IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umukuru w’igihugu yahaye ikiganiro abanyagihugu bose ku murongo wa (...)

Umukuru w’igihugu yahaye ikiganiro abanyagihugu bose ku murongo wa telefone

dimanche 23 Kigarama 2012

Ikiganiro c’umukuru w’igihugu cabereye mu ntara ya Ngozi kuri uyu wa gatandatu, abanyagihugu barashoboye kubaza ibibazo bitari bike bibabakiye, Petero Nkurunziza nawe akaba yaratanze inyishu.

Ikibazo abatari bake bari barindiranye igishika n’icerekeye amakori ku mishahara y’abategetsi. Umukuru w’igihugu yaremeye ko bagiye kuritanga, abo ryega n’umukuru w’igihugu, ivyegera vyiwe , abashingamateka, abakenguzamateka, abashikiranganji, umuhuza w’abarundi n’abandi bategetsi bakuru bakuru. Abo ntibahora batanga ikori ku mishahara yabo ariko abakozi batobato bahembwa kuva ku mafaranga ibihumbi 40 kuduga nibo bonyeye batanga iryo kori. Petero Nkurunziza yavuze itegeko rigeze kure kugira ritorwe. Yamenyesheje kandi ko ubu abakozi badashikana amafaranga ibihumbi 150 batazotanga ikori ku mishahara yabo.

Ku kibazo cerekeye amakori n’amatagisi yari yakuwe ku bidandazwa vya nkenerwa bitari bike, umukuru w’igihugu yamenyesheje ko iyo ngingo izobandanya gushika mu mwaka w’2013 atamakori n’amatagisi atozwa kuri ivyo biribwa birenga 10 bivuye hanze y’u Burundi.

Ku kibazo c’uko ashobora kwitoza mu matora yo mu mwaka w’2015 ku giti c’umukuru w’igihugu, Petero Nkurunzi yavuze ko umugambwe wiwe CNDD-FDD niwamwizera azokwitoza ariko ngo vyose bizova ku mugambwe wiwe. Aho ni mugihe, abatari bake bavuga ko ikiringo ciwe co gutwara igihugu kizorangira mu mwaka w’2015 bishimikije ibwirizwa nshingiro. Iryo naryo umukuru w’igihugu akaba yavuze ko rigiye guhinyanyurwa mu ngingo zimwe zimwe hamwe n’itegeko rigenga amatora.

Ku kibazo c’ubutungane bunwanyisha bw’inyuma y’intambara hamwe n’umugwi CVR wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi Nkurunziza yamenyesheje ko atankeka mu kwezi kwa Ruhuhuma umwaka uza w’2013 uwo mugwi uzoba utanguye gukora.

Abanyagihugu cokimwe n’abamenyeshamakuru barabajije n’ikibazo cerekeye umugwi CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo uteye impari kuvyerekeye ingene ukora. Aho bivugwa ko uhengamira kubahungutse, abasangwa nabo bagakurwa mu matongo yabo. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yavuze ko amatati arenga 22000 y’amatongo amaze gutaturwa muyarenga 33000 yashikirijwe umugwi CNTB.

Naho biri uko, yamenyesheje ko hariho utuntu tutagenda neza ariko, kubwiwe ngo ni duke two gukosora. Yemeye ko hagiye gushingwa ikigega co gushumbusha abantu bazoba bakuwe mu matongo yabo batagira ahandi baja kuba.

Kw’ifoto:Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.