IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD FDD usaba amakungu kubandanya afasha Uburundi (...)

Umugambwe CNDD FDD usaba amakungu kubandanya afasha Uburundi n’abarundi

lundi 27 Mukakaro 2015, par Paterne

Umugambwe CNDD FDD usaba amakungu kubandanya afasha Uburundi n’abarundi mu nzira y’intwaro rusangi,no gushigikira inzego nshasha zigiye kujaho.

Mw’itangazo ry’umugambwe CNDD FDD ryateweko umukono n’umukuru w’umugambwe Pascal Nyabenda kuri uno wa mbere igenekerezo rya 27 Mukakaro,uwo mugambwe usaba ibihugu vy’Akarere ko mu Buseruko ko hohinyanyurwa Ibwirizwa nshingiro kugira haboneke Reta ihurikiyemwo na bose.

Muri iryo tangazo, umugambwe CNDD-FDD urashimira abafashije kugira amatora abe kandi abe meza mu mutekano. Umugambwe CNDD FDD urashimir umurwi CENI wateguye amatora ,inzego zijejwe umutekano,hamwe n’ indorerezi mvamakungu.

Umugambwe CNDD-FDD urashimira kandi abamenyeshamakuru bitanze batiziganya mu gukurikirana bakanashikiriza ikibiriraho uko amatora ariko aragenda mu gihugu cose.

Umugambwe CNDD-FDD usaba Abarundi kubandanya bafatanye mu nda bakomeze ubumwe maze amakungu ashigikire abanyagihugu mu rugamba rwo gutsimbataza amahoro, intwaro ibereye n’iterambere.


IGIHE

Messages

  • ico kigwa rudubi pascal , kazibe . urazi abantu mwishe mubikorwa vyanyu bigayitse namwe ngo muriko muragira amatora ? Imana ize ibibahembre.

  • Emwe ga ye. Imfashanyo nyene itabonetse izo nda umenga ni imvuka zizoba ntonto mwibaze ko zabayongeyemwo.

  • Ivyo ni vyiza ariko CENI itegerzwa kwihweza les bulletins de vote,twebwe abaseserejwe n’intwaro z’abatutsi turanse guha amajwi abatutsi batumariye abacu tutabizi binyegeje inyuma y’umugambwe,bagize kutwicira,kudutwenga no kutugaya bongere baze mu mugambwe twaseseye amaraso bawutambikizemwo,ubu ni urundi rugamba dutanguye ntimwihende ntidusinziriye mwa ba sans echecs mwaje muhendesha abahutu ubusa bakiva mw’ishamba,ama listes shirako ubwoko nyabuna uwuzotorwa azobe abikwiye,mwa batutsi bo muri cnddfdd ntimwibaze ngo ntitubabona ivyo muriko muratwononera,ibi vyose ni mwebwe mwabiteye,ba niyombare mwarabahenze ngo baruta abandi bahutu none raba iyo bari namwe mumase ngaho ,vraiment mwa bihutu namwe nimukanure riko,imizimu yabavyeyi bacu,basaza bacu bishwe bagwanira agateka kacu ubu iriko irabidogera ndabarahiye ntimwibaze ngo ni umucezo,muja ngaho ku ma televisions ngo ama rebellions,vyahindukira nta mututsi numwe mwongera kubona ahubwo ngo ni mwe mwica urugamba et ça c’est la mort assurée pour vous.Vraiment iyo muja mu rwanda mwibaza iki abo ba mafia batumaze bafashije abatutsi i burundi mwibazako hari ico muzobatorana ?wapi rondera uburyo mugaruka nyabuna mu rugo mwarahenzwe et ça fait pitié,ariko benshi mwishinze abatutsikazi muhemukira abahudukazi bashiki banyu,banza mukome ,muce akenge.

  • Eka mwavuze ngo akimuhana kaza imvura ihise,none mutanguye gusaba imfashanyo amakungu?ni pantalon zanyu mugiye kuzigurisha,izo nda zanyu zigiye guhinyuka.

  • cndd fdd niyo itaka amakungu ko umenga nta adiministration bize ntamuvugze wa leta ariho canke intwaro yohagti murateye soni

  • Nice Niwewe Uri Ikijuju Ntavyuzi Twebwe Dukoresha Mucezo Wandani

  • Nareke kubesha ntamakungu yigeze arungika indorerezi mu matora.hama nakwibaza ko bakoreshejej amatora kunguvu amakungu ababuz ko boba bikwije kuburyo ataco bosubira kwababaza amaboko amakungu basega.Nkuko bavuga ngo amakungu aguma yivanga muvyo mu Bdi.Ntimuratwara banze mutekane imbere siheza.

