Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Poritike
Umugambwe CNDD FDD washimye ingingo zafashwe n’inama y’umutekano ya ONU
Yanditswe taliki ya 13-11-2015 - isaha 18:33' na IGIHE

Umugambwe CNDD - FDD umenyesha ko washimye ingingo zafashwe n’Inama Nkuru y’Umutekano y’Ishirahamwe Mpuzamakungu, aho iyo nama yafashe ingingo ikomeye yo gufasha Uburundi kwogorora mu bibazo vya Poritike n’umutekano burimwo.

Uwo mugambwe uvuga ko ushima ko ibihugu vya rutura biserukiwe muri iyo Nama Nkuru y’Umutekano ya ONU hamwe n’ibindi bihugu kw’Isi vyatanguye kubona no gutahura mu nzira y’ukuri inyishu z’ibibazo bimaze igihe bibera. Muri CNDD FDD bamenyesha ko iyo abaserukira ibihugu bimwe bimwe mu Burundi bagenda bihweza neza ibiba mu Burundi, ingorane Uburundi burimwo ntizari gushika aha.
« Biragaragara neza ko ibihugu bimwe bimwe vyagiye birahabwa amakuru atari yo n’ababiserukira mu Burundi, bikaba vyatumye navyo bifata ikibazo uko kitari n’inyishu hagafatwa izitari zo. »

Mw’itangazo wasohoye kuri uwu wa gatanu, umugambwe CNDD - FDD urakenguruka ko mu ngingo yaraye ifashwe harimwo ukwubahiriza ukwikukira, ubwigenge n’ubumwe bw’Abarundi. Iyo ngingo ikaba yari yarahonyanzwe, umugambwe CNDD - FDD ugasaba ko iyo ngingo yoshimangirwa kugira Abarundi babe mu mwidegemvyo mu kwitorera inyishu ku bibazo bibega. Muri CNDD FDD babona ko Abarundi ubwabo ata bibazo bafitaniye hagati yabo, n’ivy’amoko akaba ari ababibatsindagiramwo, bivuye hanze bigatuma baryana ku nyungu atari izabo.

Umugambwe CNDD - FDD wibutsa ko nk’uko wiyemeje kuva kera inzira y’ibiganiro kuva ukiri n’Umuhari mu gutorera inyishu z’ibibazo biba bihanze igihugu, wemereye Abarundi n’Amakungu ko impanuro y’ibiganiro bisa n’uwakubise uwashaka kurira.

Uwo mugambwe urashimira kuba umurwi w’igihugu uzotunganya kandi ugakurikirana ibiganiro hagati y’Abarundi bari mu gihugu n’abari hanze waramaze gushingwa.
Muri CNDD FDD basaba Umunyamabanga Mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu (ONU) Ban -Ki- Moon guhimiriza ibihugu vyahagaritse imfashanyo zari zigenewe Uburundi kuzirekura, kuko abantu ntiboja mu biganiro, babirangure neza hari imbugita kw’izosi yo kubicisha inzara.

Ivyiyumviro vyanyu

Ababipfa nababisangiye nyamba atar aba DD umunyagihugu atambuka bakajingitwa

18.11.2015 à 20:28
king

NONEGA UBWOBUFALA SA BWOBABWALAKOZE NABI OYA BWAKOZE N EZA KUKO PITA ALI N AGAKENGELE LEKA TU LABE ICO ALOGABULIL A UBULUNDI

17.11.2015 à 13:54
NTILA MUBIGINA

Turashimwe Kuriyo Ngingo Yafashwe na ONU ariko icodusaba nibaturekurire izomfashanyo bahagaritse Imana iturwanire cane.

15.11.2015 à 22:24
Bbyubahe Steaven

CNDD-FDD nari nzi ko muciye ubwenge none nsanze musumbwa n’ubw’inkoko. Mbere mwavuga ko mwikukiye kandi kw’ata mfashanyo mukeneye z’abazungu none iryo jambo mwaherejeko ry’ugusaba imfashanyo ibihugu vyaretse kuzitanga, kandi ngo Ban-ki Moon atange itegeko bazitange ! Si ku nguvu canke kw’itegeko ryanyu. Yoooo, muraburaniwe !! N’ejo n’ejo ntuzovuge ngo wa sôko we sinzokwigera nywa ku mazi yawe !

