Umugambwe MSD uriyamiriza uko Reta y’Uburundi yakiriye intumwa za ONU

Yanditswe na IGIHE
Kuya 24 Nzero 2016 saa 09:14
Yasomwe : 45144
0 0

Umugambwe MSD umenyesha ko utashimishijwe n’ingene igihugu c’Uburundi cakiriye intumwa z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zaje mu Burundi kuwa kane igenekerezo rya 21 Nzero 2016,kandi bari baje gufasha gutorera inyishu ibibazo biri ku gihugu.
Ubicishije ku muvugizi wawo Epithace Nshimirimana,umugambwe MSD umenyesha ko kuba Reta y’Uburundi yarungitse urwaruka rw’imbonerakure ngo ruje kwakira intumwa za ONU no kwiyamiriza abasirikare mvamakungu na Samantha Power aserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika (...)

Umugambwe MSD umenyesha ko utashimishijwe n’ingene igihugu c’Uburundi cakiriye intumwa z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zaje mu Burundi kuwa kane igenekerezo rya 21 Nzero 2016,kandi bari baje gufasha gutorera inyishu ibibazo biri ku gihugu.

Ubicishije ku muvugizi wawo Epithace Nshimirimana,umugambwe MSD umenyesha ko kuba Reta y’Uburundi yarungitse urwaruka rw’imbonerakure ngo ruje kwakira intumwa za ONU no kwiyamiriza abasirikare mvamakungu na Samantha Power aserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika ari ibiterasoni.

Umugambwe MSD umenyesha ariko ko ushima cane utwigoro tudasanzwe dukorwa namakungu, harimwo nishirahamwe mpuzamakungu ONU, kuko biboneka ko bitayeho cane ibibazo n’ingorane igihugu n’abarundi barimwo.

Umuvugizi w’umugambwe MSD avuga ko ONU n’amakungu boshira imbere ibikorwa mugufata ingingo zishobora gukingingira abanyagihugu nigihugu muri kino gihe igihugu kiri mu ngorane.

Ku bijanye n’ibiganiro biriko bibera hagati mu gihugu, umugambwe MSD umenyesha ko utazokwigera witaba ivyo biganiro,kuko ata biganiro bishobora kubera mugihugu, mu gihe abantu bakurwa mu mazu bakicwa.


Kumenyekanisha

1
Burundi Jean 28-01-2016 à 07:32

None Ko Bitabashimishije Nikuki Mutaje Kubakira Mwebwe Mukora Ibitangaza Ubundi Hoho Nigiki Reta Yahora Ikora Mukagishima ? Kuva 2005 Uvuge Nakimwe Washimwe ,none Mwebwe Ko Mwumvise Baje Mukarara Murarasa Mutera Amagrenade Nimwe Rero Mwabakiriye neza Canke Mwashaka Ko Nareta Irasa Nkakurya Mwagize ,. Nimwikebuke Mureke Gucafuza Igihugu Canyu .Nimuzane Imigambi Myiza Niho Muzotorwa ,abarundi Baraba Imigambi Myiza.Ntibaraba Inzobe Nuburebure Canke Ubugufi .

2
Ntamavyariro 25-01-2016 à 08:58

Msd ivyo bavuga nivyo, imbonekerakure nako imbonerakure zatanguye kwiyamiriza no gutera ivyatsi, ivyo intumwa zitaravuga nkaho ari ukubatanga mu manyama, vyagaraje ico bikanga, inkoho zaraye ziyaga amagerenade yikiriza, Peter Nkurunziza ngo amahoro n’amarame hose hahaha, naradamwe, AU igiye kubirukana mubirabe, inteko nshingamateka ya AU igiye gukorana vuba ibasezereko bwa nyuma, inama yumutekano nayo yabonye ivyo abanyu babasha kandi abantu bapfa buri munsi.

3
Bacisiiye 25-01-2016 à 05:33

Erega EMSD mwaburiwe none muribarya baje haruwavuzeko yakiriwe nabi? Kojewe ariho nari nibereye reka reka bifunguriye umukeke hanyuma barenzako aga primusi atawubariye urwara none namwe ngo bakiriwe nabi? Mwashaka tubajane kubereka aho twahanvye babantu mwaturira mumapine nabamwe mwakuramwo imitima? Rindira muzohinyuka gusa ndababwire inteko mwifuza nizaza kunguvu tuzozereka uko inkona ishishimana ( itabaguraba inzara)

4
None? 24-01-2016 à 17:42

MSD, ntiburatahura kwishira ukizana nokuvuga icushaka icarico? Umva umuntu aremerewe kuvuga akarikumutima ariko akareka abarimwo arabwira bakirenganira, ntababuze urugendo ninacogituma baryabashitsi ba ONU bagera ahobaryabarundi bari bakagendagakegake kuko bababashaka kumenya icatumwe bakikuza amabarabara , ntamuntu bariye urwara ntakuntu babujije kwigira iyaja mubihugu vyateyimbere nikurya abakora imyigaragamvyo bayikora.

5
MEMA Prod.Samson 24-01-2016 à 12:37

Aba MSD bavuga ni bitabaraba Ntibarimwo muriyi mandat3 twiherewe na kristo Nubundasubiyemwo nta nteko dukeneye!!!!!!

6
Rusakumba 24-01-2016 à 11:26

Ahubwo ni mutitabira ivyo biganiro muzoba mudutabaye kuko mwari kudutesha umwanya kubera ata kindi murota atari amagaburanyama gusa. Ahubwo tuzobashengeza imbere y’intahe kuri abo bantu mwirigwa mwica.

7
Omar 24-01-2016 à 10:33

None barikubaheka mubitugu?mweho mwotwara nimwe mwera deeee?mwotwara gute? Kw’isi yose mbona umugambwe utwara ariwo wama wikunda mubihugu byose;;;;naw msd gira amahirwe nabanywanyi uze utsinde amatora uzatwara turebe

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha