IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umukuru w’igihugu yuguruye ishure kaminuza ry’ubuganga

Umukuru w’igihugu yuguruye ishure kaminuza ry’ubuganga

jeudi 20 Kigarama 2012

Ishuri kaminuza ryigisha ivy’ ubuganga mu karere ni igisata ca kaminuza citiriwe amahoro no gusubiza hamwe. Rikaba izotangura gukora mu ntango z’umwaka uza mu gisagara ca Bujumbura.

Kumunsi wa gatandatu igenekerezo rya 15 kigarama 2012, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaruguruye ishuri rikuru ry’ubuganga ryo mu karere, rikaba ari irya Fondation Salama ryubatswe mu gisagara ca Bujumbura.

Ibirori bikaba vyatangujwe no gutanga agashimwe k’icubahiro kahawe umukuru w’igihugu akaba yagashikirijwe n’imvukira z’igisagara ca Bujumbura kubwo ibikorwa yaranguye harimwo ko yaterereye uburyo butari buke mu nyubako y’iryo shuri. Ako gashimwe akaba yagashikirijwe n’umuhuza w’abarundi, Mohamed Rukara mw’izina ry’imvukira z’igisagara ca Bujumbura.

Mw’ijambo ryiwe ryo kuri uwo munsi, umukuru w’igihugu Nkurunziza yarashimiye abanyagisagara kubwo intererano yabo mu bikorwa vy’iterambere rusangi na cane cane muri uno mwaka twahimbaje imyaka 50 iheze u Burundi buronse intahe yo kwikukira. Yaboneyeho n’akaryo ko gushimira umuhuza w’abarundi kubwo iciyumviro yagize co kwubaka iryo shuri, yarashimiye kandi abategetsi mu rwego rwo hasi, abasirikare n’abapolisi ku nguvu bahizemwo.

Kubwa Marie Goreth Mirerekano umuyobozi wa kaminuza y’amahoro no gusubiza hamwe, iryo shure izokwugurura mu ntango z’umwaka uza wa 2013. Iyo shure ikaba igizwe n’ibirasi 16 ikaba izoshobora kwakira abanyeshure 800 harimwo abarundi n’abanyamahanga.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.