Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwaka w’ishure nshingiro watanguye hakiri aho ibirasi bitaruzura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Umwaka w’ishure nshingiro watanguye hakiri aho ibirasi bitaruzura

Umwaka w’ishure nshingiro watanguye hakiri aho ibirasi bitaruzura

lundi 16 Nyakanga 2013

Mu gihe umwaka w’ishure nshingiro watanguye, ingorane zo ntizibuze kuko hari aho ibirasi vy’ukwakiriramwo abana baziga muri uyo mugambi mushasha w’ishure nshingiro bitarahera, ahandi naho, ugasanga abo banyeshure barungitswe kwigira ahandi, mu kurindira ko baronka ibikoresho mfashamwigisha bikwiriye.

Aha tukaba twovuga nko kwishure ryisumbuye rya komine Musaga. Naho, umuyobozi w’iryo shure atashatse gushira ku mugaragaro ingorane bafise mw’itangura ry’ishure nshingiro ry’uyu mwaka w’2013 ushira 2014, biraboneka ko iryo shure rigifise ingorane zitari nke. Aha tukaba twovuga nk’ingorane z’ibirasi , ibibaho, intebe, mu majambo make, tukaba twiboneye inyubakwa nshasha iriko irubakwa, iyo nayo ikazofasha mu kwakira abanyeshure bashika 210, baziga mu mwaka wa mbere w’ishure nshingiro. Iyo nyubakwa rero ikaba igizwe n’ibirasi bine, ndetse bikaba bitegekanijwe ko ishobora guherana n’iyi ndwi. Ubu rero, abo banyeshure bose uko ari 210, bakaba babaye bararungikwa kwigira muri SOCARTI, mu kurindira ko iyo nyubakwa irangira.

Umuyobozi w’ishure rikuru rya komine ya Musaga, akaba yatumenyesheje ko ubu baronse ibitabu mfashamwigisha, hamwe n’inyigisho zahawe abazokwigisha muri ayo mashure nshingiro. Ariko aremeza ko hari ikibazo ku bigisha , na rirya ku rutonde rw’ivyirwa harimwo inyigisho z’imyuga, inyigisho z’uburimyi n’ubworozi, n’ibindi. Abazotanga izo nyigisho, bakaba bahawe inyigisho umwana muto.

Uyo muyobozi asaba Leta ko yoraba ukundi yotunganya inyigisho z’ishure nshingiro, kuko umugambi w’ishure nshingiro ari mwiza, kandi ukazofasha abana batazoshobora kubandanya ivyirwa vyabo haba muri zakaminuza, canke mu mashure yisumbuye. Ikindi asaba ni ukwo abavyeyi bosigurirwa nabo nyene akamaro k’iryo shure nshingiro.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.