IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umushingamateka Pascal NYABENDA avuga ko yatahuwe ukutarikwo

Umushingamateka Pascal NYABENDA avuga ko yatahuwe ukutarikwo

jeudi 1er Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Uwahoze ari umukuru w’umugambwe CNDD FDD, akaba ariwe mukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, Pascal Nyabenda, arabeshuza ko atigeze ahakana ko ata honyabwoko ryabaye mu gihugu c’Urwanda. Umushingamateka Pascal NYABENDA avuga ko yatahuwe ukutari kwo, n’abantu bamwe bamwe bafata insiguro zitarizo ku vyashikirijwe.

Mw’itangazo inama nshingamateka y’Uburundi yasohoye kuri uwu wa gatatu, bamenyesheje ko itangazo rya CNDD FDD ryo kuwa 16 Myandagaro 2016 ryateweko umukono na Pasacal Nyabenda ryakiriwe ukutariko, kuko umushingamateka Pascal NYABENDA atigeze ahakana ko ihonyabwoko ritabaye mu gihugu c’Urwanda mu mwaka w’1994.

Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yibutsa ko ibikorwa vy’ihonyabwoko uko bisa n’aho biturutse hose avyamirira kure. Pascal Nyabenda ahamagarira abantu ko bomenyera gutandukanya ibintu umuntu ashikirije ku giti ciwe n’ivyo avuga nk’uwuserukira urundi rwego.

