Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Poritike
Urunani CNARED ruramutswa indongozi nshasha
Yanditswe taliki ya 25-04-2016 - isaha 08:45' na IGIHE

Mu matora yabaye kuri uwu w’Imana, MINANI Jean niwe yatahiye uburongozi bwa CNARED, urunani ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA. Docteur Jean MINANI yatowe ku majwi 16 kuri 30.

Docteur Jean MINANI yakurikiwe na Ferederiko BAMVUGINYUMVIRA yatowe ku majwi 8 kuri 30, mu nyuma hakurikira Leonard NYANGOMA yatowe ku majwi 6 kuri 30.

JPEG - 68.3 ko
Docteur Jean MINANI, umukuru w’urunani CNARED

Mu kibanza c’icegera c’umukuru w’urunani CNARED, hatowe BUSOKOZA Bernard yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

JPEG - 35.8 ko
Major Bernard BUSOKOZA, icegera c’umukuru wa CNARED

Icegera ca kabiri c’umukuru w’urwo runani ni Onesime NDUWIMANA, Anicet Niyonkuru akaba ari umunyamabanga nshingwabikorwa.

JPEG - 16.4 ko
Anicet Niyonkuru, umunyamabanga nshingwabikorwa wa CNARED

.

Ivyiyumviro vyanyu

Bizimangana Nyakuzimangana , Uti Aba C N D D - F D D Ngo Ntagasozi Baribwafate ? Chunga Utaona ! Barayamaze Bati INKIRE NTIKIRA KABIRI ; Kandi Ngo USHAKA URUPFU ASOMA INGWE ! Komwari Muguye Mugihugu Ntimwabasanze Iyo Baba Tanzanie Alsha Mukaja Kubasaba Ikigongwe ? Namba Wishimikije Cnald , Usa Nkuwuri Mukiyaga Akifadikiza Ururimi Rwa Ingona MAROHA

28.04.2016 à 07:47
Murabaraba 444

Komera Kw’ibanga Muzee Wacu Minani ! Muturongorane Amahoro,mugume Muter’imbere Muvyiyumviro Maze Imana Mushobora Vyose Ibafashe Kudukura Mubuja,ej’ahobukera Tuze Twivug’amazina Tumeze Nkabar Mw’iparadizo,maze bacobo Baze Bamaramare !

27.04.2016 à 18:57
Jaguar Mudende Kirundo

Mwebwe mucoka mumezi cenda mwotwara imyaka itanu busokoza rindi mumisi uzobazwa urupfu gwa NDADAYE ntubone murikumwe na jean Minani uzobazwa wewe rindira gusa nawe minani wewe wamenyereye gutwara udatowe ninlbu ntiwatowe amajwi 16/30 wovuga kowatowe mumategeko wategerezwa gutogwano 1/3 cabitavye inama none wamenyereye gutwara udatowe ntibitangaje yamara babasoda bomuri africa yepfo baguherekeza uje kwakiira ubutegetsi utatorewe ntab,uzoronka abanyagihugu twarabase !!!!goseee !!!!

26.04.2016 à 22:32
jean

ariko abarundi mukunda ubutegetsi mumwaka umwe mumaze mutangiye mukoze amatora 3 ubwo se mwe mandat yanyu imara iminsi ingahe ? nonese ubu murumva guhora mumatora nugusimburana kubutegetsi buri mezi 3 aricyo kibazo cyabafasha gukemura ibibazo noneho sinduhije ntaboneka wasanga nawe yagiye gutangiza ibindi byiwe njye nabagira inama yo gushinga idini mugasenga naho ibyapolitique byabagoye kabisa

