IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umunyarwanda avuga ko afise ubutumwa bwa Petero Nkurunziza yatawe muri (...)

Umunyarwanda avuga ko afise ubutumwa bwa Petero Nkurunziza yatawe muri yompi

samedi 17 Rusama 2014

Umuvugabutumwa Mwongeye Theophile akomoka mu gihugu c’Urwanda i Kanombe apfungiwe mw’ibohero ryo mu Kirundo. Yafashwe ku mvo z’amatohoza, inyuma y’aho amenyeshereje ko afise ubutumwa bukomeye Imana yamurungikanye kugira abushikirize umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Mwongeye Theophile ni umuvugabutumwa wo mw’ishirahamwe ry’amashengero ya Pentecote mu gihugu c’Urwanda. Uwo muvugabutumwa akomoka i Kanombe yashitse mu Burundi ku munsi wa mbere yinjiranye mu ntara ya Cibitoke. Ku munsi wa kabiri akaba yari ashitse, akavuga ko azaniye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ubutumwa budasanzwe Imana yamurungikanye, kandi akamenyesha ko ubwo butumwa bwa Petero Nkurunziza ategerezwa kubumwihera bari babiri gusa. Kuva aho yumviye ko Petero Nkurunziza ari mu rugendo mu ntara ya Kirundo, uwo muvugabutumwa Mwongeye Theophile yaciye amusangayo muri komine Bwambarangwe, intara ya Kirundo, agerageza kuronka umubonano ariko biranka, akamenyesha kandi ko yari amaze kumwandikira amakete ane yose amusaba ko bobonana, ariko ntahabwe ayo mahirwe.

N’aho yabuze uwo mubonano, Mwongeye Theophile ntiyacitse intege, kuko kuva aho amenyeye ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azoba ari ku kibuga c’umupira w’amaguru co mu Bushaza isaha icenda zo kuri uwu wa kane, umuvugabutumwa Mwongeye Theophile yaciye afata ingingo yo kumusangayo, nk’igihe c’isaha umunani akaba yari yamaze gushika ku kibuga arindiriye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Yabwiye abajejwe umutekano w’umukuru w’igihugu Petero Nkuruniza ko akeneye kuvugana nawe kugira amushikirize ubutumwa budasanzwe Imana yamurungikanye. Abajejwe umutekano w’umukuru w’igihugu baciye bamuta muri yompi, bamushikiriza igiporisi co mu ntara ya Kirundo.

Mu giporisi mu ntara ya Kirundo aho umuvugabutumwa Mwongeye Theophile apfungiwe bamenyesha ko bamaze gutangura amatohoza.


Egide Nduwimana

Messages

  • Namba ari IMANA rugira vyose ntizokwemera yuko uwo yatumye amererwa nabi.Ubu benshi baca muriryo zina nyene mugusambura igihugu.

  • Uyo muramwitondere uhura ari icihebe kagame yarungitse ngo kiduhitanire umutware wacu.ahubwo bamusubize iwabo hakiri kare.ntakabonane nawe Imana niyagomba kuvugana na president wacu izoca kumurundi wiwacu canke. Imwibwirire ivyo igomba kumubwira.Imana ntimutinya.nafungurwe asubizwe iwabo kandi bishoboka ntazogaruke iburundi.murakoze.

  • Kuko peter atinya ku mwakira Nikon aziko Imana ishaka kumuha gasopo kuko kwihisha mu Mana na bantu bagandagurwa buri munsi kandi abizi amaherezo yiwe ni mabi cane kuko ntagihe nakimwe amaraso yabarengana adakurikira umuntu mbe bizo mumarira iki kwigwizako imitungo azosiga kuriyisi nabiwe ugasanga bashoboye kuhatakariza ubuzima ikindi kintangaza umulig president ashaka kuguma kubutegetsi ntanico yakoze kiboneka uko sikubahuka kweri akarorero mu Rwanda kagame ashatse kuguma kubutegetsi no mubaze ijwi kuko u Rwanda aruteje imberee muri domaine zose peter na kabira barakwiye gukinjura kuko ntakigenda

  • Amatora arageze none ibihuha biratanguye. Nciye nibuka usoda yakwiye igihugu cose yakirwa nk’igihangange mu mashengero yose yi Burundi agenda aratangaza ko NKRUNZIZA niytoza muri matora aheruka atazomara kabiri ku Butegetsi, ko i Gihugu kizoca kigwa mu manga. None raba!!

  • None wumva nkurunziza asengiki ko uwo bataye mumvuto wumva yaruwuvugiramana akaba yamutaye muriyompinagira yarikumwumviriza arabesha yabivugiyeimakambaaho yarahira ateruye bibiliya yera ati hamwe nonkendera ivyomvuzeImana izompane none narindire azobona,ahubwo nireke guhenda abantu ngo arasenga kuko Imana yoyo ntihendwa.Hama asabe ikigongwe kuko umuvumo waratanguye imvura yicabantu,inkuba,....