JPEG - 91.5 ko
Pascal NYABENDA yahoze ari umukuru w’umugambwe CNDD FDD

Itangazo rya CNDD FDD ryazanye impari

ITANGAZO NO 016/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 16 MYANDAGARO 2016
Mu gihe ONU itegekanya abaporisi 228 barungikwa mu Burundi ku nguvu, Roméo Dallaire na Louise Arbour bariko batega imitego mu Karere Uburundi buherereyemwo.
1. Kw’igenekerezo rya 29 Mukakaro 2016, Akanama k’umutekano kw’Isi ka ONU karafashe icemezo giteye isoni inomero 2303 ku majwi 11 mu gihe ayandi 4 ataco yabivuzeko. Ico cemezo cashitsweko mu kajagari ntangere. Ico cemezo caje kivuguruza icemezo inomero 2248 co ku wa 12 Munyonyo 2015 be n’icemezo inimero 2279 co ku wa 1 Ndamukiza 2016 mu bijanye no kwubahiriza Ubwigenge bw’igihugu, ukwikukira kw’Igihugu, imbibe zaco n’Ubumwe bw’Abarundi. Ico cemezo cafashwe Reta y’Uburundi itagishijwe inama nk’uko womengo Uburundi ntiburongowe n’inzego zitorewe n’Abenegihugu ;
2.Ako kajagari kibonekeje mu Kanama k’umutekano kw’Isi ka ONU, igihe bariko barafata ingingo zininahaza ibikorwa vy’abashatse gutembagaza inzego zitorewe n’abenegihugu kw’itariki ya 13 Rusama 2015, kaherekejwe n’amakuru amenyesha ko umunyakanada Roméo Dallaire yahoze arongoye za ngabo za MINUAR zari mu Rwanda kugira ngo zishikane FPR-Inkotanyi ku butegetsi mu 1994 be n’umunyakanadakazi Louise Arbour yahoze ari umushikirizamanza mukuru muri ya sentare y’i Arusha (TPIR) mu gihugu ca Tanzaniya yari ijejwe kwemeza ihonyabwoko no gucira urubanza abatsinzwe ku butegetsi mu Rwanda, bariko baragendera ibihugu bimwe vya Afrika. Ayo makuru yasohotse mu kinyamakuru ngurukanabumenyi http : www.rcinet.ca co ku wa 8 Myandagaro 2016 kimenyesha ko abo banyakanada baje muri Afrika kugira baronderere isoko ingabo zabo mu bikorwa vyo kugarukana amahoro. Abo bantu babiri b’abanyakanada, kubona basubira kuvugwa mu Karere k’Ibiyaga binini no mu buseruko bwa Afrika si impanuka canke si ivyashitse giturumbuka, ahubwo bari ku bikorwa vy’iperereza no kurondera ababashigikira kugira ngo ingabo za ONU zize muri kimwe mu bihugu vyo muri kano karere, na cane cane mu Burundi ;
3. Ibikorwa bibi abakunzi ba demokarasi bibukirako Roméo Dallaire ni ivyo kuba yararongoye MINUAR mu Rwanda, agafasha FPR-Inkotanyi mu kuyishigikira no gushira mu ngiro vya vyiyumviro vy’ihonyabwoko Paul Kagame yagenderako, no mu kuyifasha mu vya gisirikare. Nk’uko vyagiye biravurwa no kwandikwa bikandikwa n’abantu batari bake, uwo mugabo Roméo Dallaire na MINUAR yategeka mu Rwanda, niwe yinjije Inkotanyi mu muji wa Kigali azikuye aho bita ku Murindi akazishikana mu nama nshingamateka bita CND. Izo nkotanyi Roméo Dallaire yagenda azikura ku Murindi be n’ibirwanisho, akavuga ko bagiye gusenya inkwi MINUAR ikoresha n’izo Nkotanyi nkeya zababa amajana atanu (500) zari zemejwe n’amasezerano ya Arusha hagati ya Juvenal Habyarimana na Paul Kagame, ariko mu mwanya mutoya izo nkotanyi zahavuye zirenga kure n’iyo 2000 zifise n’ibirwanisho bikomakomeye zahabwa na MINUAR. Ikindi cavuzwe ni uko uwo Roméo Dallaire ahantu hose yashize ikirenge mu muji wa Kigali yagiye ahashinga ibikoho vya muzinga bikomakomeye, akaba yabisigiye inkotanyi za FPR igihe yiruka asubira iwabo, avuga ko ubutumwa (mission ) bwaheze, intambara ibaye. Ukugenda kwiwe rero na MINUAR kwerekana ko ubutumwa yari yahawe bwari buheze kuko ivyari bikenewe vyose kugira FPR-Inkotanyi ifate ubutegetsi vyari vyahejeje gushirwa mu ngiro. Bikumvikana rero ko, iyo hataba ugufashwa kwa FPR-Inkotanyi na Roméo Dallaire wa MINUAR, FPR-Inkotanyi itopfuye ifashe ubutegetsi mu Rwanda. Amarementanya y’ihonyabwoko ryategerezwa gusukwa kuri Reta yitwa ko yari iy’aba « Bantoue » b’abahutu yari yaramaze gutegekanywa no kwubakwa neza, hakaba hari hasigaye kuyashira mu ngiro. Paul Kagame rero, mu gutera Urwanda yisunze ihonyabwoko, yari azi y’uko abantu biwe bazopfa kuko yababwira ko batitanze ; bagahwera ata ntsinzi bazoronka n’aho bamwe mu biwe bamubaza, barira bariragurika ingene bizogenda kuri ayo mahano bateje mu Rwanda no kw’Isi ;