26.04.2016 à 17:31
kagabo

Nature nsabe abarundi bareke gutanga ivyiyumviro batukana abandi birengagiza ukuri abandi bakoresha ibigumbagumba,batange ivyiyumviro vyubaka kandi bakunde igihugu ago gukunda umuntu.uhanzi Theogeune niwe yaririmvye NGO uwishe aboyitako ari babi yasanze yamaze abeza bomufashishe muri kazoza.Yozefu abamutwaye nkinyagano ivyo bamwica urya mwami yari guhura nakaga.Nkurunziza bareke guhiga bukware abaterekwa 3eme mandat nibo ncuti ziwe gusumba barya bakevyi biwe ba Bunyoni,Bakazungu,nabandi,gusa nuko mbona yamaze kworama.Nkurunziza yarakwiye kuba umutware umwe basokuru bavuga ikija kubutegatsi.ko :"umutware mwiza atavukana."we abugezeko yakoze le contraire arico gituma igihugu kigeze ago kigeze.About batama baraye bizigiwe nibakore babogore igihugu na makungu abafashe.

26.04.2016 à 17:11
Bizimana

Abarundi benshi turi inyuma yanyu muri abashingantahe mushitse mwese uno muri mwaranse ihonyangwa rya mategeko n’amasezerano ya arusha.Mutama Minani niwe haboneka amasezerano ya arusha,haboneka Nico gisirikari n’igipolice gihurikiyemwo Bose mono nkurunziza aragisambuye,abadede nabo bakirata NGO nibo batumye hacangwa igisoda nibbavugeko iyo hataba amakungu nayo masezerano ko izo zengo barikuzika
ndagiramwo,hariho n’umutumba baribwashingemwo idrapo yabo canke umukuru wumutumba nubwo butegetsi bubukesha BUYOYA naDr J. Minani bahagarikiye ibiganiro kumpande zose bakaba sportifs ni tete eux nubu baba bakiri mwishamba canke baramaranye hagati yabo.ubwicanyi bwa badede so ubwubu mwibuke in gene bamaraniye I Tanzanie mu makambi y’impunzi barimwo mu1998.ivyo mvuga ni ukuri arico gitum at a Dede yorongora igihugu NGO gitekane canke NGO gitere imbere.ubuja gusha buratagata. Batama ni mukore ni nguvu zose hama mudusigire igihugu CIZA.hama abarundi barakwiye kumenya historique ya C.N.D.D_F.D.D. hama bakayiva inyuma Nuko nabayihozemwo baguma bahisha ukuri bayidadirako.

26.04.2016 à 16:36
Bizimana

Binaniyeumusondabizoshoboraumusivirerabantuzeuhasigeagatwebaraguhenzesabaimbabaziuzekuvura.abantukukonivyowigiye(.....)

26.04.2016 à 12:19
Birigudu

Aba dd ntibazi icitwa mandat dommage..Nyangoma yahejj mandat batora uwundi ..Ku bavuga ngo abahutu bashirwa imbere ku nyungu z abatitsi kura induru y amacakubiri kuko 3eme mandat si amoko.@ !! Murabizi muhenda abahutu batize ngo babafashe gukora akani
Muzobibazwa ntankeka. ..

26.04.2016 à 11:33
Mukobwajana

yaya nbabasabiye kumana ntimupfe muhujije nugwo
ru
ni gwanyu sinarede.muraga nsera banyolko

26.04.2016 à 09:37
gu

minani ntashobora kwiyunvira igituma kagama atuka nkurunziza ntatuke musevemicanke sassu ngwesso ?!!!
ico conyene cerekana ko abahutu bari in danger
ubumwe bahutu-tutsi bumutima.
iyo democratie barwanira bakuzako muguhindura ababatwara
nyangoma yarababonye ariko arabivamwo

25.04.2016 à 19:07
eric

Iyonda nije ndoyimenera nurusoro, nako kagwikanyu ntigahirahirere NGO karaje muburundi nabasoda Bacu mumaze

25.04.2016 à 18:28
damian ppp

Iyonda nine ndoyimenera nurusoro, nako kagwikanyu ntigahirahirere NGO karaje muburundi nabasoda Bacu mumaze