  • Nagende abwira ubwo butumwa Kagame! Ahubwo ni bamushushe igiti ubu kubera amatora yimirije bose bazoguma basemerera ngo Imana yababwiye huuu barihenda sha ubu igihugu kibamwo abantu b’umutima ni bamukorereko ahubwo bamenye neza ikindi cari kimuza canke bamuhe ico kilo c’ibiharage yirire kuko urashobora gusanga ari inzara igira imuvugishe

  • Je Nosaba Ko Petero Nkurunziza Yokwakira Uwo Muvuga Butumwa,kuko Imana Haraho Yoba Imugombako Ikintu Gihambaye,

  • arko aba DD vous etes paranoiques, ibibazo vy’ i Burundi biraba abarundi gusa ntaho bihuriye na Kagame. No mu rwanda umwaka ushize hari abagore biyise abarokore barangije baja aho Kagame atuye bavuga ngo bamufitiye ubutumwa bw’ imana hamwe n’ubuhanuzi ngo beretswe, barangije bararahira ngo ntibava kw’ irembo ryaho President atuye batabonanye nawe. Aba gardes presidentiels barangije bambika abo biyise abahanuzi amapingu babajana kuba funga, ubu bari mu rubanza. Human rights nayo irangije ngo elles sont innocentes ngo babahoye religion ou secte yabo. Umugambi wa bazungu, ils sont contre le developement de l’afrique nta rukundo bafitiye abanya africa. Aho kwibonamo ko mwese muri abarundi mwibonamo amoko. Ariko kera mu Rwanda canke mu Burundi iyo wabazaga uti ubwoko bwawe n’ubuhe, bagusubizaga bakubwira ibisekuru cyangwa ibisekuruza byabo (leur ancetres bakarangiza bakubwira clan yabo). Amoko ntabwo ari umuhutu cangwa umututsi, n’umuryango cangwa inzu uvukamo. Abami bo mu Rwanda bavukaga mu muryango w’abanyiginya, ubwo nibwo bwoko bwabo cangwa mu Burundi abami banyu nababakomokako n’abaganwa. Ivyo mu Rwanda turashaka kubivanaho, carte ddentites zariko amoko kera kuri Havyarimana (umwicanyi ) twazivanyeko, FDLR cyangwa abandi mwese mushaka kuzana ivya amoko, interahamwe abafaransa, abazairois bafatanyije n’izindi hene mumenye ko tuzabakocora, twrabatsinze tuzongera tubatsinde.