4. Hariho umunyakanadakazi yitwa Louise Arbour yari umushikirizamanza mukuru muri ya sentare mpanavyaha y’i Arusha (TPIR) yari yateguriwe kwemeza ihonyabwoko abatsinzwe, gutyo bakazoboneraho kwica uwo wese Paul Kagame abona ko ari intambamyi ku gihugu ciwe. Birababaje rero kubona abo bantu babiri bongera kuvugwa mu Karere kabereyemwo ibara, bikaboneka ko bazanywe no kwuzuza umugambi wo gutembagaza ubutegetsi badashaka mu gihugu iki canke kiriya mu Karere na cane cane mu Burundi ;
5. N’ikimenyamenya mu gihe bariko baratembera mu Karere, Komiseri Mukuru ajejwe ivyo agateka ka zina muntu muri ONU Zeid Ra’ad Al Hussein ariko arakokeza ngo Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo ngo bariko barica abantu urubozo, kandi ngo harabafatwa bagapfungira ubusa ku banyeporitike, emama ! ngo abantu bariko baranyuruzwa, ngo Imbonerakure ziriko zirafata ku nguvu abakenyezi n’abigeme, n’ayandi mabi menshi. Ivyo vyose bikaba biri muri wa mugambi mubi w’amarementanya begeka ku ndongozi z’Uburundi kugirango baronke aho bahera, baheze barungike ingabo zo gutera Uburundi no gutembagaze ubutegetsi badashaka nk’uko babikoze muri Libiya, Siriya, Iraq n’ahandi. Ni muri iyo nzira abo bahinga b’amarementanya n’amahonyabwoko agamije gutembagaza inzego zitorewe n’Abenegihugu barungitswe na ONU kugira baze kuraba neza ingene ivyabaye mu Rwanda arivyo vyokorwa mu Burundi canke n’ahandi hose bipfuza gutembagaza ubutegetsi mu karere. Umunyakanadakazi Louise Arbour, bica vyumvikana ko ajejwe kuba arategura amarementanya azosuka ku ndongozi z’Uburundi kugira baze bazijane muri ya sentare y’i Lahaye canke mu yindi sentare ;
6. Iki ciyumviro ntabwo ari indoto mbi kuko categuwe cane kugeza muri ONU. Muri ca cemezo c’Akanama k’umutekano kw’Isi ka ONU inomero 2303 yo ku wa 29 Mukakaro 2016 ku ngingo yaco ya 17 ivuga ibi bikurikira : « Gasaba Amareta yo mu karere kureka abakozi n’abaporisi barungitswe na ONU mu Burundi bakishira bakizana hagati y’Ibihugu mu kwinjira no mu kuva mu Burundi mu gihe bazoba bagiye kurondera ibikoresho, ivyo kurya n’ibindi vya nkenerwa bazoba bakeneye kandi bigakorwa bidatevye ». Iyo ngingo iha uburenganzira budasanzwe izo ngabo ni nk’imwe Roméo Dallaire yakorerako muri MINUAR, igihe yaza arakura Inkotanyi ku Murindi azijana i Kigali. Biraboneka rero y’uko amayeri ariko arashaka gukoreshwa mu kuzana abaporisi 228 ba ONU i Bujumbura mu Burundi afise aho afatira kuko ariyo yakoreshejwe mu gushikana Paul Kagame na FPR yiwe ku butegetsi ibihugu vy’ Ububirigi, Ubufaransa, Ubuhorande, Amerika bikaba vyarafashije cane. Nk’uko abenegihugu bamaze kwiyamiriza izo ngabo mvamakungu, Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo nabo nyene barongeye kwemeza ko ata ngabo za ONU bashaka mu gihugu cabo, kuko imigambi yinyegeje inyuma ari iyo gusenyura ubutegetsi bwa CNDD-FDD na Reta yawo. Baboneyeho gusaba ko Ibihugu bizogenderwa n’abo bantu babiri twavuze, bitohirahira ngo vyemere ko ONU irungika ingabo muri kano Karere na cane cane mu Burundi. Roméo Dallaire na Louise Arbour ni inkwezi z’amarere ;
