Accueil > Amakuru > Urunani ‘’CNATHE-Nyamukamirwa bose’’ rwiyemeje guteza imbere icayi
Urunani ‘’CNATHE-Nyamukamirwa bose’’ rwiyemeje guteza imbere icayi
lundi 31 Kigarama 2012
Abahurikiye mu runani mpuzamashirahamwe barima icayi ‘’CNATHE-Nyamukamirwa bose’’ngo barashima intambwe bagezeko murico gisata kuko ngo kuvaho bagiriye hamwe bagafata ingingo yo gushinga urwo runani rw’abarimyi b’icayi harabaye akarusho. Ivyo bivugwa na Manirakaza Paul umukuru w’urwo runani
Ubu abarimyi b’icayi ngo ntibidoga kuko ingorane zahora zibinekeza muri ico gisata ubu zakuwe mu nzira. Nayo kuba hari ayandi mashirahamwe y’abarimyi b’icayi ngo si ingorane kuko umurimyi we nyene aja mw’ishirahamwe ashaka. Ifumbire ngo abarimyi b’icayi bayironka kare eka n’ibindi bisabwa kugira umurimyi ashobore gukorera neza icayi ciwe abironka kare. Nayo agahembo kabo ngo ubu bakaronka kare. Kubona rero ubu baronka ibikoresho kare ngo bituma n’umwimbu mu gisata c’icayi wiyongera.
Manirakiza Paul arongoye urwo runani ‘’CNATHE-Nyamukamirwa bose’’ avugako igishasha bagiye gukora ngo bagiye kuvugana n’ishirahamwe ry’icayi mu Burundi OTB kubijanye n’ishingwa ry ’ibiciro kuko ngo igiciro gitegerezwa kumvikanwa ko hagati y’umurimyi na OTB. Icon go nico kigiye kuja imbere hisunzwe ingene umwimbu wagenze hamwe n’igiciro co kw’isoko mpuzamakungu.
Muri uno mwaka ngo bagiye guhindura ingendo mu guha inyigisho abarimyi b’icayi kugira bamenye uko boja baritunganya mu mashirahamwe yo kuziganya no gutanga ingurane. Ikindi kibazo bagiye gukora ngo bazovugana na Reta kubijanye n’ugushira mu minwe y’abikorera utwabo igisata c’icayi aho kigeze.
Icayi ni kimwe mu biterwa njabukamazi Bizana amafaranga y’agaciro mu Burundi iruhande y’ikawa n’ipampa.
Mayonga Jean Marie