  • MUSHAKE MUKINDISHE AGAKOMOKOMO KUBINTUVY’IMANA HOHO, NIBANGARIKOMEYE CANE, KUKO NIBANGA RIMENYWA NANYENE KWIHEREZA IMANA GUSA, PEREZINDA UKO COMMUNICATION IMEZE HAGATI YIWE N’IMANA NIWE AYIZI N’IMANA GUSA, UWOMUVUGA KOYARIJE GUHUBUTUMWA UMUKURU WIGIHUGU CACU CU BURUNDI, ARUKURI CANKE AMANYANGA NIWE ABIZI N’IMANA GUSA. KUMUREKA RERO AKAJA KUBONANA NA PEREZIDA BAKAYAGA IVYAMABANGA Y’IMANA TURABIZI KO NA PEREZIDA ABIKUNDA ARIKO KUBERA IY’ISI YAMEZE AMENYO TURAHEZA TUGATARATAZA MUKUGIRA AMAKENGA KURUWOWESE AJE AVUGANGO ATUMWE N’IMANA, KANDIBURYA NUWOMUNTU NIBAZAKO NAMBAZIKO ASHAKA GUHA UBUTUMWA UMUKOZIWIMANA NKAWE, YARIKWIYE KUMENYA KWARI NUMUKURU WIGIHUGU KANDI NIYOMANA YAVUZE KOYAMURUNGIKANYE UBUTUMWA IRABIZI KO nKURUNZIZA ARI PEREZIDA WU BURUNDI, UTUBAHIRIJE IBISABWA VYOSE VYOKUGIRA USHIKIRE UMUKURU WIGIHUGU USHOBORA GUSANGA URIKURAKORA NKUWIYAHURA KUKO N’IMANA IRABIZIKO UMUKURU WIGIHUGU ABACUNGEREWE,KUKO IMANA IRAZI UBUGIZIBWANABI BWAHA MW’ISI, BURY’IMANA YARIYADUHAYE YEZU KUGIRA TWAMANE MUBIKORWA VYAMISIYOSE TUMUBONA MUMASO MUYANDI, ARIKO TWEBWE ABISI TWARAMUGAMBANIYE GUSHIKA TUMWENENETSE KUGITI CUMUSARABA, ABAZEGUPFA AKAZUKA IMANA NTIYASUBIYE KUMUDUHA NGOTUBANE NKUKOVYARIBISANZWE YACIYE ITWASHIRA AHANTU HIHISHE ARIKO ASHOBORA KWUMVA UWOWESE ASHAKA GUFASHWA, UBURERO WAMUGANI WINSIGURO IRIMWIZINA RYA EMMANUEL YEZU AHURIHOSE ABARIKUMWE NAWE ARIKONTUSHOBORA KUMUBONA NKAKERA TUTARAMUBAMBA KUMUSARABA. IMANA RERO IRAZIKO AHAKWISI UWUSHAKA KUGUHITANA ABANZA KUKUGIRA UMUGENZI, UWOMUNTURERO ASHOBORA KUZA YIYITA UMUSENZI NKUKO NA PEREZIDA ARUMUSENZI NONEHO AGAKORA IBARA ARIKO NTAVYOZI NABABWIYEKO IVYOBIZI WE N’IMANA. NAGOMBA KUBABWIRAKO MUBIHUGU BITANDUKANYE KW’ISI UYUMUSI ABANTU BASIGAYE BASHAKA GUKORA AMABI BABANJE KWINYEGEZA MUKWIYITA ABAKOZI B’IMANA. AKARORERO HARIHO ABASHAKA GUTUNGA KUNGUVU, ABASHAKA KWIGARURIRA ABAGORE NABAKOBWA BABANDI, CANKE ABASHAKA GUHUNGABANYA UMUTEKANO. IVYORERO NTIBITUMA TUTAMENYA KO HARIHO ABAKOZIBIMANA BUKURI KUKO IYABA HATARIHO ABAMENYESHA MANA BUKURI NTABANTU BABA BIYITA ABAMENYESHA MANA KUGIRA BAKORE IBARA, NUKOBAZI ABANTUBESHI NABATEGETSI BESHI BUBAHA ABAMENYESHA MANA BUKURI,HACAHABAHORERO ABASHAKA KWIYITA ABAMENYESHA MANA BIBINYOMA KUGIRA BIBAFASHE GUSHIKIRA IVYOBASHAKA NINGONGA. KURIJEWE RERO UWOMUNTU BOMUKORERAKO AMATOHOZA NINGONGA KANDI BAKAMUTEKERERA NABO INYIGISHO ZUKUNTU AMAREGEKO AKORA NUKUNTU BIGENDA KUGIRA UMUKURU WIGIHUGU UMUSHIKIRE, BIRUMVIKANA NUBWO AVUGAKO ASHOBOYE KWIGISHA IVYIMANA ARIKONAWE ARAKENEYE KWIGISHWA IVYAMATEGEKO YIGIHUGU (IBIHUGU) HANYUMA BAKAMUBWIRA ATITAHA UZOGARUKA ARUKWO WUBAHIRIJE IVYOVYOSE TUKUBWIYE.KUMUKURU WIGIHUGU NUBWO ASENGA NTIYOCA AHAMAGARA ABAMENYESHA MANA NGO ZAMURIYIZIRA UKOMWISHAKIYE MUNGORO YUMUKURU WIGIHUGU TWESE TURIPFUZA KUGANIRA IVYIJAMBORY’IMANA NUMUKURU WIGIHUGU CACU ARIKO NTITWOHEZA NGOTWIYADUKIZE NGOTWIRUKE MUKIRIMBA CUMUKURU WIGIHUGU NGO MBAAAAAA! NUBWO ARUMUMUNTU AKUNDAGUSENGA KUBERA ARUMUKURU WIGIHUGU HARIHO AMATEGEKO AMUGENGA YIGIHUGU HARYAKORERARERO ARABIZI KO ARIJEWE NAHAMUSIZE, NAWE WARAHAMUSHIZE, NABO BARAHAMUSHIZE, TWEBWE TWARAHAMUSHIZE,MWEBWE MWARAHAMUSIZE, NABO BARAHAMUSHIZE. SINZIKO ARIKOSHA UMUKURU WIGIHUGU YAKOZE KUVUGAKO AKUNDAGUSENGA!!!? MBEGA IVYOVYAGO VYIMVURA YAHEKUYE UBURUNDI HARIHO UWOVUGAKO YABIHISHURIWE NIMANA KWARUKUBERA AMAKOSHA YA PEREZIDA NIYABA ARI OYA NOSABA ABANTUBOSE KWIRINDA GUCIRIMANZA ABANDI KUBIJANYE NIJURU KUKO TWESE KUMUSI WOGUCIRWA IMANZA TUZOBATURI KUMURONGO UMWE ARIKO AHOTUZOSHIRWA NIHOHAZOBAHATANDUKANYE WEWE RERO UVUGANGO PEREZIDA NIWE YATEJE IRYAMVURA NIWABA UTAVYERETWE N’IMANA WITEGURE NAVYO UZOBIBAZWA, ARIKO NKUBU WOKWAKWANYA UKIGAYA KU MANA WOHARIRWA AHARI ICAHA HAKERA DE!

  • Ngo mumisi yiherezo benshi bazokwigira abavugishwa n’Imana kandi ngo bazozimiza benshi. Nimba yatumwe n’Imana akaba afunzwe nasabe Imana imuhe ibimenyetso bizokwemeza Peter Nkurunziza ko arimana imutumye. Abigire nkakumwe kwa Mose atumwe n’Imana kwa Pharaoh (farawo). Haaaaa Pole sana. Gusa ntacowofungirwa mbona aho ahubwo nibakurekure uje kurya ibishimbo vy’ikanombe.

  • BRAVO PAPA PIERRE NKURUNZIZA: UZOWUCANA BAZOWUMUZIMIRIZAKO, CANKE BAWUZIMIRIZE MURUGO RWIWE HIHIHIHIHIIII. AKO KAJAMBO KARADRYOHEYE CANE. VUGISHWA MUTAMA KUKO IVYO IMANA IKUVUGISHA TWAMA TUBONA ARIVYUKURI.

  • Uta inkoko ntuta ico yabitse. Yomwumviriza ubwo butumwa akabwanka yabwumvise!

  • PETER NAKUMBURE AMUHAMAGARE WOSANGA AJE KUMUBURIRA MBONIVYO MUBURUNDI VYANANIRANYE

  • nasome qu’an hama tuzorabe iyo azovuga ngo yatumwe nimana yonyene izomwishu
    abarundi bari maso bose icabaye carabaye ntakizogaruka

  • Baze bamuhane vyakarorero kuko yagomba gusubiza uburundi mu makuba nkayo mt 1993 nakare ngo kudahana imbwa birwiwiza imisega nabamutumye nabonyene bamenye bakwiye gufatwa .

