Advertisement
Kumenyekanisha
Urban Boyz yatahukanye ikibanza ca mbere muri Primus Guma Guma Super Star
Yanditswe taliki ya 15-08-2016 - isaha 08:35' na IGIHE

Abaririmvyi batau aribo Safi, Nizzo na Humble Jizzo bagize umurwi Urban Boyz nibo batahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa rya Primus Guma Guma Super Star rigira gatandatu, ritunganwa n’ishirahamwe rihingura ibinyobwa (Bralirwa).

Uwo murwi watahukanye ico kibanza ca mbere usanzwe ukundwa cane mu gihugu c’Urwanda, ukaba ubaye umurwi wa mbere mu Rwanda utahukanye ico kibanza, mu myaka itandatu iheze.

Urban Boyz yahawe ibahasha y’amafaranga imiriyoni 24 z’amafaranga y’amanyarwanda. Uwa kabiri ahabwa 7,500,000, uwa gatatu yatahukanye imiriyoni indwi.

Ku ncuro ya mbere haraheze imyaka itandatu, ikibanza ca mbere c’ihiganwa rya PGGSS catahukanwe na Tom Close yari imbere mu baririmvyi bari bakunzwe muri ico gihe.

Muri uwu mwaka, abahiganwa bari 10 : Young Grace, Urban Boyz, Jules Sentore, Bruce Melody, Allioni, Christopher, Danny Nanone, Danny Vumbi, Umutare Gaby hamwe na TBB.

Uko bakurikiranye

10.Umutare Gaby
9.TBB
8.Danny Nanone
7.Jules Sentore
6.Allioni
5.Young Grace
4.Danny Vumbi
3.Bruce Melody
2.Christopher
1.Urban Boyz

Ivyiyumviro vyanyu

Nukuri Birabereye Uwo mu Hungu Arahiriwe.

17.11.2016 à 11:57
Aloys Nduwarugira

Mana Shimw Wumvis Amasengesh

22.08.2016 à 17:53
Bernice Ingabire

Urban Boyz irebe uko izo Rwf 24million yazifashisha u Burundi surtout croix rouge yaho dore ko babuze amaraso yo gufasha indembe dore ko ari hafi 100million Fbu,mu Rwanda dukoresha drones, tuzakomeza gufasha abarundi nubwo ari abaswa muri diplomacy

15.08.2016 à 09:19
Fasha

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.