IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Umukuru w’igihugu c’u Burundi asaba ko amashure y’imyuga agwizwa

Umukuru w’igihugu c’u Burundi asaba ko amashure y’imyuga agwizwa

vendredi 18 Nzero 2013

Haraheze imyaka mikeya leta y’uburundi itanguye gusubiramwo itunganywa ry’inyigisho mu gihugu cose, ivyo bikaba biriko bikorwa kuva mu mashure y’intango gushika no muri za kaminuza.

Ni muri iyo ntumbero leta izotanguza ishure nshingiro (école fondementale) izontangurira mu mwaka wa mbere gushika mu mwaka w’icenda, iryo shure rikaba ritegekanijwe gutangura mu mwaka w’2013.

Mu gihe yari yitavye ibikorwa vyo gutanguza iyubakwa ry’ishure ririko rirubakwa muri quartier Kigobe,komine Gihosha iri mu gisagara ca Bujumbura,umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza,mw’ijambo ryiwe yarasubiriye kwibutsa yuko amashure y’imyuga afitiye akamaro kanini cane igihugu .

Ubu rero ngo ico u Burundi bukeneye ni ukuramura urwaruka ruzoshobora kwishiriraho akazi kandi rugaha n’akazi abandi , aho kwigisha abazosohoka barondera akazi kuri leta.Ati n’ukugabanya abana biga mu bisata basohoka badashobora gukoresha ivyo bize mu gutunganya ukubaho kwabo batarinze kuzera inze.

Iryo shure ry’imyuga rizokwubakwa muri komine Gihosha, rizokwakira abanyeshure batari bake,bakaba bazokwiga imyuga itari mike harimwo ibijanye no kwubaka,ivy’amatara hamwe no gukora imiduga.

Mwomenya ko iryo shure,rizokwubakwa ku nfashanyo y’igihugu c’u Bushinwa.Twobibutsa ko igihugu c’u Bushinwa cari carafashije mu kwubaka izindi nyubakwa zifitiye akamaro igihugu harimwo ishure kaminuza nderabigisha ENS.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.