IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umuririmvyi Femi : "Abatwara Uburundi ntiborenza imyaka 10

Umuririmvyi Femi : "Abatwara Uburundi ntiborenza imyaka 10

mardi 24 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Nsengiyumva Minani Félicien, asanzwe ari nawe yaririmvye ururirimbo ruhayagiza umugambwe CNDD FDD yibutsa ko ata murundi n’umwe yotwara igihugu mu kiringo kirenga imyaka cumi ari ku butegetsi, n’aho yoba yatwaye neza, kuko hariho abandi barundi babishoboye nabo nyene, kandi bakwiye guhabwa ayo mahirwe.

Ubutumwa buhanura Petero Nkurunziza kwubahiriza ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha burabandanya gushirwa ahabona. Inyuma y’urwandiko rw’urwego rw’igendereza mu Burundi, n’uwaririmvye ururirimbo ruhayagiza umugambwe CNDD FDD yamenyesheje ko adashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

JPEG - 61.7 ko
Nsengiyumva Minani Félicien (i buryo), ariko aramukanya n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

Mu butumwa yarungitse, Nsengiyumva Minani Félicien yagize ati : "Uburundi bwacu bwiza bw’ejo uko jewe ndabubona, n’uko ata murundi n’umwe yotwara igihugu ngo arenze imyaka cumi ari ku butegetsi nubwo yoba yatwaye neza, kuko hariho abandi bene Burundi babishoboye nabo nyene bakwiye guhabwa ayo mahirwe. Bitabaye uko kubwanje, Uburundi ntabwo azoba ari umurima rusangi, kandi ako koba ari akarenganyo."

Nsengiyumva Minani Félicien amenyesha ko ashima kuba intwaro za cami zitakiriho mu Burundi, kuko harimwo akagunge, kubona umuntu umwe rudende atwara igihugu imyaka n’imyaka gushika apfe canke yihe ubuki nubwo yaba atwara nabi canke atakibishoboye, kandi igihugu gifise abandi benshi babishoboye. Nsengiyumva Minani Félicien ati : "Ako kari akarenganyo karenze urugero."

Uwo yaririmvye ururirimbo ruhayagiza umugambwe CNDD FDD avuga ko mu kudashigikira ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, yizera ko ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi bavuga rumwe, kandi ko ata murundi n’umwe akunda igihugu ciwe hamwe n’Abarundi bagenzi we yobica iruhande, adashaka guta igihugu mu manga. Nsengiyumva Minani Félicien akamenyesha ko ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha bitubahirijwe mu bijanye n’ibiringo bibiri gusa vy’umukuru w’igihugu, ku bwiwe bizoba vyerekanye ko igihugu c’Uburundi atari umurima rusangi, ako nako kakazoba ari akarenganyo uwo muririmvyi avuga ko adashobora gushigikira, ahubwo agahanura avuga ati : "Uwobirengako nawe, yoba arenze akarimbi gashobora kumurenza urugo."


Egide Nduwimana

Messages

  • H.E Peter NKURUNZIZA abarundi twese dukeneye impinduka,n’impumyi irakubwirango amata ko Yera de!ariko ikara rimaze kuzima ryirabura!intwaro ya CNDD_FDD yamaze kuzima dukeneye urundi rumuri rumurikira Abarundi.

  • Femi de Jabat sumuntu wo kwizera ,ibuke ntanamezi aheze yiyamirije umukenguzamakenga Richard Nimbesha ,yaramwambitse inkono ishushe amuziza ko Richard adashigikiye kwongera kwitoza kwa Nkurunziza .Femi numuntu atambagurika cane ,ntaho nfatwa nkumwana ahiye mukwaha .Yarashigikiye Rajabu igihe yaragitawe mu mvuto ariko ntawamenye ingene yamuhevye .Kuvyukuri Femi de Jabat ntabushingantahe bwiwe ntawomwizigira

  • Nyakubahwa Petero Nkurunziza jewe ndakwibuka muri 2004 uri ministre waje gusenga i Kigali kwa Gitwaza mu Gatenga. Wari uherekejwe nabasoda babanyarwanda benshi vyaraboneka ko bose bakubonamwo umuntu ugiye kuba president. ndibuka intahe watanze y uko wabayeho mwishamba uca uvuga ngo vyose nabantu bagera kubutegetsi bagashaka kubugira nkakarima kabo, bakanka kuburekura ngo abandi nabo babone ayo mahirwe.

    Mwana wa mama rero ehe ndaguhanure. Narabonye ico gihe witwaje coaster yuzuye abaririmvyi b imana. rurya rurimbo mwaririmvye rukumurukire. Ntuhirahire ngo ushavuze imana hato itagukubita akanyafu.

