IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umugambi wo kwinjiza abakobwa mu gisirikare urashima ivyo umaze (...)

Umugambi wo kwinjiza abakobwa mu gisirikare urashima ivyo umaze kurangura

vendredi 18 Nzero 2013

Umugambi wo gutsimbataza umutekano mu gisirikare c’uburundi DSS mu ncamake umaze kurangura ibitari bike kuva utanguye nko mubijanye no kwinjiza abakobwa hamwe no kubaka inyubakwa zitandukanye harimwo ugutandukanya abigeme n’abahungu mu buraro bwa kaminuza y’igisoda ISCAM.

Kuri uyu wa gatanu niho igisirikare c’u Burundi cashikirizwa iyvaranguriwe mu mugambi DSS wo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi ukaba ari umugambi wo guteza imbere inzego z’umutekano. Muvyaranguwe haraguzwe imiduga yo kurwanya imicafu, harubakwa amazu azorangurirwamwo ibikorwa vya gisirikare bitandukanye bikazotuma igisoda kitazosubira gukotesha amazu vyahora bitwara amafranga menshi.

Uwo mugambi watanguye mu 2009 ukaba watanguranye n‘imigambi ijanye no kuva muntambara nk’ukunywanisha abasirikare n’abanyagihugu no gusubiramwo igisoda mubijanye no kunganisha ibitigiri ufatiye kubwoko n’ibitsina.

Igisirikare c’u Burundi kigizwe n’abasirikare barenga ibihumbi 25, uwo mugambi ngo watumye hinjira abasirikare b’abagore barenga 150 bafise amapete atandukanye hari intwazangabo,ibisongerezi n’abasirikare batobato, ariko ngo baracari bake kuko bashika igice 1 kw’ijana. Abarongoye uwo mugambi biteze ko hari n’abandi bagore n’abakobwa bagiye kwinjira mw’iyinjizwa ry’abasirikare bashasha bariko barinjira.

Igice ca kabiri, nico catanguranye n’ibikorwa vy’iterambere bijanye no gukarihiriza ubwenge abasirikare, gukomeza sentare ya gisirikare, kubaka amazu mukigo ca kaminuza y’intwaramiheto ISCAM azokwakira abanyeshure b’abakobwa bazoba baje kwinjira muriyo kaminuza hamwe n’abigeme bo muri East African Community bazoba bifuje kuza kwiga ISCAM mu Burundi, n’izindi nyubakwa zizokoreramwo ubuzi butandukanye.

Ivyo vyose bikaba bimaze kuronswa amafranga agera kumiliyaridi 21 mu yangana n’imiriyaridi 30 yemewe na Reta ya Pays Bas muri uwo mugambi DSS nk’uko bimenyeshwa n’uwujejwe uwo mugambi mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi Colonel Louis Pasteur MUSONGERA. Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yashikirije ivyaranguwe asaba abagiye gukoresha ivyo bikoresho bitandukanye kubikoresha neza kugira uwo mugambi ushobore kuja mungiro.

Muri uwo mugambi, uko imyaka ibiri iheze, igihugu ca Hollande kiraraba aho ishigwa mungiro rigeze kugira gitange ayandi mahera akoreshwa mugice kiba gikwirikira.
Abize ibijanye no gushira mungiro uwo mugambi bakaba baronkejwe impapuro z’imitsindo. Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu akaba yaboneyeho kubaha impanuro zibafasha gushira mungiro ivyo bize kugira igisirikare kize kihungukire vyinshi.

Uwo mugambi watanguye mu mwaka w’2009 ukaba uzoherana n’umwaka w’2018 ariko bigashoboka ko basubira gushirako umukono kuyandi masezerano atuma uwo mugambi ubandanya ufasha igisirikare c’uburundi.


Reverien Bazikamwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.