  • Nyakubahwa umukuru wigihugu cacu turabizi ko akunda Imana kandi twari twagize amahirwe adasanzwe yo kwironkera Umutware azi Imana azi guhimbaza no guca bugufi muri ba nyarucari .Ariko amahirwe atagize abitwa ngo nabahanuzwa jambo biwe nta gukunda Imana bafise . Babaye abakunzi binda . Babaye abo gukokeza. Nico gituma bagiye bamwononera mu kuganza kwiwe bakamuhanura ivyo kumucafuza nabo aganza(abanyagihugu).None raba nkubu kumbure yari yigiriye amahirwe Imana imwiyunvirako none bariko baramuhuvya ngo ntakabonane nuyo muntu. Erega Imana ituma uwigomba ,kandi ikarungika intumwa kuwikunda.Kuvuga ngo Imana izokwitumira uwiburundi aho woba wihenze kuko ntawomenya ko nuwo murundi yoba ariwe yahereyeko gutuma bikananirana. Ariko ico nzi co,ugasanga koko ari Imana yamutumyeko ya mwunviriza, kuko Ijambo ryayo ntirizogenda ubusa. Ico nohanura nyakubahwa mukuru wigihugu cacu na fukame asenge Imana yiwe Imwemerere kwakira uyo muntu ,yunve ikibogaboga muriwe.Niyarangiza kumwunviriza aheze asuzume neza iryo jambo asenge Imana Imuhe inyishu yaryo.Erega haraho yoba igomba imwereke uko akwiye kuganza, imuhe ubundi bwenge atahorana.Mbe mwibaza ko gutwara igihugu vyoroshe?Nayo gutabwa muri yompi vyo ntagitangaza kirimwo kuva kera intumwa zamye zihamwa!!!!!!!ariko uwubata munvuto n,uwumushigikiye akajinyura amenyo we aragowe amagogwa ageretse kuyandi .Ibereho mukuru wigihugu kuko Imana Igufiseko umutima .

  • kagame ntimumuvuge kuko ntakibazo afite nabarundi kagame arikwije uwo muvugabutumwa yari kumwuva akamureka akagenda kuko ntaco yaramutwaye none aho mumwagiriziki?

  • Ndakeje cane sécurité raproché ya Nyenicubahiro umukuru wigihugu cacu kugirwa ciza bakoze nabe yarabanza agashira ubwo butumwa Kagame kuko sinibazako Imana yari kumutuma kungorane zomuburundi tutazisumvya urwanda ahubwo birateyisoni kubona nabanyamahanga basigaye bashaka kutuvogera ngonukwo dufise democratie yikirenga.

  • Ati kumuta muri yompi!ivyo bito?bamw peter yahitira ara SAFISHA ntivyari ibiremwa?mbega mukangwa n’arya ma podium yirigwarakindirako agaramy mugani wiwe ngo ari mu bikorane?heheee!ye baba weee,irya ni propagande kndi aja kuyigira muma sects amwe n’amwe kk muma dini yinararibonye ntavyubahuka muribuka agitangura aza kwisangiza umubiri wa Kristu aharaho?bamaze kubona utwo yigira baramwihereranije mu rupfasoni rubabereye baramubwira k ivy’IMANA atari propagande!so,he must meet that men of "GOD",maybe he is the one they use to "gossipe" together during his propagand!please mr peter don’t ignore him because he is not defferent from the one who told u what u until now u beleve when u were in maquis!why are u refusing now?that "God" u beleved when u were still in maquis is not the same now ure the presedent?oh gosh!come on man!i think u should know were u from and what u use to beleve before rejecting that man!why don’t u think is the same man of God u met when u were still figthing?i mean the one who told u that u will be a president?or u are afraid because maybe he is coming to tell u:oh...look mr peter nkurunziza,your mandat is now over!don’t try an other one because if u try it u will return in Malagarazi river and for now u will never ever .......heeee!nakadga da!

  • POLITIQUE NI VY’IMANA NTIMUBITERANYE.

  • Uwo sumuvugishwa ni Imana ahubwo yetumwe na shetani Kagame ashaka kuduhekura, murakurikirane nabandi nuko babeshera Imana. Ejo bamwambutse aje kubwira Kagome ko Imana yamushavuriye kubera Yicishe miliyoni zirenga 6 akumva ko ntaco yakoze. Please abo batekamitwe mubamirire Kure.

  • Bantu mwe! mwitonde Imana ntikangwa n ibihagararo!mwibuke inkomezi za goriati hama musome mu bami ba 2 igice 22 :5-8 naho bose bovuga vyiza ukuri kuraba.yari kumwumviriza aagasaba l’esprit de discernement.atinye iki?REKA GUTUMBEREZA KWA KAGAME RABA AHO IMANA YATUNZE URUTOKE.NIMUKIZWE NEZA GUSA.uko ni ugukora mu mbonero y ijisho ry Imana.

  • mbega akamaramara. huyu mukozi w Imana afungiwe iki? kobarundi abarundikazi bavugako Nkurunziza pierre yatowe nimana kuki atumvirije huwo munyarwanda umuzaniye ubutumwa IMANA YAMUTUMYE . NIBARUBUTUMWA BUVUYE KUMANA KANDI NAWENYINE ARUMUKIRISITU NOMUMPUZU ZIWE CG UMUKENYEZIWE AZABUSANGAMO!