7. Ingingo ya 17 yinjijwe mu cemezo c’Akanama kajejwe umutekano kw’Isi ka ONU inomero 2303 itihwejwe neza kuko yerekanye ico ako kanama gashaka gushikako ariko katashaka kwerekana ; karabacorotse kuko kaciye kerekana amarementanya bariko barakorera Uburundi nk’amwe yakorerwa Urwanda. Haradendekanijwe ko ngo Urwanda ari rutoya rutokwakira impunzi kugirango babone aho bahera kugira basenyure ubutegetsi bwari buhari. Muri Iraq Saddam Hussein yagirijwe ngo afise ibirwanisho ruhonyanganda vyo kumara abantu kandi atari vyo, bahemutse bamugandaguye, Muri Libiya Muammar Khadaffi bamwagirije ngo ariko aramara abantu biwe kandi atari vyo bahemuka bamwishe, muri Siriya Bashar Al-Assad bamwagirije ngo agateka ka zina muntu ntikubahirijwe, baramutera uretse ko acihagazeko n’ubu, mu Burundi naho ngo Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo bariko bategura ihonyabwoko kandi ari ibinyoma, n’ahandi n’ahandi. Nk’uko abakurambere bayamaze «uwugushakira inabi ntabura aho agukura”. Twihweje ibi vyose tuvuze aho haruguru, turibaza duti biri hehe vya bihugu vy’ibihangange muri Demokarasi? Demokarasi yoba ivuga ko Igihugu cifise gihonyanga ibindi bihugu bitifise ? Agateka ka zina muntu koko ko umengo ni igikoresho c’ivyo bihugu vyifise kugira bikandamize ibihugu bitifise ? Vyakabonetse he aho ishirahamwe rya ONU ryitwa ko riharanira agateka ka zina muntu ari ryo rishigikira abashaka gutembagaza ubutegetsi ? Mbega iyo havuzwe ubutungane iryo shirahamwe ryishira hehe mu gihe ryahindutse igikoresho c’Ibihugu bimwe bimwe co kurementaniriza no gukandamiza ubutegetsi budashakwa. Ejo bitwaza Demokarasi none ubu naho bitwaza agateka ka zina muntu, ejo hazovumburwa ibindi, ariko ibiboneka muri rusangi ni uko ubutungane buhonyangwa n’ibihugu vyifise. Igihe cose ubutegetsi ubu canke buriya bushatse kuvugira Abenegihugu, ico gihugu gica giharirwa ivomo, kigatotezwa gushika bagisenyuye kandi aho hose nta tegeko mpuzamakungu na rimwe ridahonyangwa mu gihe ibihugu vy’ibihangange biharanira inyungu zavyo ;
8. Ubwa nyuma, Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko abo baporisi 228 ba ONU akanama kajejwe umutekano kw’Isi ka ONU kashaka kuzana mu Burundi si ako kuzana ineza na gato kuko hageze n’aho ibihugu vyinshi vyo kwisi duhereye kuri Angola, Venezuela, Egiputa, Ubushinwa, Uburusiya n’ibindi vyinshi vya Afrika bibonako Ubwigenge bw’Uburundi n’ukwikukira kwabwo bitubahirijwe kandi Reta y’Uburundi yategerezwa kugishwa inama igihe cose ako kanama kiga ibibazo vyose biburaba. Ntivyumvikana rero ingene igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu gashigikira itembagazwa ry’ubutegetsi mu bihugu bimwe bimwe na cane cane Uburundi ugasanga n’ibihugu bimwe bimwe vyitwa ko vyateye imbere ugasanga nivyo vyama bitegekanya ugutembagaza intwaro mu bihugu bigendera kuri demokarasi. N’ubwo bidakunzwe kuvugwa, ivyo bihugu vyadutanguriye muri demokarasi, nivyo ahubwo biyica bikazotuma demokarasi isinzikara mw’Isi kubera inyungu ivyo bihugu birondera kugeza n’abo bisambura ibindi bihugu. Ikibabaje ni uko ata tegeko mpuzamakungu na rimwe bemera mu gihe ritaroresha ku nyungu z’ivyo bihugu. Abakunzi ba demokarasi bagaca bibaza bati « none bimaze iki kugiriranira amasezerano n’ivyo bihugu mu gihe biboneka ko ari amasezerano ahagaze ku nyungu zabo gusa ». Agateka ka zina muntu gafise insiguro imbere y’ivyo bihugu kwumviriza ababapfukamira, abaharanira agateka k’abenegihugu baboneka nk’ibicibwa. Ni muri iyo nzira Umugambwe CNDD-FDD uherutse kwumva ko abashatse gutembagaza ubutegetsi, bimaze kubata k’uwamazi bagahungira i Buraya baherutse kugira inama ngo yo kwica abanyamahanga bafise uruhu rwera kugirango bace babisuka ku Burundi hanyuma babonereho kurungika ingabo, Abafaransa nabo kw’igenekerezo rya 12 Myandagaro 2016, basavye Abanyagihugu babo kugabanya ingendo mu gisagara ca Bujumbura ngo kuko hagiye kuba intureka, ivyo navyo akaba ari ikinyoma cambaye ubusa ariko bikagaragara ko uwo mugambi bawuteguriye hamwe kanatsinda ni nabo batanga amahera yo kugura ibirwanisho. None bahenda nde?