15.11.2015 à 20:32
NDUMIWE Marcien

Mukwiye gusaba ubwenge buva ku Mana !! Niho muzomenya ico muvuga nico mureka. mugatinya Imana mukareka gusesa amaraso yabo yaremye mwishusho yayo !! Uburundi ntaho bwigeze bushira isoni nkivyo tubona muriki gihe. Amaraso yi ntama ni myagazi yayo arahuma- ya bavyeyi ni bibondo !!

15.11.2015 à 19:09
Ngendakuriyo

pas de commentaires !

15.11.2015 à 07:40
Jean Claude NDYANABO

Ahubwo Nibarindire Barabe Ikizokorwa Munyuma.Burya Cdd Bibaza Ko Amakungu Ko Batari Barungitse Ababo Baza Kuba Muburundi Kugirango Baze Baravuga Ivyo Biboneye Ubwabo ?Nhki Catumye Bakuraho Ababo B’ababirigi ?Harageze Ko Intahe Y’amakungu Ikora Hamwe Bamwe Mubakoze Amabi Banyegera Aho Badakwirwa.Imana Ize Yereke Icanzo Uwutatereye Na Kimwe Mugusesa Amaraso Yumunyagihugu Yapfuye Ataco Ariko Arazira

15.11.2015 à 05:48
@iratabarajosue

At Dobo, umuntu agusororeye inzoga mugasangira akakubita amagerasi atatu nawe ukanwa igerasirimwe ivyomwobipfa ? Igikuru nu rukundo nokwubahana. Harinumushakashatsi wumurundi aherutse kubizlvuga ko igikuru kwarukugira twibanire nabonabodadufasha vyishi bigasubira iwabo. Nanjerero unsororeye ukanwako vyishi kunsumvya sinocamvugango ntusosubire kunsororera ariko unsuzuguye nokwiyama ntarebeye ngonuko wamunsororera.

15.11.2015 à 01:41
None ?

Ni akamaramaza kubona abakuru b’ibihugu bo hanze aribo babwira amajambo y’ihumure Abarundi kurusha abatwara igihugu c’Uburundi.
Abatwara Uburundi mwobwirijwe kumaramara kuko akanwa kanyu kavamwo amajambo mabi y’ubwicanyi n’ubundi bubegito.

Ndashimiye Président Obama.

15.11.2015 à 00:01
Urakoze

Mwirirwa mubatuka mwongera mubagerekako inkono ishushe hanyuma ngo Ban ki moun nabahimirize bagarukane infashanyo nkaho wogira ngo arabishoboye !!! Mwavuz ko muhisemwo inzara hakubura inzego ubu rero inzego murazifise genda zibagaburire tuzorabe ko mu gihe gito izo nda zitazoba zahotse.

14.11.2015 à 21:22
twarabahinyuye

Mbega ko Cndd ifatanya ibiganiro n’imfashanyo ni kuki ? Siko bigenda . ibiganiro bizobanza kurangira kugira tubone nikivuyemwo , hanyuma imfashanyo iza hanyuma , Vyaribonekeje cane yuko leta y’i bujumbura yemera ibintu ku munwa , ntibishire mu ngiro, ubu rero siko bizogenda. Guhagarika imfashanyo bioroshe , kuzisubiza ho bica kure caneeeeeee. Ivyo nibaza yuko CNDD ibizi !!!!!

14.11.2015 à 21:01
PCE

JELASE YAVUZE NGO 80 KWIJANA ZASUBIRA IWABO MUSHAKA GUSUBIRA GUHOMBA.NTIMWISHOBOYE AMATORA YO NTIMWAYATUNGANIJE.

14.11.2015 à 20:28
Dodo

Umva abo nabo ngo barekure imfashanyo,aho rero mwivugishije ngo mwabishimye kugira babahe imfashanyo ?mbe hamwe mwatangura kwisamburirako nibo bari babatumye ?ba mucubwenge mukore aho kwonona ivyodutunze akimuhana kaza imvura ihise.