  • Nagira ngo nsabe umwe wese aronka akadyo ko kwandika kuriyi nkuru yirinde kugira ico avuga atabanje kwiyumvira ivyo agiye kwandika kuko murazi ko tweswe ndetse n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza turi musi y’ukuboko kw’Imana.Birababaje iyo mupfa kwandika ibyo mwiyumviriye mutabanje kumenya ivyo muvuze.Twubahe abakozi b’Imana uko boba bari kose.Ibuka Yohana abarira Herode ko Herodia Atari umugore wiwe yabirenzeko yica Yohana ariko Herode yapfuye urupfu rubi aturitse inyo zikoroka.Petero Nkurunziza niyemere kubonana nuwo mukozi w’Imana yumvirize iyvo yamutumweko avyemere canke avyanke ariko yanavyumvise.

  • UYU MUNTU YIYITA MAMA NAHORA NSOMA NAHO YANDIKA VYINSHI !!!NONE KO MUZI KO PRESIDA N INCUI YIWE ITAMURONKA VYOROSHE ..NONE UWO MUSENZI ASHAKA KUMUFATIRA AHO AMUBONEY!!!!KO ATAMUSANGA MW ISHENGERO ARIHO VYOROSHE ..EREGA YEMWE JEWE SINEMERA DD NA PETER ARIKO PRESIDA SI UMUNTU ABONWA NA BOSE MUVYIBUKE ...KUKI ATOBA AJE KUMWICA|}}

    !!!!!!

  • Emwe uwomugabo Mwongeye Theophile ategerezwa kuba yatumwe na Paul Kagomé. Bavandimwe mwibuke ukuntu uyu mugome Kagomé yishe Karegeya: Yamutumye ko mugenze we wakera amutumako mwi hoteli amwicirayo.
    Ubu ntivyoroshe abagome, abanyonyezi n’ibisuma bose basigaye biyita abavugira Imana. kandi no mwabo ba pasitori harimwo abakoreshwa na za shetani nka Kagamé. Nta numwe rero azi uwomugabo ikimuzanye. Nibyiza ku bamufashe ngo bamubaze. Mugabo Nkurunziza ntaryame aho hirya ya Kanyaru hari i Shetani Kagome yamaze abantu.

  • Uwo mivugabutumwa buriya yari yatumwe na Kagame na kabarebe!! Erega buriyauburozi yari abufite mukanwa dore ko mu Rwanda abatutsi bose Kagame yabigishije gukora amahano :Gukona abahutu, kubica bahagaze (inzara) , kubafunga , kubaroga , kubambura ibyo batunze , kubagira abacakara, kuba inkomamashyi!!!!,...... Nibamubohe. Ese kuki atahanuriye umwicanyi Kabuhariwe Rukarabankaba KKAGAME? ??????

  • Umuntu yanditse agakoresha izinaryanje ntahataniye na Pierre Claver Mbonimpa yafashe amapfoto yabapfiriye muntambara zihitiye muri Congo igihegihitiye na M23 akayazana akayagereka kugihugu yita kwarirwiwe! Ndazikwabataribake bashobora kubabamaze kumenya kwatarijewe navyanditse ariko ukoyanditse izina ryanje yakoresheje indome zitozito kuva kuyambere gushika kuyanyuma, yazizemwo namajambo yomuri bibiliya mugitabo c’Abami ca 2 igihimba 22:5-8 gufata ivyowiyumvira ukabigereka kuyundi nibibi ntahubuntaniye nokugenda ukazana amafoto yabiciwe mubindibihugu hanyuma ukazana amafoto ukemeza ko bishwe Nabarundi. Jewe ivyonandika nandika ibintu nshobora kuzokwemanga, ubonako ivyikigihe urishinga ugakora ibintu winyegenje wagiraguti ukabona vyose baravyegeranije bakaguhamagara kubisigura mugiherero wandika ibintu vyogukokeza ukabishira kwizina nyuyundi ntabwo arivyiza, reka ninaronkakanya ndareba uwoyanditse mwizinaryanje ndebeko hariho irindizina akoresha ndaza kuritangariza nabandibose umwanya niwugora kuboneka kuko birafata akanya nkakiminota 30 hariho abonkunze kubona bandika bakoresha amazina arenga 3 umwanyumwe ukabona yanditse iciyumviro uyundimwanya ukabona yanditse yirwanya agashigikira bariya nabariya ukwonukwiyononera ubwonko, jewe ivyonandika nibintu nubwo nohamagarwa imbere yabakuze nabana udashobora gusangamwo ibintezisoni njewe nkumuvyeyi, nkubuhariho umunti kuvaho Mbonimpa amaramariye yaciye ahagarika gusubira gukoresha izina yahora koresha ubunagize ndashira information nkoresha kwizina yahorakoresha incambona amazinayose yirirwa arahinduranya ukibaza atinyungu yuyumuntu irihehegayemwe!?

