Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : Uruhande rwa Concilie Nibigira rwarahiye kwitaba ikoraniro ry’uwa (...)
UPRONA : Uruhande rwa Concilie Nibigira rwarahiye kwitaba ikoraniro ry’uwa 13 Mukakaro
lundi 7 Mukakaro 2014
Mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA ishami rya Concilie Nibigira, bavuga ko batariko baritaba ikoraniro ryo kuri uyu wa 13 Mukakaro uyu mwaka, ndetse n’ibizova muri iryo koraniro, Gaston Sindimwo akavuga ko bizoba vyerekeye abazoba baritumyeko.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Gaston Sindimwo ajejwe gutunganya ibikorwa muri UPRONA irongowe na Concilie Nibigira, akagiriza abari mu murwi wishinze gusubiza umutamana UPRONA kuba baritaramuye kuva mu mwaka w’2011, kugeza ubu batari kumwe n’abo, ari naco gituma Sindimwo avuga ko iyo nama batageza kuyitaba, kandi itabaraba.
Nayo kubijanye n’ukwiyunga kw’uyo mugambwe kugira umugambwe wa Rwagasore uve mu ndyane umazemwo iminsi, Gaston Sindimwo avuga ko bo bari ku kivi, ndetse baguma begera Abadasigana babo iyo bari, kugira bitegurire amatora yo mu mwaka w’2015, amatora avuga ko biteguriye neza, ndetse kuruta n’ayo mu mwaka w’2010, aho uyo mugambwe waronse abashingamateka 17 n’abakenguzamateka 2.
Mu gihe mu mugambwe UPRONA ishami rirongowe n’umushingamateka Karori Ndirije bo bavuga ko iryo koraniro bazorimenyesha mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kugira batange abarorerezi, iyo nama ibe ku mugaragaro, mu rundi ruhande bavuga ko ivyo bitabaraba. Iyo nama aho bahagaze ni hahandi,Gaston Sindimwo ati :’’Ntitugeza ku yitaba, nibizoyivamwo ntibituraba’’.
Nayo ku bavuga ko batari mu nzego kandi bari mu mugambwe UPRONA, Gaston Sindimwo amenyesha ko ivyo bidashoboka, kuko umugambwe UPRONA uri mu nzego, akavuga ahubwo ko ico kibazo ari nkoramutima gitegerezwa kuzovuganwako. Gaston Sindimwo akaba arahira akarengwa ko badakorana na CNDD FDD mu gusambura UPRONA, ariko ko UPRONA arimwo itazigera ihana imyereka na CNDD FDD.
Mwomenya ko ivyo Gaston Sindimwo abimenyesheje, mu gihe mu mugambwe UPRONA ishami ritari mu nzego bariko barasaba ko bokwiyunga, inzego nkuru z’umugambwe zatowe mu mwaka w’2009 zigashira ibintu mu buryo, urwo rwego rugatora umukuru w’umugambwe n’abandi bamufasha. Amakuru ikinyamakuru IGIHE gifise, akaba ari uko, abafashije kugira indyane zihere impande zose, boba baratanze icegeranyo, ndetse kikaba coba caranahawe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, aho basaba izo mpande zose zishamiranye kwiyunga, kandi ibiro bikuru vy’umugambwe bigashiraho inzego, aho basaba comite central yo mu mwaka w’2009 gukorana igatatura impande zose mu maguru masha.
Ivyo bikaba bishigikiwe n’uruhande rurongowe n’umushingamateka Karori Nditije, ariko bikankwa n’urundi ruhande rurongowe na Concilie Nibigira n’abo bari kumwe, uruhande rusanzwe ruri muri Reta, ndetse rukanagirizwa n’abandi badasigana kuba bakorana na CNDD FDD umugambwe uri ku butegetsi, mu kugumiza umugambwe wabo UPRONA mu kajagari.

Aristide Nizigire
Messages
7 Mukakaro 2014, 16:14, par Grive
Uriya mutype wo hejuru asa nuwuri prêt kwiruka agakora ivyo bamutumye vyose! Ariko yaba uwundi yareka guta ubwoko birya bibanza bizohera ariko amateka mabi bariko barerekana na Inabuja ntazohera. Mbega yemwe niyo ibintu vyahinduka mbaye nka kiramvu bazonywera agacupa hehe?
Reka turindire umwanya uzotuyagira! Ariko ico mwomenya co, Ntabuhizi bwo gusambura butanga umugisha!
