Accueil > Amakuru > Amashuri > Umukuru w’igihugu arashimira abategetsi bafashije mu mugambi w’ishure (...)
Umukuru w’igihugu arashimira abategetsi bafashije mu mugambi w’ishure nshingiro
vendredi 25 Gitugutu 2013
Inyuma yaho umwaka w’ishure utanguriye 2013 ushira 2014, umugambi wa Leta w’ishure nshingiro ukaja mu ngiro, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza arashima igikorwa cakozwe n’indongozi zirongoye intara, mu gufasha kugira uwo mugambi uje mu ngiro.
Muri uwo mugambi w’ishure nshingiro rero, no mu gisagara ca Bujumbura watanguye neza nk’uko bivurwa na Juma Saidi, arongoye igisagara. Avuga ko abana baronse amanota yo kuja mw’ishure nshingiro bararonse aho bigira, mbere ico gisagara kikaba gifise amasomero ashika 180. Juma Saidi amenyesha ko amasomero ariko araherahezwa mu gisagara ca Bujumbura ari aya nyuma, kandi azotangura gukora mu mwaka w’ishure uza w’2014 ushira 2015. Ku kibazo c’uko igisagara arongoye kitoba kiri mu ntara za nyuma zubatse amasomero make, yamenyesheje ko ata mwana n’umwe wo mu gisagara ca Bujumbura yabuze aho yigira.

Kuri ivyo nyene, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza arashimira abategetsi bitanze kugira umugambi w’ishure nshngiro utangure. Umukuru w’igihugu c’Uburundi arashima igikorwa caranguwe n’indongozi na cane cane ba burumatari ku ruhara ntangere bagize mu mugambi w’ishure nshingiro, kuko ubutwari n’ubukerebutsi bawuranguranye vyatumye ivyigwa vyatunganirijwe iryo shure bishobora gutangurana n’uwu mwaka w’ishure w’2013 ushira 2014.
Ariko rero naho biri ukwo, ingorane zibonekeza nko mu bijanye n’amasomero amwe amwe atarasakarwa, ayandi atarasaswamwo isima, ayandi intebe zitarakwira, hamwe n’ikibazo c’abigisha bahora bigisha mu mashure yisumbuye none ubu barungitswe gutanga ivyigwa muri ayo mashure mashasha; mugabo hakaba hari integuro yo gutanga akazi ku bandi bigisha bashasha, nk’uko ayo makuru ava mu biro vy’umukuru w’igihugu.
Ivyo bikaba bivuzwe mu gihe abarongoye amasendika y’abigisha bemeza ko kuva umugambi mushasha wa Leta w’ishure nshingiro utanguye, hariho abana batarakubita ijisho umwigisha, mu gihe nk’akarorero abiguisha bamwe bamwe bo mu mashure yisumbuye ubu bajanywe kwigisha mw’ishure nshingiro, maze bica bituma hari ayandi mashure asigarana ibihengeri.

Aristide Nizigire