  • Ndafise ibibazo nibaza:kuri Nyakwubahwa President du Burundi Pierre nkurunziza:1.mbega ko yagize amakenga, kugira amakenga ni icaha?? 2.mbega twokwemeza koko yuko Nkurunziza yokwanka kwumva ubuhanuzi buvuye ku Mana??ivyo ntawovyemeza neza.kuri Theophile:1.mbega ninde yokwemezako theophile atatumwe n’IMANA?2.ninde yokwemezako theophile yatumwe n’Imana?na ivyo ntawovyemeza.Ico nemeza nuko Imana imenya urugezo umuntu uwariwe wese agezeko imbere yabandi.kandi ibintu vyose bigira uko bigenzwa.nyamba theophile yatumwe n’IMANA koko,arazi ko amategeko ariho kugira akurikizwe.mugihe adashaka kuyakurikiza,arafise impamvu.iyo nayo ishobora kuba nziza mugihe ari Imana yamutumye(kuko Imana atacikorera ubusa).ariko kandi ishobora kuba mbi mugihe atari Imana yamutumye.kuberako turi abana babantu,tutamenya ibirimumitima yabandi, dutegerezwa gushiraho amategeko,kand tukagiramakenga menshi mugihe amategeko adakurikijwe.iconzi nuko amategeko nayonyene iyo ari meza,avaku Mana,.RERO theophile,humura,kuko Imana irazi aho yagutumye,nuko hameze.nyamba watumwe n’IMANA KOKO warakaravye.kandi Imana ntizoburaho ibicisha kuko inzira zayo zirenga igihumbi.kand uzokomeze kubisengera cane.si non,utatumwe n’IMANA,Uragowe.kuri president:kuberako guhonyanga amategeko aricaha,si vyiza gupfa kwakira theophile vyoroshe(aho amategeko yobahonyanzwe nuwarakwiye kuyakingira).ariko harakwiye amasengesho menshi.kand Imana iravuga.ndavyemeza neza.ntakizoyibuza kubabwira ukuri,kuko yoyo irabamumutima,kand ntawoyisaba umutsima ngo imuhe ibuye.kand natwe nkabarundi turakwiy gusengera u Burundi,nabatware bacu.GUSA ICO NARINZI KANDI NSUBIRIYE KUMENYA NI UKO IMANA IKUNDA U BURUNDI.

  • Ntiyatumwe n’Imana kuko iyo iza kubas ariyo yamutumy ntirayi kunanirwa.kuko uwo Imana utumy ntananirwa.

  • pierre nkurunziza ninde ashoboye igihugu nkawe....nabakureke ugitware abagumyabanga turi inyuma yawe kandi tuzogushigikiza amaboko yose

  • AHAAAN.....BANTU MUTEMERA IVYIZA CNDD-FDD IRIKO IKORERA ABARUNDI....TWEHO TURABIBONA.BARAYAMAZE NGO"NUWUTEMERA URUKWAVU,NIYEMERE KO RUZI KUVUGUTA".

  • Abiyita abavugabutumwa ubu bagwiriye pe....nukuhagabira kuko benshi bihigira ico barya no gutesha intumbero abakund imana koko....mwegeze kure maze mutohoze kuko.....umwana w’uwundi yimba aguhisha ivu....ntawuzi icamutumye...

  • Abiyita abavugabutumwa ubu bagwiriye pe....nukuhagabira kuko benshi bihigira ico barya no gutesha intumbero abakund imana koko....mwegeze kure maze mutohoze kuko.....umwana w’uwundi yimba aguhisha ivu....ntawuzi icamutumye...

  • you must listening information then rejecting it after

  • mumureke avu ge mwasanka ari ukuri

  • mwongeye teophil ivyiwe bigezehe

  • Ijambo ry’imana ntirizirubusa nubwo atovuga amabuye yobivuga none aracafuzwe ?

  • none uwo muvurwa butumwa yashaka kubwira iki présidant NKURUNZIZA

  • namuhe uwo mubonano kk harigihe? ivyo ari vyo,

  • aracapfuzwe nubu ? haruwanka icatarabarirwa ?na namani yaragiriwe inama aremera.

  • Kuki ashoboroguhohotera umukoziwimana aziko imana itazobimuhoronarekureuwomukoziwimana

  • iyo aba uwundi yari kumviriza ubwo ,butumwa bwiza ariko igihugu cu ..burundi ntikizobura ivyago kuko gifis indongozi atarizo

  • iyo aba uwundi yari kumviriza ubwo ,butumwa bwiza ariko igihugu cu ..burundi ntikizobura ivyago kuko gifis indongozi atarizo

  • Nakomeze Yicamatwi Gusa Yorekura Iyo ntama Ikigira Amarembe.

  • nukubera iki umukuru wigihugu cacu bamuzanako iterabwoba.nabanyamahanganabo nibamureke komere kumuheto.

  • Mbe Ko Yirirwa Aramwirukako?Ntabe Yarabimwandikira Nkuko Yandits Amusaba Umubonano?

  • Iyo Bamwinvira Kuk Abantu Nkab Ivyo Bavuz Usanga Arivyo Kandi Kumupfunga Bagiz Amakosa.

  • Mbe yari yibagiwe ko President aba afise umuserukira, kuki atarondeye kuvugana nuwo amuserukira? Bamupfunze hageze.

  • noneko bosi ari abakozi b Imana,ntiyari gupfungwa kk nibazka bari kuyaga ivy Imana.a moins que Imana bavuga batayihurizako.

  • None ubwo butumwa bwavuga ngwiki?none nubu ntaraburonka?

  • pierre atumvir imana azumvira abantu ahebe mandent

  • Ntiyaringombwa Bacebamupfunga Barikurindira Agashikiriza Ubutumwa Kuko Ugaye Uwobatunye Ubugayenyene Kumutuma.Kukoburya Imana Ikorera Mubantu.Jenasabako Mwomurekura Akabandanya Igikorwa Ci Imana Amen.

  • Nibamureke Bagabo Ahoborandurwa N,IMANA

  • none ko ari mwibohero ntarhobora gushikiriza ubwobutumwa? ari ubwubaka

  • Oh numuntu w imana kweri!Nibamureke avuge icimana yamutumye

  • nibamurek kuko birumvikanak aruwimana yatumye

  • MBEGA UWOMUVUGISHA ARITONDERA IVYAGEZWE CUMI HARIMWO NI CAGEZWE CA KANE? kitubwira kuruhuka umunsi w isabato(KUVAYO 20:8-17)nyimba atitonderara ICO CAGEZWE co kimwe n ibindi icenda n umuvugishwa w ibinyoma(yesaya 8:20 NTABWO URI MUBWIRA NTIBUCE ARONGOWE N IMAÑA.