14.11.2015 à 18:48
Guly

erega abarundi mumenye ko ntarutugu rukura ngo rusumbe ijoSi mumve ibwo amahanga ababwira mureke kumara abanyagihugu. nkurunziza ntacyo boazabagezaho uretse ibibazo mwirirwa muvuga ngomufite igisirikari gikomeye.7a6 MUBIREBERA CYARWANIHE CYATSIZE INTAMBARA ZIHE MURIHENDA SS4 IRIYA NTERAHAMWE MPOZAMARIRA IZAPHANA INGENGABITEKERESO YOKUNWA AMARASO YABANTU 066J

14.11.2015 à 17:02
nzabo

erega abarundi mumenye ko ntarutugu rukura ngo rusumbe ijoSi mumve ibwo amahanga ababwira mureke kumara abanyagihugu. nkurunziza ntacyo boazabagezaho uretse ibibazo mwirirwa muvuga ngomufite igisirikari gikomeye.7a6 MUBIREBERA CYARWANIHE CYATSIZE INTAMBARA ZIHE MURIHENDA SS4 IRIYA NTERAHAMWE MPOZAMARIRA IZAPHANA INGENGABITEKERESO YOKUNWA AMARASO YABANTU 066J

14.11.2015 à 17:01
nzabo

You wait we are coming soon,murica abantu baremwe nimana hivyo tu.

14.11.2015 à 15:37
AK47

NAMWE MWABIHEMU MWAGIYE KURYA UBUKOROTSE KWA KAGAME NICO GITUMA MUPFA IVYO MUVUZE. MURAZE NEZA IYO MIZURU TUZOYICISHA URUKERO

14.11.2015 à 09:41
UWAHUNGUTSE

ahubwo nimunyarutse kurondera uwundi mukandinda hakirikare azomusubirira nkuruziza.kuko twebwe abarundi nabanyamugabwe dukeney amahoro niterambere gusa.ivyonavyo vyamoko turasavye mubigumize mundazanyu nimiryago yanyu twebwe bikinjana cubu ivyakahitse turabiziko vyabaye rro ubutwebwe sivyo tukigendera twebwe tujana niterambere gusa ikiriho nimurondere politike yokuza musabikanya ubutegetse nkuko twabibonye muri tanzania nukuri bidateyigomwe bibaye nkavyo.rro nimwikubite agashi mubirabe hakirikara ivugo zisigaye zivugwa murikigihe zaratayigihe nimurondere nov politike ataruko umugabwe ugiyekuba nkimigabwe yo mukahitse ata numunwanyi ikironka

14.11.2015 à 09:32
freedom

Imber yokuvuga ibinabiriya abantu baribakwiy gutohoza inkuru kandihakaza haratangwa inkuru z’ukuri nivyobizodufasha gusohoka mubibazo turimwo.Munkundire ndabibarize,Iyomuvuz ngoharashw kuri bus ivuy gushingura umuntu nikuki mutibaza imyaka ihez kiryakibanza gishingugwamwo abantu mbe ivyokobitaribwabe cank ni gut umuntu ahambwa akongera akazugwa mbehoho ziryankohozari zamuherekej zarizigihugu ?Iyo mwndika mwihendako ibiba bitamenyeka ariko mwari mukwiy kuhitondera can !Iconsaba indongozi ziramutswa igihugu zikoresh uburyo bwose hani IBIGANIRO birmwo bose kugira igihugu bagisubiz kumurongo abarwanya leta nabo bemerekobatay umurongo basubir muruhongore barekeguhenda amakungu ahubwo bazedufashanye kwubaka igihugu.

14.11.2015 à 07:20
etienne

Imber yokuvuga ibinabiriya abantu baribakwiy gutohoza inkuru kandihakaza haratangwa inkuru z’ukuri nivyobizodufasha gusohoka mubibazo turimwo.Munkundire ndabibarize,Iyomuvuz ngoharashw kuri bus ivuy gushingura umuntu nikuki mutibaza imyaka ihez kiryakibanza gishingugwamwo abantu mbe ivyokobitaribwabe cank ni gut umuntu ahambwa akongera akazugwa mbehoho ziryankohozari zamuherekej zarizigihugu ?Iyo mwndika mwihendako ibiba bitamenyeka ariko mwari mukwiy kuhitondera can !Iconsaba indongozi ziramutswa igihugu zikoresh uburyo bwose hani IBIGANIRO birmwo bose kugira igihugu bagisubiz kumurongo abarwanya leta nabo bemerekobatay umurongo basubir muruhongore barekeguhenda amakungu ahubwo bazedufashanye kwubaka igihugu.

14.11.2015 à 07:19
etienne
1 | 2 | 3

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.