IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Urunani RANAC rwabujijwe kuremesha ikiganiro n’abamenyeshamakuru

Urunani RANAC rwabujijwe kuremesha ikiganiro n’abamenyeshamakuru

mardi 3 Ntwarante 2015, par Egide N

Ikiganiro c’urunani RANAC cari categuriwe abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri ku bijanye n’ibibazo bihanze igihugu muri iyi minsi Uburundi bwimirije amatora nticashoboye kubandanya. Itegeko ry’uguhagarika ico kiganiro ryatanzwe na Léopord HATEGEKIMANA, umuhanuzi w’umukuru w’igisagara ca Bujumbura ajejwe umutekano, ari kumwe n’uwutwara igiporisi mu karere k’ubumanuko, hamwe n’abaporisi barenga mirongo.

Mu bibazo vyari kugarukwako muri ico kiganiro cari catumiwemwo abamenyeshamakuru, nk’uko Rwasa Agathon umukuru w’urunani RANAC yari yamaze kubimenyesha, harimwo ibijanye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, ibikorwa vy’umurwi ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matunga CNTB i Makamba, ubuzima buzimvye, hamwe n’ibindi bibazo bihanze igihugu muri iyi minsi Uburundi bwimirije amatora. Ikiganiro kigitangura, umushingamateka Karori Nditije akiriko arasomera abamenyeshamakuru urwandiko rwateguwe n’urunani RANAC, haciye hinjira Léopord HATEGEKIMANA batazira RWEMBE, umuhanuzi w’umukuru w’igisagara ca Bujumbura ajejwe umutekano, ari kumwe n’umukuru w’igiporisi mu karere k’ubumanuko, batanga itegeko ko ico kiganiro cohagarikwa ubwo nyene.

Agathon Rwasa, umukuru w’urunani RANAC, hamwe n’umushingamateka Karori NDITIJE icegera c’umukuru w’urwo runani basavye kwerekwa urupapuro rubuza ico kiganiro, ariko abo bajejwe umutekano bakaba batari barufise. Babasiguriye ko baje kubuza inama itasabiwe uruhusha, ivyo bakaba batabihurijeko n’abarongoye urunani RANAC bavuga ko bari batumyeko ikiganiro n’abamenyeshamakuru, ico naco kikaba kitabanza gusabirwa uruhusha.

Rwasa Agathon yaciye asaba abari bitavye ico kiganiro ko botahuka, ariko akanegura agatotezo gakorerwa bamwe mu gihugu c’abarundi bose. Rwasa ati : "Namba uri umutegetsi ukaja guhagarika igikorwa ca naka, erekana uburenganzira buguha ubwo bubasha. Kuza gusa kubera wambaye umwambaro w’akazi canke uri umutegetsi, turavyubashe, ariko turasavye ko hanyuma hokurikizwa amategeko, kuko niyo atuma abantu bashobora kwigenza neza, igihugu kikaba mu mahoro."


Egide Nduwimana

Messages

  • Narabarahiye!!!!! none ga aho message ntiyatanzwe? huuuuuuu, muga Radjabu yaragiye tu!!! mwari he ga basha? mwari gufata BOBO? canke muka GENERAL,
    muragowe sindababesha.

  • Nimwitahire bantu mwahezagiwe n,Imana twebwe abanyagihugu turazi kandi mwamaze kudushikiriza ubutumwa nimwiganukire abo ko batabwigwa canke ko batabona benshi muribo bafise amaso ariko ntibabona bafise amatwi ariko ntibumva twebwe twamaze kwumva
    Abavuga ivyubaka igihugu babima ijambo ariko abayayata bavugana irevu mukanwa bakabaha ijambo nkuyo Nduwimana ngo yavuze ?reka abana bahawe impano zo kurongora bahe abanyagihugu ijambo ry,ihumure nayo ivyo mwigira ngo barya ntibemerewe barya ngo baremerewe igihugu nicabarundi bose igihugu sic,umugambwe nimwicare hasi muje kwisomero mwige ivyintwaro ibereye nabari murubwo bushikiranganji kera mbona bavuga ngo nibo barongora neza none ubu wamuntu yafata ingendo agarutse akatubwira amafaranga yagarutse muyo yatekerewe niceri akabivuga mwombonera ingendo zarahagaze?ko batakidusomera ayagarutse ubu kuva aho bashikiriye ubutegetsi navyabiceri vyacaguka basigaye batakibivuga?sha baca umugani ngo iyakamanye ntigaheba.
    Imana irakunda uburundi n,abarundi kuko yerekanye abatwihishamwo hakiri kare kandi ikabagaragaza