25.04.2016 à 18:27
damian ppp

Ewe Nyango Waragowe Cndd Bosco Arayikwatse .Minaniakunyaze Cnaldkandiariumucivile Impanuro Genda Wifatanye Na Nkurunziz

25.04.2016 à 18:11
Baracitwegera Innocent

Ewe Nyangoma Waragowe CNDD Bosco Arayikwatse Na CNALD Minani Arayikwatse Kandi Ariumucivile Nonekukiwubaka Basambura Bivemwowigiremuri L,etat Ufatanyena Nkurunziza Barikobaraguhenda

25.04.2016 à 17:21
Baracitwengera Innocent

Ewe Nyangoma Waragowe Cndd Boscoarayikwatse Warayitanguriye None Naminani Arayikunyaze Kandi Ari Umucivile Atakintuyigezeakora Ahontunakowubaka Basambura Bivemwowigiremuri Reta

25.04.2016 à 16:52
Baracitwengera Innocent

Aaaahh marinete nyabusa Ngo ninyangoma murahenuy imbunuza !!!eeeeehh !!!ndatangay gooose Bombori Bombori muri cenared !!!mutazany inteko nvamakungu ibara rirarwa hagati yanyonoga nyangoma na munani mubi amabere y’imbwa rungika maprobu !!!none mandat zibiri nyangoma yemerewe nibwirizwa nshingiro ry’uburundi n’amasezerano y’arusha ziraheze nyabusa udutume kumesa izontozo ziguhiritse kubutegetsi mwaravumwe muragashirira iyo mwaguy ewe nyangoma urapfanye intuntu yugutwara igihugu none nkabarundi ukuw utimbaguy ngushaka ubu president wungutsiki Ko bagukuy ???minani iyizir muri reta nabakwemera urekane nibyo bijuju Ngo nibyarusobeko busokoza eeeehhh !!narabarahiye basha ntanyungu muzoronkana ibitengatenga byamaraso bibajejeta muntoki ndabavumye umubyeyi ninkuwundi nanj ndumubyeyi Pu Pu Pu Pu Pu Pu puuuuu !!!!!!..

25.04.2016 à 16:43
karorero

mbe Jean minani uribuka ayo abatutsi bakoreye abahutu ?fatanya nabo ariko ubikore ubizi !ninde yanize Ndadaye ?

25.04.2016 à 15:53
kamijo

Komera KAMARO Urakagira Icyumara , Matatukoko Nawe Uragatatukira Kunzira Nkazambwa Z’abahutu Bajanye Na Gacibwamwo , Yamara Ntabwenge Minani Na Nyangoma Bafite ! Gacibwamwo Yahamagariye Abatutsi Guhaguhukira Abahutu , None Mumuri Musi Ngo Muzemuramukomeramashi ?

25.04.2016 à 13:11
Murabaraba 444

Ariko Uburundi bwacu buragowe kabisa. Jewe ndipfuzako igihugu cosubirana umwami wo kwitsitso kugira ivy’amatora bihagarare.

None Leonard Nyangoma, bamusezeye kubera iki ? Abanyabururi bagiye guca baja inyuma ya nde ? Ko bari biruhukije ngo umuvugabutumwa yaraguye ko Nyangoma subirira Nkurunziza.

Ariko rero yaba Minani, Yaba Peter, yaba Nya Tambour nyene, nukuri muje hamwe mudufashe turonke amahoro.

Mudutware uko mushatse ariko mureke kutwicira abana n’incuti !!!!!

25.04.2016 à 12:18
Kibwa ca Ntare

Je sinababwiye gahini yakoze amaraso ya mushikwe nubu araciruka none umva aba nabo baraturiye abantu mumapine,barica barakuramwo imitima yabantu baja kuyirya,imiduga baratwika nibindi,,none bamaze guhindura incuro5 muga murarushe peeee !muzoguma muyerera ukonyene amaraso arahuma !

25.04.2016 à 11:14
comando
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.