IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Uwutwara FNL ya RWASA Agathon i Matana ari mu munyororo

Uwutwara FNL ya RWASA Agathon i Matana ari mu munyororo

jeudi 23 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’umugambwe FNL ya Rwasa Agathon muri komine Matana, intara ya Bururi apfungiwe mu gasho k’igiporisi c’i Matana kuva kuri uwu wa gatatu. Yatawe muri yompi inyuma y’aho bari bahejeje kumusaka, ariko akaba ataco bamusanganye. Mu muryango wiwe bagasaba ko yorekurwa.

Bernard GATORE arongoye FNL ya Rwasa Agathon muri komine Matana yafashwe n’igiporisi inyuma y’isakwa ry’ukurondera ibirwanisho ryakozwe ku rugo iwe, abaporisi bakaba bagiye bamujanye n’aho ataco bamusanganye. Uwo Bernard GATORE asanzwe ari mu nama nyobozi ya Komine Matana.

Mu giporisi i Matana bavuga ko yafashwe ku mvo z’amatohoza, akaba mbere yoba ariko abazwa kandi ku bijanye n’inkoho yafashwe mu gatondo ko kuri uwu wa kane. Iyo nkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov yafatiwe mu Mugamba, ikaba yafashwe inyuma y’umutego wakozwe ku modoka yo mu bwoko bwa FUSO, amafaranga ataramenyekana igitigiri akibwa.


IGIHE

Messages

  • Indandende yihumiridya reka babamumareko yase gufatanya nabandi guhabuza igihugu rwagiye kugarama munamashingamatekanone nabanze arabe kuva ataye urugamba akaja kukwanira ivyicaro ntamusi abanywanyi biwe bahengeshanije kwica gupfungwa nogutotezwa kandi ntaco yabamariye kiretse kwishinga gusomera induru ivuga yabuze ico aja kwifatanya nnkurunziza ntaho ataniye numurozi kuko niwe atagira impera ahobukera na wenyene baramuyora

  • EWE TARI URAFISAGAHINDA KESHI REKABATWARA BATWA NAYO MWEBWE MUMEZE NKATWIMUJERI NAYINKONA NTIYARUZWA KIRAZIRA

  • Tabara tabara Rwasa raba abawe barahereye mu gasho aho bukera ni wewe niwishinga gusamara!
    Ariko nizeyeko ubibona. Ewe Nkurunziza geza aho! None abo nabo n’abatutsi ko nabo ubahutsemwo kandi Rwasa yaraciye bugufi akemera kugukorera? Ntampera y’umurozi niko bavuze. Mana, tabara abarundi kuko n’imiruho gusa kandi biragoye!

  • Ariko ibitangazamakuru vici gihe ko mutakiri professional ko mutavuze uwafatanywe iyo nkoho Nina ataco bamusanganye canke ko atariwe wamutanze. None niba atarinkozi z ikibi kuki aghaton abihoza ntanabavugire ko mubaza mwumva abishura Iki? Aghato ntawe aba yatumye GUKORA ikibi NGO nuko ari umu FNL kandi kwitwaza politiki NGO ukore bibi ntaco bihindura kukukwivuna

  • Ariko ibitangazamakuru vici gihe ko mutakiri professional ko mutavuze uwafatanywe iyo nkoho Nina ataco bamusanganye canke ko atariwe wamutanze. None niba atarinkozi z ikibi kuki aghaton abihoza ntanabavugire ko mubaza mwumva abishura Iki? Aghato ntawe aba yatumye GUKORA ikibi NGO nuko ari umu FNL kandi kwitwaza politiki NGO ukore bibi ntaco bihindura kukukwivuna

  • Emwe Abahutubaramaranye,nonerwasa Nabandibatavugarumwe ,nuwomukereranyi Ntimwotabaza Amakungu, Bakarugika a Basondamuburundi Bakandukurako ,Uwumwicanyi ,kurumbi Rwasakowahora ucye ubege Kina Imitweuturugikire Ibikoreshotukone

  • Mutama rwasa ya ndusaziye nabi yakurikiye abagumutsi ngo niho batokwongera kumumarako abiwe, ndibaza, nimba yibaza ubu yamaze kubona ko, yataye inzira. ahitamwo iyija mumanga, narindire bazobamumarako bose asigare aderemba wenyene, munyuma barenze kuwepfo nawe, Nkurunziza ntawe bazi, ntabucuti agira, ntabugenzi iwe, akwigereza ariko ararondera uburyo yogushira mukuzimu. muri afrika nzima niwe muntu dufi yi giye ikintu co kwica.

  • Narekurwe Ntaco Ariko Arazira

  • Rwasa Warishkanye Mugabo Ntuzoroherwa.Kazima Nawe Inama Yokukwica Yabereye Mur Presidence.Ta Womoke Amagara Arut Amajana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.