Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi CENI wasavye umukuru w’igihugu kwigiza inyuma amatora
Umurwi CENI wasavye umukuru w’igihugu kwigiza inyuma amatora
mercredi 3 Ruheshi 2015
Mu gihe amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka yari ategekanijwe kuwa gatanu igenekerezo rya 5 Ruheshi,umurwi utegura amatora CENI mu Burundi,wasavye umukuru w’igihugu kwigizayo amatora.
Inama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere yabaye kuw’Imana igenekerezo rya 31 Rusama yasavye ko amatora yokwigizwa inyuma ku kiringo c’ukwezi n’igice.Kuva abakuru b’ibihugu babisavye abatari bake baramenyesheje ko iyo ngingo ari nziza naho mu murwi CENI bwerekane neza nimba amatora azoba kw’igenekerezo rya 5 Rusama canke ko bitegerezwa guhinduka.
Amakuru dukesha iradiyo y’abafaransa RFI amenyesha ko kuwa kabiri igenekerezo rya 2 Ruheshi umurwi CENI washikirije icipfuzo co kwigiza inyuma amatora mu minwe y’ibiro vy’umukuru w’igihugu.

Umuvugizi w’umurwi CENI Prosper Ntahorwamiye yamenyesheje ko bisunze ko ari igikorwa c’ubuhinga basavye ibiro vy’umukuru w’igihugu gufata ingingo.Yavuze ko barindiriye ingingo izofatwa n’ibiro vy’umukuru w’igihugu.
Mwomenya ko ibikorwa vyo kwiyamamaza vyarangiye kuwa kabiri igenekerezo rya 2 Ruheshi ku mugoroba,ariko amakarata y’abatora akaba yari agitangwa mu bice bitandukanye vy’igihugu.
Messages
3 Ruheshi 2015, 11:18, par Ntawe
Ahubwo Ivyo Bigabo Navyo Sinzi Icobirindiriye Tamwomeke Rekakumira Kwisahani Ngo N,uko Muriko Murafungura Abarundi Nabo Muriko Mubategurira Uburozi.Musumbwe N,abagore Babiravye Bati: HAGUHAGA URIUMUJA WOSONZA WIDEGEMVYA,
3 Ruheshi 2015, 12:44, par Hanugwa Wumve
Mbe Basha Azoca Aba Ryari?C.E.N.I Yafashwe!Vyemere Kovyabananiy Kuyategura Bitew Nubuken Bwamahera Knd Ko Mutagikwiye!Ndabisubiyemwo Ntamatora Agiy Kuba Muburundi!Muzompinyuza
3 Ruheshi 2015, 13:31, par TITO
EGO CANE NAMWE MUBANZE MWITUNGANYE MUGUSUBIRIZA BARYA BABAVUYEMWO
3 Ruheshi 2015, 14:49, par ndikuriyo
Jewe ndumva abagabo. Ivyo ntawe ashikirije eka ni ntawe nyene. Abo bagore ivyabo ntawobimenya kuko bemeye guhemukira igihugu Kubera udufaranga bahabwa na Pacifique. N’uwo Pacifique yarakwiye kuza agacibwa urubanza tumubona kuko ayo mahera atunanye ariko asambuza igihugu nukuri bitebe bitebuke azobibazwa kuko uko bigenda kwose azoteba atahe igihugu ntigipfa kweri. turamurindiranye igishika.
Aharure ibiriko vyononekara yandika ahadata aharure. Sawa ok.
3 Ruheshi 2015, 17:16, par Pajo Patrick
Si Nsenga Cane Arko Ndababazwa Cne N,abinyegeza Inyuma Y,imana Ari Hypocrisie.Mana Ndagusavye Ugaragaze Abantu Nk,abo Biyita Indongozi Muguhenda Abantu Witoranirije.
3 Ruheshi 2015, 17:17, par Pajo Patrick
Si Nsenga Cane Arko Ndababazwa Cne N,abinyegeza Inyuma Y,imana Ari Hypocrisie.Mana Ndagusavye Ugaragaze Abantu Nk,abo Biyita Indongozi Muguhenda Abantu Witoranirije.
3 Ruheshi 2015, 17:32, par Habonimana eugene
Nukuri twihweje ukuntu bagiy barabisaba mbere namakungu akabishigikira mbona ko mwoyigiza inyuma @nakare ntawucumba induru zivuga@ nimubigendere kandi burya ubugabo burihabwa.
3 Ruheshi 2015, 17:33, par Habonimana eugene
Nukuri twihweje ukuntu bagiy barabisaba mbere namakungu akabishigikira mbona ko mwoyigiza inyuma @nakare ntawucumba induru zivuga@ nimubigendere kandi burya ubugabo burihabwa.
3 Ruheshi 2015, 17:55, par kajekurya
pacifique nawe ntavyo mutamwagiriza. mbega arafise aka machine gafyatura amahera yo guha abo bose mwama mumwagiriza? ni mumureke yibereho ni intwari kandi ariko arondera ineza y’igihugu. iyo tugira abagabo 10 nka paci igihugu cokize
3 Ruheshi 2015, 18:10, par Bukeyeneza jean de Dieu
Vyukuri niyiyubahish avyumve.
3 Ruheshi 2015, 18:50, par Hakizimana Jean Berchmans
AMATORA ARAKENEWE.ARIKO MUGIHE YOBA ATACO ARI BUHINDURE KUVYO TUBONA MU GIHUGU,YOBANGIRA AGAKORWA KU NEZA YA BENE BURUNDI.
4 Ruheshi 2015, 15:31, par Thoma
nanje ndashimye kwa matora yigijwe inyuma kugira haze ituze mu gihugu
8 Ruheshi 2015, 15:08, par Siyororo
Abo Bose bandika bashigikira mandat y’ubusuma,ndababwire ubugaba hamwe n’ubujuju vyanyu ,umugambwe wanyu utwaye imyaka 10 mukaba mufise umuntu umwe rudende ashobora kwitoza none mwamaze oki uri ico gihe code?un candidat mutubwira KO yamaze imyaka itanu ahonja gutwara (2005-2010)ntiyatwara yarahonka gusa.!Rwasa naje mû bandi yitoze mugihe amatora yoba ateguwe neza