IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Uwuserukira UA mukarere yaragendeye u Burundi muri iyi ndwi

Uwuserukira UA mukarere yaragendeye u Burundi muri iyi ndwi

dimanche 17 Ruhuhuma 2013

Bubacar Gaoussou Diarra, aserukira Ubumwe bwa Afirika UA mu karere no mu Burundi yarakiriwe n’abategetsi batandukanye harimwo ivyegera vy’umukuru w’igihugu. Baganiriye ku bibazo vya politike, ubutunzi n’imibano.

Iyo ntumwa nshasha y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afirika UA mu karere k’ibiyaga binini no mu Burundi yarabonanye n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Therence Sinunguruza. Bavuganyecane cane ibibazo vya politike n’umutekano asanzwe ajejwe. Yarabonaye kandi n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri, uyo nawe nawe bavuganye ingene igisata c’ubutunzi coshigikirwa mu Burundi n’ubumwe bwa Afirika.

Yarashimye ko baganiriye neza na cane cane ku vyerekeye ko u Burundi bwobandanya bufasha gutsimbataza amahoro mu boihugu vyo mukerere k’ibiyaga binini bikirimwo intambara.

Imbere y’uko agenwa mumabanga yiwe mashasha yo guserukira Ubumbwe bwa Afirika mu bihugu vy’u Rwanda, u Burundi na Congo, Diarra yahora aserukira UA mu bihugu nka Somaliya, akaba riwe yahora arongoye umugambi wo kugarukana amahoro n’umutekano muri ico gihugu ca Somaliya kimaze igihe carasinzikajwe n’indyane z’intambara.

kw’ifoto:Bubacar Gaoussou Diarra, aserukira UA mu karere no mu Burundi


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.