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 16 Myandagaro 2016

Umushingamateka Pascal NYABENDA,

Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD.


IGIHE

Messages

  • Akarenze impinga karushya ihamagara, ufite ubwoba bw’iki?guma hamwe ibyo uzabisobanura neza ugeze muri Court Pénale International, wait tutawapiga na tutawacoma

  • Haraho abo ba dd bibaza ko abarundi batazi gusoma,ahubwo napfume avuga ko yahenzwe yasinye ivyo atasomye nayo ahandi natekereze azobibazwa imbere

  • Inama nshingamateka ngo:"mwitangazo ryateweko umukono na Pascal Nyabenda" nawe ati "abantu bamenye gutandukanya ibintu umuntu ashikirije ku giti ciwe nivyo
    avuga nkuwuserukira urundi rwego" ha, ha, ha ni hatari walahi

  • Twitonde kuko turi kwisi, iyo uhakana genocide yahekuye igihugu bigeze harya uba wikwegera kuko umwanya uwo ariwo wose ushobora kubiryozwa kabisa!!

  • Umugabo yihindukiza mukirago ntiyihindukiza mw’ijambo, bagushikane

  • Ndababwizukuri amarementanya amaze kubamaramaza yaba aboroheje nabahambaye, amarementanya mwarayakoze arakunda kubanyarwanda cahohambere nokubindibihugu maze vyarabakundiye, uburero kuburundi nabarundi mugiye kunanirwa kandi bizogireko mwibonereko kuko mwarayakoze mugumamwerekana komuribihangange kw’Isi yose kuribivyovyo vyomuburundi sindababesha mugiye gutangura kuzamuragenda mukebaguzwa kubera amabi mwagakoreye ibihugu bitandukanye ikinigihe cokuyashira ahabona nabayakoze bashirwe ahabona maze mukubitwe intahe mugahanga nimwakomeza kwiyumvira komurimubadakorwamwo izopfuma iba wlrd war 3 just wait as soon you will see kandi abazigutohoza bobona kovyamaze gutangura Isi uyumusi yacitsemwo ibice bibiri kandi vyibonekeje, ntagihugu kibuzemwo imirwi 2 na ONU irimwo ibice 2 EU irimwo ibice 2 USA 2 AU 2 ninde azosubira kurenganya uyundi ? Nzomubabwira rindira gato.

  • TAHURA IKINTU NIKINDI KUKO KWIIISI BIRAGOYE BWIRA ABUVUBA SIVYO YAVUZE

  • ariko baretse aba bajinga tukabakirizaho umuriro ariko
    barahakana genocide nuburyo yaduhekuye tukabura ababyeyi bacu abandi bakaba barabaye abapfakazi

    ariko harigihe tuzabashira kumurongo ibindi bikazaba amateka batazigera bibagirwa mubuzima bwabo.

  • CNDD FDD joue avec le feu, ni mwisomere iyi article yaraye isohotse hier, http://linkis.com/www.jeuneafrique.com/LljQg

  • Njye mbona uburundi bufise abategetse binjiji none yabivugaga aziko abantu abwira batumva

  • @Yvan,ntabwo ari injiji abayobozi bahari ubu i Burundi bakoze Génocide mu Rwanda,uzabaze abari batuye i Nyamata,Kumumena n’ahandi henshi, négationisme yabo ntitunguranye,ariko turabarasa tout

  • @ Rwandais
    Dore igice gito cy’inkuru ya Jeune Afrique:

    "Plus pessimiste, l’intellectuel burundais en exil David Gakunzi estime que « le régime Nkurunziza cherche àprovoquer une guerre » avec son voisin. Perspective écartée par une source sécuritaire rwandaise : « Ils sont excessifs mais pas fous. Ils ne survivraient pas àune confrontation directe, et ils le savent. »

  • Pascal Nyabenda ahamagarira abantu ko bomenyera gutandukanya ibintu umuntu ashikirije ku giti ciwe n’ivyo avuga nk’uwuserukira urundi rwego. yaserukiye nde ko nta murundi wamutumye?

  • Nabaho nibwi mbonye ikigabo k’ ikigoryi ? ubuse uburundi buyoborwa na abantu nkaba koko bwumva buzagera kuki ubuse arahakana iki iyo ahakana iri tangazo ko atarishyizeho umukono naho ubundi ibiri muri iri tangazo birumvikana rwose ntacyo akwiye guhakana . birababaje rwose abarundi ntaho muzagera mugifite abayobozi bameze nkuyu rwose. icyakora Imana imubabarire pe ntakindi namubwira rwose

  • Burundi : L’échec de la transformation mouvement rebelle àparti politique du CNDD-FDD au Burundi. Une question d’équilibre entre le changement et la continuité - Par l’Hon. Gervais Rufyikiri
    http://www.africania-news.com/burundi-lechec-de-la-transformation-mouvement-rebelle-a-parti-politique-du-cndd-fdd-au-burundi-une-question-dequilibre-entre-le-changement-et-la-continuite/

  • Kimwe gusa sishigikiye cndd fdd kandi sishikiye Nyabenda ariko usomye iryo tangazo ntiyahakanye ihonyabwoko ko ritabaye mu Rwanda ico yahakanye ko ryegetswe kubantu bamwe kandi bose barigufatwamwo na cane cane abatanguye kurasa indege ya Havyarimana.Twesetwariduciye ubwenge iyo UN idafasha inkotanyi ntagihugu c,uRwanda Kagame yarigufata.Mbe ivyabaye iCongo en 1996 abari muma kambi muravyibuka abantu basanzwe twabona ukuntu ingabo za kagame zinjira muri congo UN ibabona ahandi akaba ariyo ibafasha muri deplacement,vyitwa ko ariyo icunze impunzi ariko yabaye iyambere gukuramwo akarenge.Iyo UN amayeri yayo ntamuntu wu muny,afrika atayizi kandi ndazi ko na kagame azi neza ko abo bazungu aribo UN ataciza cabo bagukunda bashaka kugukoresha.Babonye utabakoreye ivyo bashaka barakwica.Hakub,imbwa wob,imva mwa ba president mwe mukaba intwari Nka Thomas Sankara na Kaddafi.

