IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Umurwi w’Intatana, ibikorwa n’imigambi yawo

Umurwi w’Intatana, ibikorwa n’imigambi yawo

jeudi 22 Myandagaro 2013

Umurwi ndangakaranga w’Intatana ufise intumbero yo guteza imbere akaranga n’umuco vy’ikirundi. Ivyo rero uwo murwi ukaba ubabicisha mu ntambo, imvyino hamwe n’indirimbo, mu murisho w’ingoma, mu murya w’ inanga y’ikurundi hamwe no kwigisha urwaruka ibijanye n’akaranga k’igihugu.

JPEG - 89.6 ko
Abatamvyi bo mu murwi w’Intatana

Intatana ni umurwi ndangakaranga wo mu Burundi. Ugizwe n’imice itatu, ariyo : abatamvyi, abacuraranzi b’ibicurarangisho ry’ikizungu hamwe n’abatimbo. Uwo murwi ukaba watanguye ibikorwa vyawo icese kw’igenekerezo rya 25 Nyakanga 2009. Nkuko awurongoye uwo murwi Nzoyisaba Homère abivuga, umurwi Intatana ugizwe n’abantu 200. Abo bakaba bafise hagati y’imyaka 5 na 45.

JPEG - 59 ko
Abatimbo bo mu murwi w’Intatana

Ibikarwa umurwi w’Intatana ukora akaba ari ukwigisha urwaruka rw’Uburundi biciye mu ntambo, mu ndirimbo no mukuvuza ingoma. Homère yavuze kova umurwi w’Intatana ubayeho umaze gukora ibiteramo vyinshi, ibijanye n’indirimbo zabo n’ibindi nibindi bitavye mu makungu bagiye userukira igihugu. Aho bamze uwo murwi umaze kuja mu akungu ni nko mu Bushinwa, muri Ethiopie, mu Rwanda no muri Kongo n’ahandi.
Ibindi bamaze kurangurwa n’uwo murwi ni uguhuriza hamwe urwaruka bakarwigisha ibijanye n’umuco n’akaranga vy’igihugu, bakabasigurira akahise karanze igihugu c’Uburundi. Bakigisha uko umurundi waho hambere yakora ibikorwa vyiwe. Hejuru y’ivyo baraha urwaruka inyigisho zo kurukundisha igihugu muri rusangi.

JPEG - 113.8 ko
Intatana ziriko zimba intambo y’"intore"

Umurwi w’Intatana ukaba umaze gusohora urukurikirane rw’indirimbo rumwe rwitwa "Ntunyime". Ubu bakaba bitegurira gusohora urundi rushasha ruzoba rubaye urwa 2. Ruzoba rugizwe n’indirimbo 10. Urwo rukurikirana rukaba rwitwa « Amararo ». Urwo rukuriirane rutegekanijwe guzosohoka mu kwezi kwa Gitugutu.

Twabibutsako uyu murwi naho ushimikira cane ku ntambo z’ikirundi, baratamba intambo zo muri Afrika y’ubuseruko. Baranavyerekanye ndetse mu misi iheze mu birori vyaurura inkino za gisirikare zihuza ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko.


SENGUREBE Joël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.