IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Urubanza rwaciriwe umumenyeshamakuru Eloge Niyonzima wa RPA ntiruhumuriza (...)

Urubanza rwaciriwe umumenyeshamakuru Eloge Niyonzima wa RPA ntiruhumuriza bagenzi we

jeudi 3 Nzero 2013

Umumenyeshamakuru Eloge Niyonzima akorera iradiyo RPA mu ntara ya Bubanza yaraye atsinzwe m’urubanza rwamuhuza na Jean de Dieu Mayondi hamwe na Elie Ndikumana bari barongoye urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD zamukubise zikanamukomeretsa mu kwezi kwa Ruheshi 2012.

Alexandre Niyungeko arongoye urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ aratanganzwa n’urwo rubanza yita urwa ngondagonde rwaciriwe umumenyeshamakuru Eloge Niyonzima na sentare nkuru y’i Bubanza. Ariko agumana umwizero ko abacamanza bo muri sentare yiyungururizo bazoheza bakarutumbereza ukuri kukigaragaza.

Niyungeko akaba abona ko iyo nyifato y’abacamanza b’i Bubanza yoba yavuye nku mvo zibiri. Ukutigenga k’ubutungane bwo mu Burundi hamwe n’ubwoba abacamanza boba baragize kubera imbonerakure zama zitwaza ibirwanisho izuba ryaka, zigahohotera uwozishatse kandi ntizigere zihanwa.

Umukuru w’urwo runani aributsa ko ata muntu yohungabanya abandi ngo n’uko uno munsi afise inguvu z’ubutegetsi kuko ‘’buca bucana ayandi’’.

No mu mashirahamwe arwanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka na APDH bakaba badatahura ukuntu urwaruka rw’imbonerakure rwotsinda urubanza kandi icaha bagikoze k’umugaragaro.

Karorero Sipiriyano aserukira Ligue Iteka i Bubanza ati urubanza rwaciriwe Eloge Niyonzima rurerekana neza ko ubutungane butingenga na gato. Icihagazeko Hantoni wo muri APRODH y’i Bubanza ati uko kudahana guha impigi urwaruka rw’imbonerakure kubandanya guhohotera abantu ataco rutinya.

kw’ifoto:umumenyeshamakuru Eloge Niyonzima akorera RPA i Bubanza


René Dieudonné Kamaro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.