundi biratugoye ubwicanyi bwobwo barabuzi kudatinya. Numwana kandi arakazoza kigihungu. Nibabarekure bazoze. Kumburana bavamuhira. Canke uburundi bwifyuza iki ?