  • Gutanga ubutumwa ntibishobora kubananira. Il suffit ko imwe mu maradios ibatumira mugaca mubutanga, mbere n’abanyagihugu bakabaza ibibazo. N’abanyamakuru bashatse bakabikora en synergie. None boca bugara amaradios nayo? Ivyo bakoze uno munsi ni publicité babagiriye!

  • NIGIKI CATUMYE BACA BATAHA KANDI BATUBWIRA KO BIFUZA REVOLISIYO BARIGUCA BAHERA HO ALALALALAAAAAAA NTAVYABO BARINDA BANYOYE IYO BACA BAKA INKOHO ABASODA BAGACA BABARASA NONE BAZOGIFATA GUTE?????????????? KOMBONA BAZETERA?????????????

  • hahahahahahahaha ntwengejwe nukubona umuporona numu efunere bicaranye bavuga rumwe hihihihihihihihiiiii 1996 abaporona bavugako batanguje intambara nyeranda yo gutikiza umuhutu!!!!!!!!!! efenele nayo ngo ntizigera yicarana numututsi numwe hatabaye contrat sociale hihihihihihihhiiii none ndikombona rwasa ingene asangira mwisahani rimwe na tasiyano; manwangari; busokoza; nabandi nabandi uwuramvye azobona .

  • IFUDIKA RYIMIGAMWE IPORONA NA FNL KWISHIRA HAMWE KWABO NIKOGUFUDIKA KWIMIGAMBWE YABO ABANYAGIHUGU NTITURIBAGIRA KAHISE KANYU!!!!!!!!!!!!!!!

  • Motif invoquE par les policiers: la conference est tenue a un endroit AUTRE que celui prevu a l,avance. Question: Pourquoi n,ont-ils pas interdit la marche manifestation du samedi dernier puisqu,elle aussi a changE d’itineraire? Minable!

  • Sindiho Levis,Karenzo,Jonas,kuva nabona abantu bandika ku igihe,ndabonye abitwa ibijuju vyabindi vyanyuma y’umurizo w’imbwa,Birababaje kuba mugifise ivyiyumviro vy’amacakubiri,wumva DD muyimariye iki mukiri muvy’amoko;mbaze Karenzo So akuvyara uramuzi canke ni Nyoko yamukubariye!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!
    iyaba waruzi icurico ntuba uvuga amanyembwa nkayo.
    Sindiho levis weho n’ubundi nturiho kuko iyaba waruriho ibijambo wandika ntuba uvyandika,Nturiho koko kuko urutwa n’imva,none kuba bubashe ibivuzwe n’abakuru nico gitumye ubagaya,bakubariye ko bose bashikira ivyo bagomvye aruko bafashe inkoho?So yoba yaraguhaye indero itariyo,none haraho wanyegeje ubujuju bwawe?
    Jonas,wewe urazi akahise ka So na Nyoko,none ubona utari umugabo?

