IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > FNL ya RWASA hamwe na UPRONA ya NDITIJE yoba yakuwe mu runani (...)

FNL ya RWASA hamwe na UPRONA ya NDITIJE yoba yakuwe mu runani RANAC

mercredi 4 Ntwarante 2015, par Egide N

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA yemeje urunani RANAC rugizwe n’imigambwe itatu yaheruka kwirukanwa muri urwo runani. UPRONA ya Karori Nditije na FNL ya Rwasa Agathon ntirimwo muri urwo runani RANAC rwemejwe n’umushikiranganji Edouard NDUWIMANA.

Naho tutarashobora kuronka abakuru b’iyo migambwe UPRONA na FNL yakuwe mu runani RANAC, amakuru dufise amenyesha ko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA yemereye gukorera ku mugaragaro urunani RANAC rugizwe n’imigambwe itatu yaheruka kwirukanwa muri urwo runani, ariyo FRODEBU Nyakuri, FNL irongowe na Jacques Bigirimana, hamwe na PASIDE IMBONEZA.

JPEG - 492.9 ko
Umushikiranganji Edouard Nduwimana yari amaze kumenyesha ko atazokwemerera urunani rurimwo abatagira imigambwe

Ayo makuru y’ukwemererwa kw’urunani RANAC rutarimwo Nditije Karori na Rwasa Agathon, amenyekanye mu gihe ata minsi myinshi yari iheze umushikiranganji Edouard NDUWIMANA amenyesheje ko ubushikiranganji arongoye budashobora kwemerera urunani RANAC ko rukorera ku mugaragaro. Edouard NDUWIMANA yari yasiguye ko amategeko atemera ko abakinyi ba poritike batagira imigambwe (Acteurs politiques) biyunga n’imigambwe.

Umushikiranganji Edouard NDUWIMANA yamenyesheje ko amategeko adategekanya ko abakinyi ba poritike batagira imigambwe yemewe (Acteurs politiques), biyunga mu runani n’imigambwe, aho umushikiranganji Edouard NDUWIMANA akavuga Rwasa Agathon avuga ko ariwe arongoye umugambwe FNL, hamwe n’umushingamateka Karori NDITIJE avuga ko ariwe aramutswa UPRONA.

Tubibutse ko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA yaheruka kandi kwemerera urunani ADC IKIBIRI gukorera ku mugaragaro rutarimwo umugambwe MSD, naho muri uwo mugambwe bemeza ko bakiri muri urwo runani ADC IKIBIRI rurongowe na Leonce NGENDAKUMANA.


Egide Nduwimana

Messages

  • Edouard akora nk’uwita mwakagira Imana mwee,nta Ranac itagira Rwasa ntigire Nditije erega imigambwe barayfis nirya nyene.non ko abanywanyi aribo tuzi aho arahumb sindababasha.asigaj imisi mike aho ubona,yoshak yokwtonda

  • ntaco nakore ivyashaka vyose hasigaye igihehegito akagaragara inyuma yuguhemuka wicwa nibimaramare

  • none ga basha nkubu hagati ya Rwasa na Nditije hovamumwe agatwara igihugu,Edouard yonyikira hehe?

  • Ma question a E. Nduwimana: Peux-tu nommer l’article de la loi sur les partis politiques qui t,autorise a agreer des coalitions AVANT la campagne electorale?
    Peux-tu nommer l’article qui interdit aux LEADERS politiques (non des acteurs politiques comme toi) d,organiser une conference de presse dans un restaurant? Peux-tu nommer l,article qui leur interdit la rencontre avec leurs fideles? On voit que tu bats les ailes. Jamais les Upronistes ne se sont sentis aussi proches des FNL-Rwasa. Merci de continuer a nous malmener.

  • mana y’uburundi aho ntiwoza ugahonya abantu bose bipfuriza inabi abandi.ewe E.Nduw.urahumiwe sinokubesha kuko ufise iherezo ribi kuko ivyukora vyose ntasi idahamba na Bagbo yaratekereje nawe woshaka wokwicisha bugufi.Abarundi ubarye ariko ntuzobamara ikibabate nuko uzosanga usize umuryango wawe kungoyi ugaruka gusaba abo watuntuje.

  • mana y’uburundi aho ntiwoza ugahonya abantu bose bipfuriza inabi abandi.ewe E.Nduw.urahumiwe sinokubesha kuko ufise iherezo ribi kuko ivyukora vyose ntasi idahamba na Bagbo yaratekereje nawe woshaka wokwicisha bugufi.Abarundi ubarye ariko ntuzobamara ikibabate nuko uzosanga usize umuryango wawe kungoyi ugaruka gusaba abo watuntuje.