  • Icombona Kandi Gikuru Ntibari Gufata Iyongingo Yokufunga Batabanje Kumwihereranya Bumve Icogishasha Nimbagifunzwe Nibamwumvrize-.

  • Jewe mbona ari vyiza kumurekura kuko uwo muntu ntiyizanye.

  • Nabasisirikare Nibazako Yari Yabahaye Mission Yogucabamufunga Yibajije Kobaje Kumubwira Arekure Peter Ntamana Mumatwi Yiwe Ahubwo Womubwira Ifaranga Imizeze Yabo Yaramaze Gupanuka Nahe Mutama Agathon Atware Nayo We Yananiwe Uburundi Bwari ubwakera Butajamwo Icocorezo Ngo Ni Cndd Fdd Mugabo Imana Niyo Irimbere.

  • Nonenubuntaravamugasho?Mbese Ibyoyavuzebyarabaye?

  • Ntekereza Kwatakosa Bivanye Namtgk Yabmfashe.Gusa Bashobora Kumurekura Amathz Bmsb Ahze Niko Bimez.

  • wosangaho arumuvugishwabinyomanaho

  • none hari uwanka icatumvise?
    abamufunze barihenze! bari kumusaka ko ataco afise cica hama bakavugana! bakamusaka bikwiye svp!!!

  • None se nubu aracafunzwe ?
    Nimudutohoreze

  • None Ko Bamupfunze Bamupfunze Kubera Iki

  • Ahubwo Uwomuvugabutumwa Yoba Yararwaye Mumutwe.

  • Ntakindiyashaatariugutabwamuriyompi

  • numuvugiswa wibinyoma kandi azoze aritondera ivyukuvugishwa.

  • Nibazako bomufungura bakamusaka ko ataburozi afise hanyuma umukuru wigihugu cacu akamh umbnno ntawnk ic atrmva.

  • NIBAZA KO BOMUSAKA BAKANASHIRAHO VYABINTU BISAKA IVYUMA MUGABO BAKAREKA AKABONANA NAWE

  • None Nlkicatumye Yanka Kunva Ubwobutumwa? Nabamufunzebamuhoye Ubusa Ha Akarenganyo Nijenzogaheza Muburundi Kuko Bantazira Bowamenerige Rufatirorwigihugu

  • Non Gupfunga Imburi Wob Ariwo Muti Koko?

  • NONEIYONKURUYUWOMUVUGABUTUMWAUYUMUSIIGEZEHE?CANKEMUMUBAJIJEAVUGAIKI?

  • BAGIZ VYIZ KUK HARIGIH WARI GUSANGA AR’INKOZI YIKIB

  • Vyukur Muremera Yuk Uwo Muvuga Butumwa Avugishwa Nimana Karakanko Yank Nkurunziza

  • EGONIBAMUPFUNGEUWOMUNTU BABANZE.GIREAMTOHOZA.

  • icipfuzo canje nukobomurekura agashikiriza icipfuzo ciwe akirenganira

  • mana mfasha umukoziwawe nokuba agihema mana nikubwimbaragazawd ?ubundi perezida wuburundi nidaimoni

  • iyonkuru niyubeshi ahubwo uwwo muvuga butumwa akwiye guhanwa suko bavuga ubutumwa.

  • nibamurekure kuko atacaha afise yari umuvuga butumwa abubandanye

  • Ahubwokuba.Adashakakwumva Ubwobutumwa Nuko adakunda Imana

  • Ndabishigikiye napfungwe bimwe bikomey:ubutumwa yarikubuha Paul kagame nabarongoye sinarebe.

  • NANFUNGWE YARI KUVUGIRA IMBERE YABARUNDI ARO UMWIHERERO NKUYO HARIMWO AMAYERI ?

  • none burya ubwo butumwa,yabaye akibutanga?atabutanze,yagerageza akazabisengera kugira ashitse ivyayo.

  • Ahubwo Naho Ari Mumunyororo Ubwobutumwa Nabuvuge

  • Jewe Kubwange Nibaza Koyohabwa Ico Kiganiro Mugabo Bakaja Kumugaragaro Apana Ivyo Yivugisha Ngahihereye Kuko Abanyarwanda Ivyabo Ntawovyizera Ijana Kw’ijana

  • Gutohozanivyo,ariko Atakimwagira,bomurekura,kandinubwobutumwa,azobuvuge,kandi Ahonukurabaneza.

  • Cakwanza,kiramutuwowote Kutoka Mugwanda Hamutakikumuona Kwetuburundi Kwasababu,inciyetu Hipendaninai Nci Yarwanda,anasema Amemuretea,ujumbe Kutokakwamora mutu,akikurea,ujumbe Sivibaya Sikia,ujumbesasa Ndomana Wazungu Wamefanyavipimo.Usiwekamakagome .Uzingatie,uchumi dian yote.

