Accueil > Amakuru > Poritike > Edouard NDUWIMANA yiha amanota 90 kw’ijana mu kwunga imigambwe
Edouard NDUWIMANA yiha amanota 90 kw’ijana mu kwunga imigambwe
vendredi 9 Nzero 2015
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati Edouard NDUWIMANA arashima ingingo yafashe mw’ikete rya kabiri yandikiye Zedi FERUZI amumenyesha ko ikete uwo Zedi Feruzi yamwandikiye amubwira umugambi wo kwiyunga na Chauvinaeu Murwengezo yawikoranye. Edouard Nduwimana arashima igikorwa yakoze co kwunga imigambwe mu mwaka w’2014.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Umushikiranganji Edourd NDUWIMANA avuga ko amaze kubona ikete riteweko igikumu n’abanywanyi 19 kuri 22 bagize urwego nyobozi rw’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA, akaraba kandi ikete yandikiwe na Zedi Feruzi na Chauvineau Mugwengezo arongoye ishami rya UPD ritemewe n’ubutegetsi, agasanga hariko umukono wabo bagabo babiri, yafashe ingingo yo guhagarika igikorwa co kwiyunga kwa UPD kubera kudashigikiwe.
Edouard Nduwimana avuga ko iyo ngingo yayifashe kandi ku mvo z’umutekano kuko hari hatanguye kuba imishamirano hagati mu banywanyi bavuga ko Zedi ariko agira ivyo batumvikanyeko. N’aho biri uko, Edouard Nduwimana aremera ko Zedi Feruzi ariwe akirongoye umugambwe UPD Zigamabibanga, naho mw’ikete yandikiwe n’abanywanyi 19 banditse ko bahagaritse Zedi Feruzi mu buyobozi bwa UPD.
Ku kibazo co kwiyunga muri rusangi kw’imigambwe yasambutse, uwo mushikiranganji avuga ko ata migambwe yashatse kwiyunga hama ayankire, ahubwo ingorane ziri mu migambwe hagati yayo. Uwo mushikiranganji aravye muri rusangi asanga yarakoze akazi gakomeye ko kwunga imigambwe, akiha amanota ashika ibice 90 kw’ijana. Ayo manota ayiha wenyene arabiye ku kuntu yagumye atera akamo ko imigambi yatanye yogirana ibiganiro hagati y’abarongozi b’impande zose bibaye ngombwa barondere ababafasha mu mugambi wo kwiyunga. Ayo manota ayiha kandi afatiye ku migambwe itatu yiyunze hamwe n’ivuka ry’urunani COPA.
Edouard aragabisha umugambwe w’Abasigana utemewe mu bushikiranganji arongoye ku nama rukokoma bahamagaje kuri uwo wa 11 Nzero 2015 kuko abayitumyeko ata bubasha babifitiye. Yemeza ko inama yotumwako na Conciliya NIBIGIRA yoheza akayemera, nk’uko hari urukurukuru rw’inama rukokoma ya UPRONA ya Conciliya Nibigira muri Ruhuhuma.
Cherif Nkeshimana
Messages
12 Nzero 2015, 10:33, par MANDELA
Ntamaramara niwe yiha ikibazo akongera akikosora? aba DD mufise ingorane.
16 Nzero 2015, 09:46, par DUdu
AHUBWO WAVUZE CONTRAIRE!NIWIHE 90% MUKUYISAMBURA.JEWE MBONUKWIYE 100% MUKUYISAMBURA!!!!!!