    Irekurire mutama wigire ureke abo bandi batware kumbure hari igihe worya utwo wabiriye akuya ntawuguhagaze hejuru, naho nushaka kugundira ubutegetsi emwe ikizoba nzonywa umuti. Uriko uratera ugera kucobo. Na madame wawe nabana bizobagerako. kandi bazovunika baza I lahe kukuraba aho uboheye. Ibuka Baghabo, kadhafi, charles Teylor, Mobutu nabandi ntavuze.

  • Nyakubahwa nkurunziza, Urazi ko Imana yaguteye iteka ikaguha gutwara igihugu aho yari yarabonye amarira yawe kanatsinda wari wararenganijwe n’abamwe bari barigaruriye igihugu, wagiye mwishamba uhunga ubwicanyi bwari buhari.
    Ikibabaje aho uziriye warashigikiye inkozi zibibi uranka ko ubutungane bufata uwo wese yonona igihugu, ubunaho uti ngomba niyongere ikiringo co gutwara!! Mukunzi nyakubahwa bireke ntuhave uhinyuza Imana yagukuye hahandi

  • yo ni vyiza cane ivyo wakoze ariko bibi birenze nuko woter irwano mugihugu kubwi nyungu zawe maraso agaseseka yabene barundi kandi wari kwiwa intwari

  • mutama urumuntu wumugabo ufise umuryango ndazi kukunda uburundi umuhanuzi wawe mukuru ni madame wawe icazakubwira uzogikore abandi bose barashukana wirinde kandi .abansi ubacamwo comera

  • Jewe’ndatangazwana’portic y’abarundi
    President’wenyene ubwiwentaratubwirak’azitoza
    None’mushakiriki’kubimusokoroza?
    Komutabaz’aba’candidant’
    Za’fnl’upd’uprona’ranac’nabandi? Nukuvugako’Nkurunziza
    Mwamumereyek’iryinyo.
    Pacific’w’azoserukira’uyuhemugambwe’cank’uruherunani?

  • unva ivyo kurongora uburundi ikiring cagatatu nabe arikura mumutwe.Ahubwo niyunve abise abandi. kuko amaroko menshi aziba amatwi.

  • Francoise, ntabwo ndi umuvugizi wa femi, ariko ndavye ingene aho gushikiriza iciyumviro cawe ingene ubona ivyo yavuze washimwe ku mukurako udushambara vyerekana ko umwanka cane canke umufitiye inzigo. Ico wibagiye kuvuga nuko ari umuntu w’incabwenge kuko bishitse akihenda nkuko n’abandi bantu bose bibashikira wewe ntaherayo arikubita agashi ivyo ntiwovyita gutambagurika canke ko atawomwizera ntaho bihuriye. ahubwo afise ubutwari budafiswe kuko abantu benshi iyo bakoze amafuti bayagumamwo. Radjabu nawe twunva ngo iyataba ukwigenza nabi kwiwe aba yaravuye mu gasho kera, none ushaka nuwigenza nabi agume amushigikira ? Nyakugira Imana fami, ndi mu bantu bakunda cane impanuro ukunze kwandika, abo bakuvuga nabi nabo bime amatwi, nabababazwa n’ubutwari bwawe Imina ikuzigame

  • Ariko jewe nagerageje kwiyumvira ngondebeko harihahantu prezida yavuzeko vyasebikunze ategerezwa kwiyongera ikiringocagatatu nasanze atahariho.

    UMVANDABABWIRE, JEWE AMATORA ARATEVYEKUGERA UWUZOKWITOZA KURUHANDE RWA CNDDFDD ABAYE NKURUNZIZA NZOMUTORA NUMUNEZERO MWISHI, ABAYUWUNDI NAWENUKO NZOMUTORA NUMUNEZERO MWISHI, IGIKURU NUKO NZOKWEMEZA ABARAHO MAZENAMBAHAKIRIHO ABICWANINTUNTU NKAZOKWIRABIRA UKUNTU INTUNTU IBASUKA MWIBARABARA BURIKUMUSI WAKABIRI, MARDI,TUESDAY, JUMAINE.

  • MUTAMA NKURUNZIZA ABO BAVUGA NTIWITOZE NI BAZE MUHIGANWE HAMA TWIGOSORERE.MUTAMA REMA TUKURINYUMA AMASO Y,IBIKERE NTABUZA ABAVOMA

  • MUTAMA NKURUNZIZA ABO BAVUGA NTIWITOZE NI BAZE MUHIGANWE HAMA TWIGOSORERE.MUTAMA REMA TUKURINYUMA AMASO Y,IBIKERE NTABUZA ABAVOMA

  • nakurikize amategeko nico twomusaba kk icubahiro yarakirons bikwiy

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.