Accueil > Amakuru > Umukenyuro wo kurwanya Boko Haram wafashwe mu Bufaransa
Umukenyuro wo kurwanya Boko Haram wafashwe mu Bufaransa
dimanche 18 Rusama 2014
Abakuru b’ibihugu batanu bahuriye mu gihugu c’Ubufaransa, bakaba batoye umugambi mushasha kugira bagwanirize hamwe abarwanyi b’intagondwa Boko Haram,wigize akagaramaruganda muri Afrika.

Imvugo yabaye ingiro, abakuru b’igihugu batanu bari bakoraniye mu gihugu c’Ubufaransa, batoye umukenyuro wo kurwanya intagondwa z’aba islamu zigisibije muri Nigéria no mu karere. ‘’Dukoraniye ngaha kugira tubamenyeshe ko twuguruye intambara yo kurwanya Boko Haram", vyavuzwe n’umukuru w’igihugu ca Cameroun, Paul Biya. Uwo mugambi wumvikanywe ko muri iyo nama ukaba ari uwo gushira hamwe amakuru yose, uburyo,ugucungera imbibe, gushira abasirikare ku nkengera z’ikiyaga Tchad hose hamwe no gushiraho uburyo bwo gutabara bukwiye mu gihe hadutse ikintu giteye amakenga, nk’uko vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa François Hollande. Biya yabandanije agira ati: "ntibikenewe ko ubufaransa burungikayo abasirikare kuko basanzwe bariyo mu karere".
Tubibutse ko umukuru w’igihugu ca Nigéria, Goodluck Jonathan yari yaneguwe cane ko ata nguvu n’ugushaka yerekana mu kubohoza abanyeshure barenga amajana abiri banyurujwe. Ariko rero yahavuye yiyemeza gukora ibishoboka vyose kugira bashobore kubagarukana. Mugenzi we w’igihugu ca Tchad nawe, Idriss Deby yaramenyesheje ko yiyemeje kurwanya izo ntagondwa ziguma zikora iterabwoba mu karere.
KARIRE Floxella
Messages
18 Rusama 2014, 14:56, par NKESHIMANA
bavire hasi abo bagesera mubatuze.
18 Rusama 2014, 17:33, par mahoro
abo bayobe nta kubihanganira kuko bateje akajagari mw’isi, bakorereko!
18 Rusama 2014, 21:38, par Baza
Erega Boko haram ni haramu. Abo barononekaye no mubwenge,nibabatuze. Ndabashigikiye.