Umutekano wo muri Kaminuza y’Uburundi wakomejwe

Yanditswe na IGIHE
Kuya 18 Ruhuhuma 2016 saa 09:56
Yasomwe : 29196
0 0

Abajejwe gucungera umutekano muri Kaminuza y’Uburundi, ikigo co ku Mutanga bafashe ingingo z’ugukomeza umutekano muri ico kigo, inyuma y’aho abantu bitwaje ibirwanisho binjiriye kabiri kose muri ico kigo mw’ijoro, bakiba mu banyeshure amaterefone ngendanwa, mudasobwa (Ordinateurs), amafaranga hamwe n’ibindi.
Mu ngingo z’ugukomeza umutekano zafashwe, n’uko umuntu wese azoba akeneye kwinjira muri ico kigo azotegerezwa kuba yidondoye agatanga n’ibimuranga. Ku banyeshure nabo, imbere y’ukwinjira muri (...)

Abajejwe gucungera umutekano muri Kaminuza y’Uburundi, ikigo co ku Mutanga bafashe ingingo z’ugukomeza umutekano muri ico kigo, inyuma y’aho abantu bitwaje ibirwanisho binjiriye kabiri kose muri ico kigo mw’ijoro, bakiba mu banyeshure amaterefone ngendanwa, mudasobwa (Ordinateurs), amafaranga hamwe n’ibindi.

Mu ngingo z’ugukomeza umutekano zafashwe, n’uko umuntu wese azoba akeneye kwinjira muri ico kigo azotegerezwa kuba yidondoye agatanga n’ibimuranga. Ku banyeshure nabo, imbere y’ukwinjira muri ico kigo bazokwerekana ikarata y’ishure ibaranga. Abakozi nabo bakorera aho muri ico kigo, mu kwinjira bakazotegerezwa kwerekana amakarata y’akazi abaranga (Badges).

JPEG - 13.9 ko
Ubwinjiriro bw’ikigo ca Kaminuza co ku Mutanga

Izo ngingo zifashwe inyuma y’aho mu kiringo kidakwira indwi zibiri, abasuma bitwaje ibirwanisho binjiriye kabiri kose muri ico kigo, bakiba za mudasobwa (ordinateurs) impuzu, terefone ngendanwa, amafaranga hamwe n’ibindi.

Uwujejwe umutekano muri Kaminuza y’Uburundi, ikigo co ku Mutanga, OPC1 Nibona Célestin, akamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura, kugira abakoze ubwo busuma bamenyekane.


Kumenyekanisha

1
tiarg-b 9-05-2016 à 10:18

komera mukomeze uwomutekano

2
NYISHU Orginal 9-05-2016 à 05:07

Komeza uwo mutekano di BENEWA,INJAVYI ntaho zibuze!

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha