Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi ujejwe kurungika mu mashure abahejeje umwaka w’icumi wamirira kure (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Umurwi ujejwe kurungika mu mashure abahejeje umwaka w’icumi wamirira kure (...)

Umurwi ujejwe kurungika mu mashure abahejeje umwaka w’icumi wamirira kure ivyo wagirizwa

jeudi 2 Gitugutu 2014

Umukuru w’umurwi ujejwe kurungika (orientation) mu mashure abanyeshure inyuma yaca kibazo co mu mwaka w’icumi, Tharcisse Ncamumikani, asaba ko ishirwaho ry’uwo murwi ryoza rirakorwa hakiri kare kugira haboneke umwanya ukwiye wo gukora. Abishikirije mu gihe vyagaragaye ko abanyeshure n’abavyeyi bamara igihe kinini bayerera bakeneye uwobarenganura.

Uruja n’uruza rw’abanyeshure n’abavyeyi bari bamaze iminsi batonze ahasanzwe hakorera umurwi ujejwe kurungika abanyeshure mu mashure atandukanye inyuma y’ikibazo co mu mwaka w’icumi rusa n’urwarangiye kuko ikiringo cari catanzwe carangiye. Ariko n’ubwo biri uko ,umukuru w’uwo murwi Tharcisse Ncamumikani, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, amenyesha ko igikorwa co kurenganura kikibandanya ku mirwi imwe imwe y’abanyeshure, abo nabo ni nk’abatisanze ku ntonde za mbere canke abashizwe ahatariho, abo nabo ni bamwe bashize muri externat canke abo bashize mu mashure y’abahungu ari abigeme canke igihushane. Uwuzoza eka n’uwo vyagoye mugabo abifitiye uburenganzira bazomurenganura nk’uko Tharcisse Ncamumikani abandanya abishikiriza. Nayo abanyeshure bataronse ibibanza ubugira kabiri ariko bari bafise iyo barungitswe bakwiye kuja iyo bari barungitswe nyene.

Hambavu y’ivyo rero igikorwa gisigaye nico gukosora mu mashini kugira mu minsi iri mbere uwo murwi uzoshobore gushira ahabona intonde za nyuma kugira abayobozi b’amashure bamenye abanyeshure bafise, Kubagiriza ko uwo murwi wakoze ukwega amaguru ndetse ko n’ico gikorwa cagaragayemwo utunenge twinshi ,Tharcisse Ncamumikani avyamirira kure avuga ko ahanini nivyoba vyaragaragaye bitabavuyeko, ndetse hari n’imvo zavuye ku bana ubwabo. Ikindi naco asigura n’uko mu mashure menshi bamenyereye abanyeshure benshi ariko ubu Reta yakira abo bashobora kugaburira abo nabo ni 50 mw’ishure rimwe.

Kugira ico gikorwa kizoze kiraranguka neza ntihabe abidogera uwo murwi , asaba ko abasanzwe abashiraho uwo murwi bobikora kare ,abayobozi nabo b’amashure boza barakora uko bashoboye kwose bagatanga ibibazo birangiza umwaka ku gihe kugira igikorwa co kurungika ubwa mbere abanyeshure bahejeje umwaka w’icumi gihere hasigaye n’imiburiburi nk’indwi nka zibiri amashure atangure. Abavyeyi n’abana nabo abahanura kuza baravugana mu gutora ibisata bazigamwo kuko vyagaragaye ko hari abana baza gusaba ko babarenganura basaba ayandi amashure canke ibindi bisata kandi batari bigeze bahasaba ubwa mbere.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.