Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : Umurwi ushigikiye ukwiyunga wavavanuye na Conciliya (...)
UPRONA : Umurwi ushigikiye ukwiyunga wavavanuye na Conciliya NIBIGIRA
jeudi 26 Ntwarante 2015, par
Abadasigana bo mu murwi uharanira ukwiyunga kw’umugambwe UPRONA, bo nzego nyobozi z’uwo mugambwe mu ntara zitandukanye bandikiye Conciliya Nibigira, umukuru w’umugambwe UPRONA yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bamumenyesha ko bavavanuye nawe hamwe n’umurwi umuyoboka. Abo bandikiye Conciliya Nibigira bamwagiriza ko atigera yerekana aho ahagaze ku bibazo bihanze Uburundi, kandi ko amajambo ashikiriza yerekana ko ashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza.
Abo badasigana bo nzego nyobozi z’umugambwe UPRONA mu ntara zitandukanye bamenyesha ko atako batagize kugira basabe Conciliya Nibigira ko yosubiza hamwe n’umushingamateka Karori Nditije, uburongozi bw’umugambwe UPRONA bukaba bumwe, kandi bwumvikanyweko na bose. Uwo murwi uharanira ukwiyunga umenyesha ahubwo ko Conciliya Nibigira yagumye arangwa n’ingendo y’ugusambura umugambwe UPRONA, ku nyungu z’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi.
- Conciliya Nibigira, umukuru w’umugambwe UPRONA yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu
Abo badasigana bo nzego nyobozi z’umugambwe UPRONA mu ntara zitandukanye bagiriza Conciliya Nibigira ko atigera yerekana aho ahagaze ku bibazo bihanze igihugu, aho bagatanga akarorero k’ingene ataragira ico ashikirije mu tunenge tuguma twibonekeza mu myiteguro y’amatora, kuba mu mvugo yiwe yerekana ko ashigikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza (aho bagatanga akarorero k’ijambo Conciliya Nibigira akunze kuvuga ati : "TUZOHIGANWA N’UWARIWE WESE."
Conciliya Nibigira yagirizwa kandi ko yagumye mu gacerere ku bibazo vy’umurwi CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matunga, ubwicanyi bwabaye mu ntara ya Cibitoke, ubwicanyi bwakorewe ababikira b’abatariyanokazi, hamwe n’iterabwoba n’ipfungwa ry’abaharanira agateka ka zina muntu.
Mw’ikete abo badasigana bo mu murwi uharanira ukwiyunga kw’umugambwe UPRONA, bo nzego nyobozi z’uwo mugambwe mu ntara zitandukanye bandikiye Conciliya Nibigira, umukuru w’umugambwe UPRONA yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bamumenyesheje ko bavavanuye nawe hamwe n’umurwi umuyoboka.
Egide Nduwimana
Messages
26 Ntwarante 2015, 13:06, par Rupande
Aho rero ngo ariko arasenga! Oooooh, iyo mana mugira ngo muriko murahenda kandi arimw mwihenda izoberekana konsiriya nabo murikumwe!
26 Ntwarante 2015, 13:14, par CDD FDD
Mugihe mwamukurikira abantu barasemerera , ariko ntimwunva none ubu niho mubibona kwariko akorera CNDD FDD ? Mwaramaze gusesa kandi amazi amaze guseseka ntaba akiyorwa /maji akisha mwagika tu hazoleki / waswahili wanasemaga ivo .
26 Ntwarante 2015, 15:13, par manzi
Concilia NIDAYIMONI Peter nawe akaba RUSIFERI rero muje murasenga agiye gusigara wenyene numuhabara wiwe Nduwimana!
26 Ntwarante 2015, 15:23, par nijipis
jewe uwomugore concilia mbona nomucira uyumugani:"NTUGASEKE AMAKUBA YAMUKASO UTAZI AYISHE NYOKO" burya yarazi ko asambuye umugambwe wa RWAGASORE umwe yigura igihugu tubona kwikukira ngwafadikanije na Edward kuwuzimanganya azi ngwazogira amahoro? Na bado,bamwirukanye muri cathedral regina Mundi rekagume abura ibiragamo nakare baramwikiza yahava abacanishamwo nabone.
26 Ntwarante 2015, 17:05, par marc
ewe conciliya uragowe, ariko aratashe kabisa, kuko abahora bamuryamaryamako; baraye bacanyenwo, ivyo birahimbaye....hanyuma nagira ndabasab ngo mu IGIHE.BI mukunda gutohoza amakuru meza y aba prona, mudutohoreez ku cuka kibi kiri hagati ya concila ya nawa mu ministre wumu pd nkezabahizi; bariko bapfa intonde
28 Ntwarante 2015, 10:54, par santos
Consilie wa mututsikazi we,aho ntubona ko mugiye gushira ngu shigikiye fdd,mwese ntimukomeye,funguka,ikangure ww na Gaston muri mwitiro rinini.
28 Ntwarante 2015, 10:54, par santos
Consilie wa mututsikazi we,aho ntubona ko mugiye gushira ngu shigikiye fdd,mwese ntimukomeye,funguka,ikangure ww na Gaston muri mwitiro rinini.
28 Ntwarante 2015, 10:55, par santos
Consilie wa mututsikazi we,aho ntubona ko mugiye gushira ngu shigikiye fdd,mwese ntimukomeye,funguka,ikangure ww na Gaston muri mwitiro rinini.
28 Ntwarante 2015, 13:38, par Mugisha
Ewe concilia reka gukurikira ubwije cdd fdd mais il ya de l’espoir garuka mupfasoni mwubake umugambwe wa RWAGASORE ntuzofatwe n’umuvumo wa RWAGASORE kuko niwe yawupfiriye hama nawe uce umusamburira umugambwe garuka rero mupfaso kuko gusambura UPRONA ninkugutamba wirorera