  • Yooo!ndamwumviye akagongwe.iciyumvirocanje nukobomurekura.ubutumwabwiwe nyimbababwanse nibamwugururire yitahire Imana niyo mucarubanza

  • none uwomuvuga butu mwa yagomba gushikiriziki

  • Ahu Bwo Mwo Mwu Mviri Za Muku Mva Ivya Vu Ga Avu Ze Bibi Mukamu Funga AVuze Vyiza Mukamurekura Harihowosanga Mumu Renga Nya Kuko Ntabe Umurya Bwa Yatuki Shije Umuryo Ngo

  • AHUBWO NIBAMUREKURE AVUGE UBUTUMWA BWIW BABANZ BAMWUMVIRIZ KUKO IMANA NIY CABONA

  • NIBAMUREKURE AVUGE UBUTUMWA BWIWE KUKO BARAMURENGANIJE

  • Non uwomuvuga butumw ntibobanz kumurekur akavug ubutumw bakumviriz ico yaragamij

  • TURASHIMA,INTAROYApetroNKURUNZIZAnaruburundinezatwarenza,imyakamirongine40!!!!

  • TURASHIMA,INTAROYApetroNKURUNZIZAnaruburundinezatwarenza,imyakamirongine40!!!!

  • Perezida Turamukunda Nagume Adukunda Atureke Twikacakacire Inzahabu beshi mubanya butihinda tutazikoze twokwicwaninzara

  • None Nikuberiki,uwomuvugabutumwa Yashimye Kubuha Umukuru Wigihugu?Kuki Atobuha.Igihugu Cose.

  • Imana Niyo ibona Vyose Ntucintege Wihangane

  • Nibaza Ko Ubwo Ar’ububeshi Kuko Atamuntu Avugana N’imana Muri Kino Gihe N’ukuyibeshera Kandi Izomuhana.Mbega Nkurunziza Niwe Yoba Akor’amakosa Arenz’ayabandi Bakuru B’ibihugu Gushik’ahimana Imutumako Intumwa?Mb’imana Bayit’iki?Kw’itaramutuma Kuri Paul Kagame W’urwanda?N’uko We Yera?Ahubo Ni Bamubohe Gose Kuko Akinisha Ikidakinishwa Kirazira Gukinisha Imana Politike.(scientist King Of Love Online)

  • Nne Kuberik Bamutay Mur Yomp Ataramushikiriz Ubw Butumw Ngo Bunv Kwari Bub Cank Bwiz Ikibaz Canj Nico Murakoz.

  • Yarakoz Cane Turabishima

  • None.Vyagenz Gutu Ubutumwa Buvugiki?

  • Uwo Ntawomuha Ntirwer Urwanda Turazinany Ivyo Badushakako Ahubwo Bari Kumushira Kumusaga

  • Nn Kuberiki Yobuha Umukuru Wigihugu Ntabuciche Abavugizi Bumukuru Wigihugu Ahubwo Yaramayeri Kuko Nibaza Ko Yarafise Iyindinvo Atariy?

  • Kuvyabandi Bavuze Ntaco Nokongerako

  • Nukuri Imana Irihangana.None Kobapfunze Intumwa,kandi Bavunga Ngo Umutumwa Ntakubitwa.Nibamurekure Imana.Itararakara.

  • Iyonyankaburundi,kagame yatumwe,ariyizira nkurunziza . tuzomugombora asigare kuk twamupfiriy.nibamubaz abasigay inyum,muburundi ntigwitah.

  • kuki bamuho ye ivyo na yes arumwana wimana yakira uwari we wese kuki yigiri mana yabarundi nikube riki

  • Nukuri Banzamurabekoarimukuri Imbere Yogupfunga AtarimukuriahanwenamategpekoKukoyasarishij. Haaa!Harababa Kabisa

  • Niba Ataragize Ikibazo Mumutwe’ Akaba Koko Yaratumwe N, Imana Nayo Izamukiza Amaboko Y,ubutegetsi, Ariko" Niba Abeshyera Imana Nayo Izamwerekana Ko Arumubeshyi.

  • KUBERA IKI BATARI KUMUREKA AKAMUSHIKIRIZA UBWO BUTUMWA BUDASANZWE IMANA YAMURUNGIKANY.IGIKURU NTIBARI KUMUTA MURI YOMPI,NAHO BIMEZ UKO NTADEBUKIRW ARABANYA UBUTWA YASHINZWE.

  • non womuvugabutumwa ntawundi yobibwira atarisebarundi ahubwo nibamwicarire neza bamubaze icoyaraje gukora .

  • UWO MUNYAGWANDA MUMUPFUNGE IMYAKAYOSE KUKO AKAJA ABANYAGWANDA BATUGIRIRA KARADUSHEGESHA DUKENEYE KUBAKURAMWO IRYO VOGONYO BARAGASHIRANA NABABO.

  • Ah, None C Abakuru Bibihugu Ntiba
    Shaka Kubwirwa Ubutumwa Bwiza!
    Byiza Bomurekura , None Uwomuntu
    Ashakako Phita Aba Umu Adeperi?
    Ibyo Namanjwe Yamadini ,si Yesu,ya
    Mutumye, Gusa Bomurekura Akisubir
    Ira Mu Byamadini Yiwe Aho Birase,
    Nakare Abahunze Urusengero Rwi
    Mana Yiyubakiye Baciye Biyubakira
    Izabo; imana yo munsengero zubats
    we nabantu, irwanya; Yesu Ntakindi

  • Yebegaye Mawe!!!!Uwo Munyarwanda Nyimbadakomeye?Guhangara <SEBARUNDI>?Ahubwo Iconobona Bomubaza Icoyarajegukora Mu burundi Kuko IMana Ntiyarikurinda Gutuma Umunyarwanda Kandizi Nivyobadukoreye Ahubwo Nukumwitondera Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.