Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Umurwi MOUTCHO mu Rwanda kuvuza mu giteramo c’igihangange Cecile (...)
Umurwi MOUTCHO mu Rwanda kuvuza mu giteramo c’igihangange Cecile Kayirebwa
mercredi 25 Ntwarante 2015
Umurwi w’abacuraranzi Moutcho washitse mu gihugu c’Urwanda aho watumiwe kuremesha igiteramo no kuvugiriza igihangange c’umuririmvyikazi wo mu Rwanda Cecile KAYIREBWA.

Umurwi w’abacuraranzi b’umudiho wa Jazz-Rock w’i Bujumbura, Moutcho Band bari mu gihugu c’Urwanda aho bitabiye kuvuza mu biteramo bibiri vyo mu mpera z’iyi ndwi. Kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante, Moutcho Jazz- Rock Band bazoba bari mu bunywero White Horse buri mu gisagara ca Kigali iruhande y’ishuri y’aba Birigi(Ecole Belge). Twabajije Arnaud NGANJI umwe muri 3 bagize umurwi, igituma ku gicapo ntangaza giteramo handitse ko kwinjira ari ku buntu, nawe atubwira ko abazokwitaba igiteramo bazoriha ibindi(ibinyobwa, n’ibindi vyo mu bunywero).

Inyuma yaho, Moutcho Jazz- Rock Band, bazovugiriza inararibonye mu muziki w’Urwanda no mu karere, Cecile KAYIREBWA. Uwo afise igiteramo ku w’Imana igenekerezo rya 29 ahitwa “Masaka Farms”. Uwo muririmvyikazi Cecile Kayirebwa akaba yahisemwo umurwi Moutcho igihe bariko bavuza mw’isabukuru.
Amakuru turiko turonka n’uko umurwi watanguye imyimenyerezo mu gihugu c’Urwanda. Arnaud NGANJI ati:" Ni iteka rikomeye ku gihugu c’Uburundi aho umurwi nka Moutcho utumwako kuvuza mu kindi gihugu. Ni intambwe ikomeye ku muziki w’Uburundi.

Umurwi Moutcho uri mu myimenyerezo


Umviriza rumwe mu ndirimbo za Cecile Kayirebwa "IKINYANGE"
Cherif Nkeshimana