  • Mwe basha SIHONDI na KARENZO, ninde yabahenze gutera muja inyuma? raba imbere basha tugende, mwe ntmwunva akamo ngo AMASE YA KERA NTAGIHOMA URUTARO, muciyumvira uko nta ntambwe muzopfa muteye muvyo mukora vyose. mbe ko mugomba kubesha abanyagihugu muciye mu bitarivyo piyeri na doirudo ko bicarana? abahutu ko batikiye ninde mututsi yagirizwa urupfu gwabo? nico gituma ivyo ata wuzosubira kubiduhendesha twe twirabira ineza ya banyagihugu

  • mbe mwa mbonerakure mwe mwbw mwes mugkorera kuvyiyumviro vy’amacakubiri:mutanazwa n’iki mubony uyu cank uriya yiyunz n’uwund muriyi politik y’iki gihe?ntamacakubiri tzosubiramwo kko abayadutayemwo twarahinyuye inzira zose bacamwo. ivya kahise navyo ugeragej kuraba usanga abo bitakozeko cane aribo bavuga amateshwa bishakiy.ni hakomere ADC nihakomere RANAC twikureko iyi ntwaro itoteza,yiba ,yica

  • NUKURI DABIBABWIYE IHINDUKA RIRI HAFI.NIBAREKE BAREMESHE IBIGANIRO.BEREKANE IMIGAMBI.TUBAHUNDE AMAJWI.HAMA BAJE KUNGOMA ABARUNDI TWIRUHUTSE.UBUTUNGANE BUBE UBWABOSE.ITERAMBERE RIBE KURI BOSE ABIVYE TUBAFATE BASUBIZE IGIHUGU

  • Jewe Ico Nosaba Nuko Tworeka Guterana Amajambo.Tukaja Kukivi,tugasenga Imana.

  • rwasa mwanawiwacu iciri ikiremba abobagabo ntibagihende ngobakorere kuvyiyumviro vyawentahovyigeze bishikako umuhutu asangirijambo numututsi ahubwo barakwiyegereza kugira bakwogereko bashike kuco bashaka vananabo nkuko minani yabigize ejo bazitwe ngera umaramare warabonyivyashitse bagombivyobakoravyonse biywazekoharimwo umihutu abashigikiye wotumubahakazi mugabo ntibavugeko mwafashanije none uxozakutubwiriki urikumwe nabo izoninzoka uzobibona hagezamatora babita bamayeri ugombubashikane kuntwaro ikizobu uzobibona uzicuza vyiza wokwitoza kugahangakawe kimwewomenya nyiwaje bagukunda nubu ntibagukunda bafise vision ikibarigwa nicumva igirubasubize ubutegetsi uzicuza urumibanyi nejuzoza ndabikubwire ntiwabajije niwimenye urumugabo

  • uwutazi ivyisi avyita ivyiwe.ark ukuri kuzoteba kuje ahabona ntawavutse arumutware iyo nyifato ya barbare ntiyarikwiye kubantu biyita abashingantahe.ubwo murazi insiguro yijambo uburenganzira na demokaratie?

  • @ Zzzzzzz, amatwi ansumira nubwomengonukumena ibanga Agathon ngonawe yiteguye mwanomatora guhenda ba Nditije ngwabasubirize munkoko ivyobamukoreye mumatora yomuri 2010 ntabwonzi ukwazobihora iconamenye sukubagiriranabi murimwenebimwe vyokwica oya ngwashaka nawe azobateshe ikintucabo ngonkuko nawe mwariyamatora bamutesheje umwanyawiwe.

  • mugabo namutama gwasa azopfa aruhiye kwiyisi!! mbega harya wagwana kugira uzoze kwicarana nabobagabo??imana nirabe icoyogukorera kugira uruhuke kuko urarushe.mbega wibutse kuyora washeshe?ufut ubujiji bwinshi ndakurahiye mbega umugabo nkuyo!!

  • mugabo namutama gwasa azopfa aruhiye kwiyisi!! mbega harya wagwana kugira uzoze kwicarana nabobagabo??imana nirabe icoyogukorera kugira uruhuke kuko urarushe.mbega wibutse kuyora washeshe?ufut ubujiji bwinshi ndakurahiye mbega umugabo nkuyo!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.