IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Gitega : MSD irashima ko itaburabujwe

Gitega : MSD irashima ko itaburabujwe

lundi 20 Gitugutu 2014

Uwurongoye umugambwe MSD mu ntara ya Gitega avuga ko ryabaye irya mbere aho bategura igikorwa ku mugaragaro ntibaburagizwe n’urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi NCDD-FDD, hamwe n’igiporisi.

Epitace Nshimirimana arongoye uwo mugambwe mu ntara ya Gitega, avuga ko ibikorwa vyose bari baratunganije vyagiye biraburagizwa n’abari mu mugambwe CNDD FDD bafashashijwe n’igiporisi aho muri iyo ntara. Kubwiwe, ngo ibikorwa bari bateguye i Bugendana mu ntara ya Gitega kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 19 Gitugutu 2014 vyagenze neza. Epitace Nshimirimana agasaba ko ibikorwa vy’umugambwe arongoye i Gitega vyoguma vyororoherezwa, kugira bashobore gushikira abanywanyi babo bitagoranye.

Uwo mukuru wa MSD mu ntara ya Gitega yagarutse ku bantu bari batanzwe n’uwo mugambwe kugira baje muri CEPI, ariko munyuma bagahindurwa hisunzwe amoko. Avuga ko umurwi CENI wokora ataho uhengamiye. Asaba ko umukuru w’uyo murwi n’umuvugizi wawo boreka kwerekana ko bahengamiye ku mugambwe CNDD- FDD.

Ku bwa Epitace Nshimirimana, ngo hamwe vyobandanya uko biri ubu, bagiye kuzokora ibishoboka vyose kugira umurwi CENI urongowe na Petero Karaveri Ndayicariye usubirizwe n’uwundi murwi ushobora guhagararira inyungu z’abarundi bose bashaka kuja mu matora atekanye kandi azira utunenge.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.