  • Ariko uwo mugabo adushakako iki arihenda kabisa RANAC turazi aba fondateur bayo erega burirya afise ubwoba amenye ko azodusaba akazi vuba

  • Ariko uwo mugabo adushakako iki arihenda kabisa RANAC turazi aba fondateur bayo erega burirya afise ubwoba amenye ko azodusaba akazi vuba

  • Minani yamye Ari umuhemu akomeye, yahemukiye abarundi igihe ndadaye yarahejejwe kugandagugwa. Leta Yu Rwanda yamusavye ko baha ABA FNL ibirwanisho Ngo batere Leta yaba putschusts I Burundi aranka. Ntivyatevye arahemukira FRODEBU mukuyicamwo ibice. Uyo n’Umumaraya WA vyose. Abarundi baramuzi. Nawe umu maraya nkawe Jacques ATI ndaje kugufata mu mugongo maze ubuhemu bukomere. Murahumba abarundi turi maso.

  • NGAHA MU BURUNDI NTA MUNTU AGOWE NKA EDOURAD ARARUSHA NA ADOPHE NA PETER AMARUSHWA..EWE BATUTSI BANYOYE ISUPU Y IGIHUNA MURAPFA RUBI//ARIKO RANAC NAYO NIGIRE ICO ISHIKIRIJE IREKE GUSHIRA IMBERE ABANTU ATACO BASHOBOYE

  • nduwimana ntakwatagira mugukumira rwasa ariko amukumire areke azoruhira kubatwara uyumwaka2015 mbona nduwimana yoreka rwasa agakora

  • Indongozi z’imburabwenge nka Edouard zimaze iki mugihugu?

  • minani hamwe na jeack ubwenge bwabo buracuritse basumbwa na nyarucari ataciye no mwishure wewe yirimira,karashizingani ibigabo bibiri nimida aho kujahamwe nabandi bikaba arivyo bifatanya na mpema zuzuye ewe ba mpemuke ndamuke muragowe!

  • Harihabantu bihendacane hano iyobatanga ivyiyumvirovyabo, ndavuga ahusanga umuntuyinamura akavugango: Mbega ahubutegetsi bucabuhindukira Edwardo azocajahe!? Ndashaka kubabwirako hakiruho democratie iha uburenganzira abenegihugu bwokwitorera abazobarongora ntamuntunkuwo avugako abatiyumvamwo arukuzobatuza mugihugu tuzigera duhijambo kiretse mufashe igihugu kungufu nkukomwamamwavyipfuje, uwomushikiranganjirero numugambwewiwe aturukamwo ngiyo politike babasumbije, kuko uwomushikiranganji yarifise ivyoyanegura muntwaro zahahora ariko urabonako bataribafise intumbero yokubagiriranabi nkukwokwanyu murotamibona muriko muratekeza uwomushikiranganji! Ndababwizukuri murafise indoto zibicane.

  • nditije n’a rwasa nabagabo nibihangane baharure imisi isigaye simyishi twebwe benegihugu duce urubanza..ico kijuju ngo ni minani bakireker iryo zina batore irindi

  • None Gayemwe Eduard Umugire Gute?Arajwe Ishinga Noguaanya Abarikobaja Hamwe?Nukuri Aragowe Kuko Sikobizohora Kandi Namvura Idahita.

  • mbega ko nduwimana yakoreye umugambwe cane mu gusambura iyindi migambwe kuki atotangwa nk’umu candidat?

  • mbega ko nduwimana yakoreye umugambwe cane mu gusambura iyindi migambwe kuki atotangwa nk’umu candidat?

  • hhhm umushikira nganji nukuri akora ibitabaho harigih azojugumira

  • birababaj kuko ha6gay imi6 mike baj mumatora nn bariko baraburabuzwa.nabareke kuko ntaz uko buzoca ejo.

  • Ahubwo Yanse Gukubitwa Impaga N’areke Rwasa Yitaratarize

  • UMWANA YANKWA NIWE AKURA AGAHURU GAKOMEYE KIRINDA UBUPFU

  • ESe basi boduha amahoro tukituriza twebwe abanyagihugu batobato.kuberiki badukina nkumupira!

  • nditije ndaguteye intege uba ndanyeporitike urekerwa abe ukoziwaba DD

  • nditij ndaguteye intege uba ndanyeporitike ureka rwasa abe umukozi waba DD

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.