Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urutonde rw’abazohabwa ubushimwe muri TopTenTube Music Awards umwaka w’i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Urutonde rw’abazohabwa ubushimwe muri TopTenTube Music Awards umwaka w’i (...)

Urutonde rw’abazohabwa ubushimwe muri TopTenTube Music Awards umwaka w’i 2014

lundi 14 Mukakaro 2014

Ihiganwa "Top Ten Awards" ku ncuro ya 4 rihuza abaririmvyi, abahinyanyuzi, abanyamideri, rizotanga ubushimwe ku babaye aba mbere mu mice igera kuri 13 yatowe n’abakunzi b’ibiganiro "Akiwacu" na "Top Ten Music "bica ku nsamirizi Bonesha FM.

Haheze ikiringo c’umwaka urenga n’iminsi mike hari abaririmvyi, abahinyanyuzi eka n’abandi bafise ico bariko bamarira umuziki, bariko barahiganwa. Kuva ico gihe, abakunzi b’umuziki baratanga amanota ku ndirimbo bakunze kurusha izindi, canke abaririmvyi bakunzwe kuruta abandi.

Kw’igenekerezo rya 14 Myandagaro, kuva igihe c’isaha cumi z’umuhingamo gushika isaha zine z’ijoro (16h-22h), ku kibuga c’umupira w’amaboko kiri aho bita kuri "Parquet", hazobera ibirori vyateguwe n’insamirizi Bonesha FM. Kuri uwo munsi, hazotangwa ubushimwe kubazoba batsindiye ihiganwa rya Top Ten Tube Music Awards incuro ya 4.

Indirimbo ziriko zirahiganwa ni izi zikurikira : "

- Mot de passe (Yoya) (1)

– Warakoze (Redemption Voice ft Prince Mshindi) (2)

– Wawundi ( Emery Sun) (3)

– Yahaya (Fizzo) (4)

– Nyanzobe (Sat-B) (5).

Ubushimwe butandukanye buzotangwa kuri uwo munsi, agashimwe kitiriwe URUMURI Award kazohabwa Cynthia Munwangari yatanguje Bujumbura Fashion Week, akandi gashimwe kazohabwa umutama w’umutimbo Anthime BARANSAKAJE kubera yagarukiye akaranga k’Uburundi.

JPEG - 56.6 ko
Uko abaririmvyi batwenga imbere y’ivyuma bifata amafoto

Urutonde ry’abaronse ubushimwe muri Top Ten Tube Music Awards umwaka w’2014.

Agashimwe katanzwe n’abatoye indirimbo mu kiganiro « AKIWACU »

- Mot de passe (Yoya),

- Warakoze (Redemption Voice ft Prince Yell),

- Wawundi (Emery Sun),

- Yahaya (Fizzo),

- Nyanzobe (Sat-B)

Abaririmvyi ba mbere b’umwaka w’i 2014

- Fizzo,

- Sat-B,

- Samantha

Ururirimbo rwa mbere ry’umwaka

- Yahaya (Fizzo),

- Mot de passe (Yoya),

- Harabandi (Overdo)

Umuririmvyi mushasha yabonetse uno mwaka

- Spok’s,

- Stikk,

- B Face

Umuhinyanyuzi karuhariwe

- Kolly,

- Amir Pro,

- Lizer Pro,

Isanamu ya mbere

- Ntuziyuja (Sal-G),

- Umwami w’ibirere (Preeze36),

- Jigijigi we (Happy Famba)

Ururirimbo rwa mbere rufatanije akaranga n’ibigenzweho (Tradi-moderne)

- Gloria (Chorale St Dominique),

- Ben’amararo (Intatana),

- Icamwa (Peace n Love)

Abaririmvyi ba mbere akoranye indirimbo zakunzwe

- Who u are (Samantha ft Fizzo),

- My Ennemy (Preeze36 ft Stikk),

- Biranduhura (Kolly ft Pim)

Umuririmvyi wa mbere mu ndirimbo mpimbazamana

- Redemption Voice,

- Fortran,

- Adora

Ururirimbo rwa mbere mpimbazamana

- Nimumfashe Dushime (Fortran ft Sophie),

- Warakoze (Redemption Voice ft Prince),

- Une Chanson, une Raison (Leila ft Cedric)

Indirimbo zo muri Afrika y’Ubuseruko zakunzwe kuruta izindi

- Kipepeo by Jaguar (Kenya),

- Nasara by Meddy (Rwanda),

- Number one by Diamond(Tanzanie)

Amwe mu mafoto ya Top Ten Tube Awards umwaka w’i 2014

JPEG - 61 ko
Amakanzu meza yatowe muri Top Ten Tube Awards
JPEG - 32.3 ko
Abagabo bambaye neza muri Top Ten tube Awards

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.