Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Poritike
Umugambwe CNDD-FDD usaba ko utugorane twabonetse mw’itunganywa ry’ibiganiro twoganirwako
Yanditswe taliki ya 6-01-2016 - isaha 15:38' na IGIHE

Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko ataco utazokora kugira ibiganiro hagati y’abarundi bishikane abarundi ku ngingo zibereye kandi zirama hisunzwe intwaro rusangi hamwe n’ibihe turimwo mu kwirinda kugarukana inyifato zitabereye zaranze ibiganiro vya Arusha.

Mw’itangazo ryateweko umukono na Pascal Nyabenda arongoye umugambwe CNDD-FDD kuwa kabiri igenekerezo rya 5 Nzero 2016,umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko utugorane twibonekeje mw’itunganywa ry’intango y’ibiganiro i Entebbe twoganirwako neza hagati y’Umuhuza na Reta y’Uburundi kugira ngo hatangwe intumbero ibereye muri uwo mugambi w’ibiganiro hagati y’Abarundi maze bishike ku ntumbero yavyo ata ngorane zibayemwo.

Muri iryo tangazo,umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko hageze ko abanyagihugu basubiza akajisho inyuma muri kahise kabo kadashemeye kubera ingorane zagiye zirabashikira, bagatohoza bakanashishoza imitwe itekanye ata musunikano ugiyemwo igihe cose bizoba bikenewe kugirango ukuri kuvyabaye kuje ahabona.

Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko ibintu vyokwitonderwa umurwi ujejwe ibiganiro mu gihugu CNDI ugakora wivuye inyuma hagati mu gihugu kandi ukazoshikira n’abarundi bari hanze kugira ibiganiro ntihagire uwo bikumira.

Ivyiyumviro vyanyu

Yemwe yemwe I bihugu vy’ Africa ariko muvyomwiga ntimubonako harico mwibagira kandi arinaco cambere. Nimwigire kubihugu bitey’ imbere Ikibazo cambere batangura gukemura n’ ibibazo vy’ inzara. Ntubona uwokwiga ikibazo cinzara kikaranduka muri Africa harihutugorane tumwe tumwe twohagarara.
Erega inzaranayo irimubihanze ivyobihugu, infashanyo zifasha ziraboneka ariko zikora iki atarugukebereza mumifuko yabamwe bamwe, amabarabara yaraheze, umuyagankuba kera wakora ijoro n’ umurango ariko vyahindukiyehe ? Nimba reta itokwiyumvira ikugurura amakampuni nabakene baronka aho baca ikiraka reta nabo bafashanya bakugurura amakampini menshi niho nabanyagihugu bashora nogukuraho agahuzu

12.01.2016 à 15:33
Roads Mwakibingwa

Ndagije benjamin urakoze guhanura, uriko nkwibarize ni kuki utahanura KAGAME akaganira na FDRL aho kubasanga muri RDC kubicirayo ! ni kuki utomuhanura agapfungura UWINGABIRE Victoire kuko nawe apfungiwe politike ! Ko uvuga ko ubwoko ataco bumaze, ni kuki habaye genocide mu RWANDA mu 1959 na 1994 HAVYARIMANA na NTARYAMIRA bakicwa ? Ni kuki abahutu bose bitwa aba genocidaire mu RWANDA ? Ni kuki abahurikiye mu muhari wo kwibohora FDLR bose mubita ikivunga interahamwe bisigura umuhutu genocidaire ? Mbega ko muvuga ko ubwoko ataco bumaze muri army mufise abahutu bangana iki ku batutsi bangana gute ? Nako data uhava umbwira ko muri army na police mufisemwo abanyarwanda (abatutsi) ata batutsi canke abahutu mufisemwo ! Aho muri Uburundi bwarahaciye kuri BAGAZA aho cazira kuvuga ubwoko ariko hakaba ivanguramoko mu mashure, muri police, army na administration. No ubwoko bwovugwa bukubahirizwa canke ntibwovugwa bugatotezwa ? Ikindi naco Uburundi ntiburi inyuma y’ibindi bihugu ni naco gituma ivyo bihugu harimwo n’Urwanda bibutin

9.01.2016 à 09:07
NKUNDURWANDA

Abarundi muzahora inyuma y’ibindi bihugu kubera intambara zubuswa muhoramo za amoko. Mbabwize ukuri. Ntacyo ubwoko bumaze ntacyo buzageza kuburundi. Amahame mukwiye kugenderaho. mushake uburyo abantu bose barwana bakoresheje ibirwanisho babireka, umuti sukubarasa ahubwo nukumenya ibyo bashaka mubiganireho muzane ibyanyu murebe ibyagirira abaturage akamaro. 2Mufatanyirize hamwe mwese mugire umwanzi 1 aribwo bucyene mu gihugu cyanyu. Izo mbaraga rero mupfusha ubusa mwicana ntacyo bizabagezaho uretse imiborogo gusa. Nyamara imbaraga zikoreshwa mukwicana zikorereye abaturage ineza mukora imiganda ibateza imbere byababyiza. No gufunga abantu kuko bavuze ntacyo bimaze ahubwo abahemukiye abandi baturage nabo mubakoresha mubyinjiriza abaturage banyu abazira politike barekurwe bakore ibinshingiye ku majyambere y’igihugu. Ubuswa bwa amako mubuzinukwe burundu bibe amateka ku burundi. Murakoze UBWIYUNGE, KOROHERANA BIRUTA IMIRWANO

7.01.2016 à 07:51
Ndagije benjamin

Erega Ciza ko usa n’uwataye akaranga k’abarundi, reka gutukana abantu bakuruta. Uramenya y’uko igihe c’amagaburanyama cajanye na Buyoya hamwe na Ntibantunganya. Abo batavuga rumwe na Leta bishakira ivyicaro gusa, n’ayo abenegihugu bobo bakeneye amahoro gusa. Mbe uribuka ijambo umuhisi Nzeyimana wa Raddes, umukuru w’abasanzesheke (SANS ECHEC), igihe bamwomoreye ubushikirangaji ijambo yavuze, wavuze ati "Ico umwana w’umwami aririye arakironka". Ngirango wabitahuye neza.

7.01.2016 à 04:37
Rusakumba

Ad.

6.01.2016 à 23:22
Ba

Mwebwe mwaba cndd ntimukomeye muri basumirinda gusa.Ariko Bitebe bitebuke binzobakomerana ntibizokwama uko.

6.01.2016 à 23:09
Uwababaye

ntiwiyibagize ko nawewe utavuga rumwe na leta canke cndd. ariko uri umurundi kandi ndizera ko utokwihakana igihugu cawe mukugihemukira.canke kugicira urwangondagone,witwaje inyungu canke ukutamenya kwa kahise k uburundi. kandi ariko gategura kozoza....

6.01.2016 à 19:22
dkey

CNDI yo nigiki ? murabasazi ngira

6.01.2016 à 19:05
ciza

CNDI niyabarundi bahurikiye muri cndd fdd atari abatavugarumwe na Leta

6.01.2016 à 16:41
miburo

CNDI niyabarundi bahurikiye muri cndd fdd atari abatavugarumwe na Leta

6.01.2016 à 16:41
miburo

CNDI niyabarundi bahurikiye muri cndd fdd atari abatavugarumwe na Leta

6.01.2016 à 16:41
miburo

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.