IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Uruja n’uruza k’umupaka w’u Burundi n’ibindi bihugu rugiye kworoha

Uruja n’uruza k’umupaka w’u Burundi n’ibindi bihugu rugiye kworoha

vendredi 11 Nzero 2013

Niyonzima Léonce, umwe mu bategetsi bikigo kijejwe gutoza amakori OBR, yabimenyeshereje m’uruganda rwo kuri uwu wa kane igenekerezo rya 10 Nzero 2013 rwo kumenyesha aho bagejeje umugambi wo gushiraho ibiro bimwe vyogutoza amakori ku mipaka.

Ku biro bitatu bimaze kwubakwa: Gasenyi I-Nemba (Kirundo), Kobero-Kabanga (Muyinga) na Ruhwa (Cibitoke), ica mbere co nyene nico gikora gushika ubu. Niyonzima Léonce akaba amenyesha ko nivyo bindi bigiye gukora vuba aho ibiro vya Kobero-Kabanga bitegekanya gutangura gukora mu mpera z’ukwezi turimwo.

Uwo mutegetsi akaba amenyeshako iyo isuzumwa ribereye mu biro bimwe gusa bifasha uruja n’uruza k’umupaka kuko abantu n’ibintu bakoresha umwanya muto w’urugendo. Aho ubwo buryo bumaze gutangura ngo isuzumwa ribera ku biro bimwe gusa. Nk’umuntu avuye mu Burundi aja mu Rwanda ngo azosuzumirwa k’uruhande rw’u Rwanda gusa, uwuvuye mu Rwanda nawe agasuzumirwa k’uruhande rw’u Burundi gusa. Ariko mu buryo bwa kera umuntu yategerezwa guhagara ku biro vyivyo bihugu, vyose bigaca bibatwara umwanya munini w’urugendo.

OBR ngo ikaba rero yipfuza ko ubwo buryo bushasha bwokoreshwa ku biro vyose bikoreshwa mukuja mu bindi bihugu bihana urubibe n’u Burundi. Ivyo navyo ni nka Gatumba, Mugina, Manyovu na Kanyaru ya ruguru. Ariko rero ngo bakazobishikako buke buke bafashwijwe n’uburyo buvuye mu bagenzi b’u Burundi.

kw’ifoto:Mu Gasenyi, ku mupaka w’u Burundi n’u Rwanda


René Dieudonné Kamaro

Messages

  • Mbe ko abarundi mutandika comment ni ibiki ubwo ibintu byose nuko muba mwabimye ? kandi niyo mwaba mwabishimye nabwo mw<agira icyo mubwira abanditsi canke ibyo muvuga kunkuru yanditswe. Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.