  • Hahahahahahaaaaaa.
    Ndatangay. Burya karya kagay kose mwakagira mukeney amakungu n,imfashanyo?????
    Emw n,uko nyen ata soni mugira iyaba ari uwundi ntiyokwubahuts ngo ajejemb ibintu nk,ivyo.
    Hahahahahahaaa.
    Nabona mwigira ibihangang nkagira murikwiy ubushirasoni muhitirany mwifatira mu gahanga ibihugu bibafasha.

  • MURATANGUYE KUBONA KO AMAKUNGU AKENEWE AHO MWAYATERAKAGERE NGO MWARIKUKIYE?NABADO MURABONIKI?KWIBINGOMA NTIBIGOYE HAGOYE AHUYIVUGIRIZA

  • A Fidelité

    Oooooooh lalalalala umuntu aciyumvira gutyo.
    Nibakurek ufis ivyiyumviro bicurits ww uciyumvira gutyo.
    Ariko si ww gusa hariho na bamw bamw muri bashobuja biyumvira nkaw.
    Ingoran si abatutsi cank abahutu .
    Ingoran ni abantu b,ibijuju nk,uko kwaw.
    Nibaza ko CNDD-fdd yofata ya mahera y,abandi ya Nickel barya bibaza ngo bazoyaherana ab ariyo bakoresha, petrol nigerian, cahiers ougandais, Falcon 50, or congolais et burundais n’ibindi ntiriw ndadondagura.

  • ntimwavuze ko mwikije murondera iki hiiiiiii aba chinois na ba rusiya ntibariho, ewe gihugu cacu gitwagwa nibijuju nka nyabenda , mbega yemwe ubona tuzopfa duteye imbere gute.

  • mana yanje weee, mbega yemwe wa muntu tuza tuza mugenzi abo batutsi uvuga ni bande ga mugenzi, abo bahutu uvugira bo ni bandi, sha ntubuze ibikubabaje kandi si wewe wenyene kuko hapfuy abantu bensi ariko ga ncuti amacakubiri ndumva ko ukiyafise,rero sumuti uzaniye abarundi ,reka tuvuge abahutu kuko nibo nimva ugomba guserukira. wapi mugenzi tandukanya icatsi nururo hame uhame umuntu kubera akabi yagirizwa ariko ntuhame ubwoko canke ikivunga c’abantu. nzi inzoya zishwe nabahutu ariko hamwe nogira iciyumviro cogufata ikivunga norenganya benshi kandi siwo muti. lmana idufashe kandi iduhe kwubaka uburundi

  • NYAMITWE yifatiye amerika ngo uburundi bwarikukiye none imfashanyo zishigikira intwaro rusangi yahonyanze ibwirizwa nshinga wibazako abarundi tuyikeneye? canke nyabenda ashaka imfashanyo yokugura ama bombe ngo aturire uburundi kumwe yamara amasoko ayaturira cndd yarahinyutse.

  • Twabonye cndd fdd yiterera hejuru ngo uburundi bwarikukiye none ubu mugeze igihe mwibuka ko America harico mudukeneyeko nimuje gusaba china na Russia kuko twebwe ntiturimwo nam ere umukuru w.igihugu Obama yabitomoye neza muri Ethiopia aho yatunze urutoki Pierre nkurunziza adahengamye buca bwitwa ejo

  • Fidélité j’aime beaucoup vos commentaires,s’il y avait beaucoup de gens qui ont de très bonnes idées comme les votres,Uburundi bwokwogoroye kuko igihugu kizingamitswe n’abatutsi hamwe n’ibihutu bitagira umutima bihendwa nabo.Uri icitegererezo vraiment,abahutu bose bakwigireko

  • emma

    komera nyakubahwa nyabenda kukuntu mwitaho abarundi, nayo ivyo bijuju bidambwango amerika ngo mwayibwiye ko mwikukiye nukubireka kuko nta bwenge bifise!! amerika ninkibindi bihugu ntishobora kudufata ukwigomba kandi naho itodufasha twebwe twobaho.

  • Ntawovyizera Ko Amatora Yagenze B1

  • tuzobashigikira abobanzi bigihugu turabiyamirije basumirinda nabampema yuzuye.

  • Intwaro ibereye!😃😃😃😃 Amenyo aragutwenga ari ayawe!

  • mbega mwese mwagize ico muvuga mwibazako cddfdd ariho mugabwe ukora ibibigusa mwihenze kuku nta politiqe itica nta politiqe idakiza kand nyamba abarundi dukeneye amerika nuko nayo idukeneye cane gusumba uko tuyikeneye icambere ubutare irabushaka icakabiri abasoda bari muri somaria bayifasha gutwara ubutunzi buvuye muri afrika ibujabukana ibiyaga binini ntimuvuge koyoyo itadukeneye abantu turakeneraniye nu mwami ya ratiye urushinge ntawi kwiza vyose atari imana yo mwijuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.