7 Mukakaro 2014, 18:47, par Ihorihoze
Ewe Gaston!Aho uremeye ugume wenyaguza mubikorwa vy’urugomo urimwo?Ejo ntuzovuge ngo ntiwahanuwe canke ngo nta muntu adakosa!Ukomeze kubikora uziko uzovyemanga."Inzara irahera ariko igihemu kibi ntigihera".Wewe co kimwe na Bigirimana Jacques muri ibito mwese.Ve ibuzimu muje ibuntu,ibintu bigishoboka.
7 Mukakaro 2014, 19:05, par marie
Komera! twebwe abakenyezi turabashigikiye ubu nta guhendwa kandi ngo dusubire mu kajagari
7 Mukakaro 2014, 21:35, par Kaheze
Komera mutama Gaston n’Umupfasoni Concilie Nibigira mwaratugarukiye mwongera muradusubiz’ijambo Agateka aho kamye k’Umututsi weese atavamuntara yo mumirambizo gurtyo duhabuz’Umugambwe wa Rwagasore Umuganwa atar’umugani nayo ba mmapema zuzuye na mpinga yanje ni bamaramarekuko batemeye kudusaba , bagiye gupfa bangara nka Gahini ayo yarahejeje kugandagura mwene wabo Abel, nibatekerezebadusabe ntituzobasubiriza mundumane. Barungike za ndongozi zabo arizo Pacific NNININAHAZWE, Vachena Nkurunziza Clément, kuko Willy Madirisha wewe yabimenye kera Ac’aj’iyo buhiye !s’ahandi ni muri caki DD kuko abatatworohereje booose niyo bimukiye kandi icogihe twari dusangiye nya moko nyene bashir’imbere ataho yatugejeje cane cane abadaturukamu Bu ruuuri .
7 Mukakaro 2014, 21:41, par mukunzi
Ibijuju vyomuri uprona ya consilia ababo babona ko bazogerahehe? Emwe nihomukirundi bavugango << Mpemuke ndamuke >>abantu barabura ubwenge kugera iyo hose . Abonibo bagombaguwara igihugu cuburundi .Ndabarahiye nivyiyunviro birabaranga
8 Mukakaro 2014, 01:39, par Mahoro
Ibisaka vy imbwa birahiye!
8 Mukakaro 2014, 10:54, par mukobwajana
BIRAGARAGARA KO NTA CIZA KIRIYO..!!!AHANDI HO DD IRIKO ISAMBURA INGUVU ZOOSE ZA OPPOSITION NTA KINDI..ARIKO BRAVO EDOURAD KUBONA YARIHAGAZE KO AGASUBIZA MUSITANTERI W I MUYINGA KUKO NI ABAHUTU BAHO BADASHAKA UMUTUTSI..EREGA ACCORD D ARUSHA ABAHUTU BENSHI NTAYOBASHAKA BIRABONEKA NIYO MUGANIRIYE..BAZI KO ARI BO RUBANDA NYAMWINSHI KO UBUTEGETSI N UBUSAMBO ARI IVYABO..MWESE MUBIMENYE ...
8 Mukakaro 2014, 10:54, par mukobwajana
BIRAGARAGARA KO NTA CIZA KIRIYO..!!!AHANDI HO DD IRIKO ISAMBURA INGUVU ZOOSE ZA OPPOSITION NTA KINDI..ARIKO BRAVO EDOURAD KUBONA YARIHAGAZE KO AGASUBIZA MUSITANTERI W I MUYINGA KUKO NI ABAHUTU BAHO BADASHAKA UMUTUTSI..EREGA ACCORD D ARUSHA ABAHUTU BENSHI NTAYOBASHAKA BIRABONEKA NIYO MUGANIRIYE..BAZI KO ARI BO RUBANDA NYAMWINSHI KO UBUTEGETSI N UBUSAMBO ARI IVYABO..MWESE MUBIMENYE ...
8 Mukakaro 2014, 16:45, par Turungwane
@gaston ’concilia :mwembwe nimwitegure mwandike nabegezibanyu kuko imisi iriko iregereza ngo mwurire mwijuru kugira isi ironke amahoro
8 Mukakaro 2014, 16:49, par Umudasigana
Komera gaston!! Mwarakoze kudukurako izo nda ndede zabanyabururi bikunda nkiki wamengo umugambwe uprona nuwabanyabururi gusa! Nditije nubu ntaraboba ko vyahindukuye, reka bunvirize nabo ingene bahohoteye abanyamuranvya nabanyamwaro bazoheza baze twiyunge amatora aheze!