IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD FDD uriyamiriza ivyashikirijwe na Human Right (...)

Umugambwe CNDD FDD uriyamiriza ivyashikirijwe na Human Right Watch

lundi 23 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Umugambwe CNDD FDD ubona ko ivyagirizwa uwo mugambwe ari ibihuha n’amakuru y’ibinyoma ariko arakwiragizwa ata kindi bigamije atari ukurondera gucanishamwo abarundi, na cane cane Abagumyabanga.

Mu nama umugambwe CNDD FDD watunganije kuri uwu wa mbere, ku cicaro cawo ku rwego rw’igihugu, inama yari yatumiwemwo abaserukira uwo mugambwe mu ntara zose n’amakomine yose y’igihugu c’Uburundi, icegeranyo casohotse inyuma y’iyo nama kimenyesha ko abagiriza uwo mugambwe bafise imigambi y’ugutoba amatora.
Uwo mugambwe ukaba wiyamirije wivuye inyuma ivyagiriji vy’ishirahamwe Human Rights Watch, hamwe n’abashingamateka b’ubumwe bwa buraya, bagiriza Imbonerakure za CNDD FDD ibikorwa vy’uguhohotera rya kiremwa muntu hamwe n’abo badasangiye ivyiyumviro muvya poritike. Muri CNDD FDD bati : "Abagiriza Imbonerakure za CNDD FDD ni abashaka kuzambika iceyi.", ahubwo uwo mugambwe ukibutsa abarundi n’amakungu ko umuntu wese akoze icaha agikurikiranwako ku gatwe kiwe.

JPEG - 108.2 ko
Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD FDD

Nk’uko tubikura mw’itangazo ry’ubuserukizi bukuru w’umugambwe CNDD FDD, uwo mugambwe wasubiriye gutera ivyatsi ubwicanyi bwakorewe ba babikira batatu bo kuri Paruwasi Guido Maria Conforti yo mu Kamenge, ugasaba inzego zibijejwe kubandanya amatohoza kugira ukuri kuje ahabona, abakoze burya bwicanyi, abafashije n’ababuteguye bamenyekane, bongere bakubitwe intahe mu gahanga.

Kuva mu gatondo iyo nama igitangura, hari amakuru yavuga ko abo baserukira CNDD FDD mu ntara n’amakomine yose boba bahava bavugana ivy’uwuzoserukira uwo mugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu. Ariko muri uwo mugambwe babihakanye ko bitari muvyo barabiye hamwe, bamenyesha ko uwo umugambwe CNDD FDD uzoshira imbere mu matora y’umukuru w’igihugu azova mw’ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe ritegekanijwe mu misi iza, naho batavuga igenekerezo iryo koraniro kaminuza rizoberako. Amakuru avugwa ariko n’uko ico kibazo coba cagarutse muri iyo nama, n’izina ry’umushingamateka Yeremiya Ngendakumana yahoze arongoye CNDD FDD rikaba rinuganurwa mubashobora kwizerwa, akarungikwa guserukira umugambwe CNDD FDD mu matora y’umukuru w’igihugu.


Egide Nduwimana

Messages

  • PANGA AKARERE MUTAMA MUKWAGATANU SITWE TUZOBONA HARAGEZE

  • Kora’natwe’turinyumayanyu.

  • Muti uwagirije CNDD FDD aba ariko aratoba amatora? None uwo mugambwe niwo CENI? Uwagirije amaradiyo amwamwe yigenga, societe civile, RANNAC hamwe na ADC ikibiri nawe aba ariko aragira iki? Jewe mbona icoba ciza umuntu yokwerekana ivyo yagirizwa ukuntu atarivyo.

  • none ganyabenda pascal kwarimwe mujejwe igihugu vyokwagirizwabande naburya vyamabibananira kugiramatohoza mugatangura kubita kumaradio namashirahamwe?nimureke kwitezisoni.mugabojew ndabemera kucokwica nugusahura muracarabambere kwisiyose. nn nkugutanga umusazi ngoniweyishe ababikira ntimubona kwarimwebasazi?