  • Munsigurir kuk je nar nkiri muto none nind yatanguje iyo genocide murwand?nind yarash urusoro rwamber?tuzik buca bugacanayand knd ivyimana yasezerany bitegerezw gushika turek kubwran nabi ibi bigiy kurangira

  • Jewe mazimisi ndeba ukuntu abanyarwanda basuzugura abategetsi biburundi canecane iyobabonye indongozi yumubwoko bwabahutu baramurtyoza bimwe birenze kwihanganira jewe ukondabibona batagabanije kwishiramwo ko umuhutu ari umuntu winjiji ndabona buca dutanguza umurwi winyeshamba womubiyaga binini kuko birababaje ibibintu birenze ukwemera.

  • Nuko nyene ikibi iyo ciziziye umuntu ataba iciyumvira, nashaka kumenyesha ko lobby international yo kumara Abanyafrika, malheureusement ikoresheje Aba nyafrika nyene yabaye kera none mugiye mwashika kwisimbo ry’inuma: Uburundi.

    Igihugu c’Uburundi kizobanikira. Mwararondeye ihonyabwoko nk’uko mwabigize i Rwanda , mushaka kwiyusura mu Burundi, bigiye vyabatekurukana. Ntimwari muzi ko agahugu gato nkako kobabereye intambamyi mu mugambi mubi wanyu.

  • murakina numuriro rwose (Pierre nkurunziza jouer avec le feu) igihe kirageze rwose ibyo mwakoze mubyishyure

  • Umukuru wigihugu petero nkurunziza yavuze ati uzotanguza intambara izoherera iwe nyene wowe wumva ko wakwatsa umuriro harigihe warangirira iwawe.

  • Ese murwanda hari uruganda rwinkoho mugira? Aho muzikura nabarundi niho bazikura kuko

  • @emmy ayo namagambo ya nkurunziza kuko ibyo akina nabyo ntabyo azi
    ndakubaze aho uvuga gutyo usibye kiriya kibira yahozemwo akavamwo agiye gutegera imiduga mwibarabara agaturira akica abenegihugu intambara yarwanye niyihe wambwira? yarwanye nande ? cengwa yarwanye nikihe gihugu? kandi nokuba president nikubera amasezerano yarusha yamahoro
    naho ubundi mubijyanye nintambara ninka yibereye ahonganyine ,akarorero yirigwa yihisha mumyobo nkifuku
    ndabisubiremwo ariko arakina numuriro kandi umuriro akina nawo sumwe wo mukibira asanzwe azi.

  • @Emmy,uwo muriro uvuga ngo Nkurunziza yavuze,awuzi gute ntana commune nimwe yigeze afata?akaba amaze 10ans k’ubutegetsi ntakintu na kimwe yagejeje k’u Burundi àpart indyane z’amoko?

  • @Emma ntiharwana inkoho
    uribesha cane
    intambara Ni technique kuko ninkotanyi zafashe igihugu zidafise inkoho zihagije.

  • nyabenda niba ariko afata abantu nkibijuju kugeraho avuga ikintu ntiba menye ico avuze niba yize amashure asumba aya bandi niba asaba imbabazi nazi sabe avuge ko ya cibwemwo ariko areke ibitagira mvura

  • Nyabenda imvugo ze ntaho zitaniye niza CDR ndetse na RTLM radio rutwitsi byagize uruhare muri jenoside yakorewe abatutsi 1994 mu Rwanda. Imvugo ze zirangwamo urwango gutanyisha abantu ndetse no guhakana jenoside yakorewe abatutsi izuba riva. Amategeko mpuzamahanga agenera ibihano umuntu wese utinyuka agahakana jenoside yabaye izuba riva kdi yemewe namahanga. Abantu nka banyabenda amategeko bamenye ko umunsi umwe azababaza amangambure birirwa basohora mu matangazo adafite umutwe nikibuno.

  • Ntitwagutahuye ukutariko, wewe niko wanye, ntakuri kuri muri wewe. kuko ivyuvuga umengo bivurwa numuntu umengo ntiyaciye kuntebe yi shuri,noneho wavyivugiye izuba ryaka yuko atahonyabwo ryabaye Murwanda,sha urazi kwitamba kumivyimba kabisa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.