IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umuririmvyi Rallye Joe yatahukanye agashimwe ka PRIMUSIC

Umuririmvyi Rallye Joe yatahukanye agashimwe ka PRIMUSIC

lundi 17 Kigarama 2012

Umuririmvyi Rallye Joe niwe yatahukanye amafaranga imiriyoni cumi hamwe n’umuduga mu gutahukana ikibanza ca mbere mwihiganwa ry’abaririmvyi PRIMUSIC ryateguwe n’ihinguriro ry’ibinyobwa BRARUDI. Uwa kabiri yabaye Samanta, uwa gatatu aba Patient Matabaro.

Mugihe hahiganywe abaririmvyi batatu Rallye Joe niwe yasumbije Samanta na Patient Matabaro mugutsindira ikibanza ca mbere kuri uyu w’imana mwihiganwa rya PRIMUSIC ryari ryahuje kuva mu kwezi kw’icenda, abaririmvyi b’abarundi bangana n’amajana atandatu. Mugice ca kabiri gishira ica nyuma hakaba hahiganywe abaririmvyi cumi na babiri ,ahaciye hatorwa abo batatu bahiganywe mu gice ca nyuma .
Rallye Joe yahamagawe ubwa kabiri inyuma ya Matabaro yaririmvye indirimbo yo mu mahanga ;ariko Rallye Joe we yahisemwo kuririmba akaririmbo kiwe kazwi kandi kanamuhaye iteka « Reka ntahe » uwa kwirikiye ariwe yaciye aba uwa kabiri ni Samanta nawe nyene ntiyaririmvye ururirimbo rwiwe ,uyo rero akaba yaciye aja mukibanza ca kabiri akazoronswa ku wa 21ukwezi kwa Kigarama imiriyoni zitanu,uwagatatu Matabaro nawe azoronswa imiliyoni zibiri n’igice mugihe Rallye joe yabaye uwambere we ,azotahana amafaranga imiliyoni cumi n’umuduga.
Abagiye barafata amajambo barashimye mwene ayo mahiganwa ngo kuko atuma abaririmvyi b’u Burundi bamenyera guhiganwa, eka mbere bakaba banasavye ayandi mashirahamwe kw’igana ishirahamwe Brarudi mu guteza imbere umuziki w’u Burundi. Kubwa kidumu umuririmvyi w’umurundi azwi cane mu karerere ka Afirika y’ubuseruko ngo kubona Rallye Joe aza ubwa mbere ngo nicerekana ko abaririmyi bo muri komine Kinama mu gisagara ca Bujumbura bafise ubumenyi eka n’umuziki wabo uteye imbere.

Ku bandi bahiganywe bobo barashimye ngo kuko atako batari bakoze ngo babe abambere, ariko bakibutsa abanywanyi babo ko hanma haburana babiri hagatsinda umwe . Baba abahiganywe baba abaje kurorera bose barashima ingene ishirahamwe BRARUDI rifasha mu guteza imbere umuziki ,basaba ko n’abandi babishoboye bo kwigana BRARUDI .

Amwe mu mafoto yo muri ivyo birori

JPEG - 64.3 ko
Rallye Joe yatahukanye agashimwe
JPEG - 108.5 ko
Abari bajejwe gutanga amanota
JPEG - 54.9 ko
Hagati: Kidumu arikumwe n’abagenzi biwe
JPEG - 65.7 ko
I buryo, umuririmvyi Kidumu
JPEG - 99.9 ko
Abatumire mu birori
JPEG - 382.5 ko
Abakunzi b’umuziki
JPEG - 162.9 ko
JPEG - 24.9 ko
JPEG - 60.5 ko
JPEG - 18.3 ko
JPEG - 98.9 ko
JPEG - 90.7 ko

Raymond Nzimana

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.