  • MBE DD IGEZE AHANTU IDASHOBORA KWIKURA NKURUNZIZA ,NONE NTA WUNDI UKO NIKUBA NKA BA KABURUNGU KURI KABIZI????NONE NTA SONI KO MUMEZE NK IBINYONI !!!EMWE REKA MUZOGIRA INGORANE!!!!ZANA UWUNDI ABARUNDI BARUSHA NKURUNZIZA BARUZUYE >>>>>!!!!!

  • Wew wiyita james hamwe na sihondi uyo pascal wanyu akora canke apanga muraya matora bacemwo ntizokunda kuk ibisaka vyimbwa vyarahiy nimba nimba mushaka koo uburundi buhinduka umunyota hangee bagabo nimba mukunda imiryango yanyu

  • Aba candidats baruzuye: Kaburungu, Yobu, Emmanuel, Joachin , Dieudonné n’abandi....................benshi!!!!!!nkaba Muhevyi Côme/

  • Uyumugambwe CNDDFDD, uramaze kwenekana kufise abantu biryamunyo, nayiyindimigambwe nugutera bakitabiragusa nkababategetsi bohakurya yakanyaru umuguruwohejuru yavuga ikintuciza canke kibi bagumabamukomera amashigusa! CNDDFDD URIGUHANGANGE.

  • Hahahaha uyo mugambwe wama wifatishije minsi yose muvyo bavuga, burya barushe n’ukuyobora igihugu gusa baribesha ngo bazotsinda

  • Uvyo bitegege mumwaka uza ntamuntu,azopfa asubiye kubibona imana ishimwe muratera itera igere ryanyuma akakaba kababanye DD ejo nihabi kabisa dd izira zose zirugaye??intambara?amatora??kuyareka?? Ico mushaka cose turikumwe hooooooooooo bayiiiiioooiiiooooooooooooiiiiiiiiiiiiiidddddddddddd

  • Wewe Nwari jewe ndakubwirako ikinanira nukumenya ama percent aba Cnddfdd bazotsindirako ariko iconzi azorenga 51% none ivyuvuga ubivanahe? Rekandakuganirize ndakubaza? Mbenone kuvuga ngo CNDDFDD izotsindwa tutubwire uwomugambwe wewe ubona uzotsinda? Nugufata ugatimwanyagusa ngowitevuye kazozanziza atanikigazi canke igitoke ubonacamye mwitongo ryawe ngonabantu baboneko ivyuvuze arivyo!?.

  • Ni mureke a batutsi babayobore kuko ivyanyu bimeze kubananira

  • @nuwera gugu wanje ntubona!!!jewe fise imirima yibitoke ,ibiharagi,ubushaza, etc vyose bireze hasigaye kosoroma gugu,fise inka ziriko zirerera gozivyare abana babarundi banywe amata wakigugu we kanura

  • @ Nwari, ndabona vyagutaye kuwamazi kunyishura ivyonakubajije, ariko rekankoreshe amajambomake mukukubaza: MBEKOWAVUZEKO CNDDFDD KOBARIKOBARATERA IGERERYANYUMA NUYUHE MUGAMBWE UZOCUSUBIRANA IKIBANZA BARIBASANGANWE? NAMBATAWUZI NTAKIBAZO.

  • wew wiyise mbega!abo bategets uvuga bohakurya ya kanyaru k bavuga muri vyose bakitabira reka bitabire nivyo birakwiye kuko uravye aho urwanda rugeze rugeze kure kandi rurateye imbere burya abo ushigikira muriyo myaka cumi bamaze ubona bakoze iki cerekana ko uburundi bwateye imbere????uguteragira ivoko gusa ntibihagije!!!kuba barashizeh kuvyar kubuntu naban bakavugw kubunt vyar vyiza arik ntivyabujij k uburund buja hasi mugukena ninaco gituma amakori aduzwa uko bishakiye!!!ivyo bahakana ubona abaririmvyi babayeh gt????ubu ntibariko barata uburund bahunga!!!!!!

  • KUCIYUMVIROCANJE JEWE UMUNYAGIHUGUMUTOYA ,VYOBAVYIZABASHIZEHO JEREMI NGENDAKUMANA,KUGIRABUBAHIRIZE AMASEZERANOYI ARUSHA,HAMWENIBWIRIZWANSHINGIRO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.