Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Poritike
Willy Nyamitwe :’’ FOREBU izohereza nkaho iyindi mirwi yose yahereje’’
Yanditswe taliki ya 24-12-2015 - isaha 12:39' na Van Naris Mugisha

Umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Willy Nyamitwe amenyesha ko umurwi mushasha wamenyesheje ko umuhari wamenyesheje ko ugiye kurwanya Reta ukoresheje ibirwanisho FOREBU ataho uzoshika.

Yishura ku butumwa bwashikirijwe na Lieutenant colonel Edouard Nshimirimana aho yamenyesheje ko ari mu barongozi b’umurwi ugiye kurwanya Reta ukoresheje ibirwanisho,Willy Nyamitwe yavuze ko atari umurwi wa mbere urwanya Reta kandi yose ataco yashizeko yaburijwe mu menshi.

Willy Nyamitwe yavuze ko FOREBU ari umuhari udafise ishingiro kandi ko ivyo usaba bitisunze amategeko.Yavuze ko uzohereza nkaho iyindi mirwi yose yahereje kubera ugukorera hamwe kw’abanyagihugu b’abarundi.

Umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru yavuze ko uwo muhari wariho kuva kera naho utari bwivuge ku mugaragaro,avuga ko ariwo wagize ibitero ku makambi y’abasirikare kw’igenekerezo rya 11 Kigarama 2015,ibitero vyahitanye abantu 87 bitavye Imana.

Willy Nyamitwe yavuze ko FOREBU umaze gutakaza ibintu vyinshi n’abantu benshi, ari naco gituma ata ntambwe bazotera.

Lieutenant colonel Edouard Nshimirimana yamenyesheje kuwa gatatu igenekerezo rya 23 Kigarama 2015 ko umurwi bashinze uje gukingira abanyagihugu biciye mu kugarukana agateka ku masezerano ya Arusha n’intwaro rusangi.

Ivyiyumviro vyanyu

NTANTAMBWE BAZOTERA KUKO BAZOSHIRA NK’IFU Y’IMIJIRA NKUKO VYAVUZWE N’ABARUNDI.

5.01.2016 à 06:33
manirumva jeremie

nibateshw bat abarundi turi maso. nimba arubuken bubarembej nibary bik baryam kar. bahemba kuja kunyaga ubutunzi nibintu vyabanyagihugu. nibaz bazoruca rutarama

31.12.2015 à 22:09
egide

Vuga uti tuzobaha amahera nkukwo twahaye : Prime,Gaciyubwenge, Agaton Rwasa,Buyoya,Concilie.......etc

31.12.2015 à 08:33
Neyo

Uburundi nu bw Abarundi bose abariho n abazovuka Nta numwe arekuriwe
kwica abandi ngo nukwo ari ku butegetsi canke ngo nukwo yitwaje Ibigwanisho
Ugiye ku Butegetsi ntaba aguze Igihugu canke ntaba aguze Ikibanza c ubwo Butegetsi Ahubwo aba atewe iteka n abarundi kugira abaje imbere yongere abakorere
Ivyo Ubutegetsi buriko buragira mu kwica canke kwiba itunga ry Uburundi bitebe bitebuke bazovyishura Nayo FOREBU niwaba uje kutabara Abarundi turabahaye ikaze

30.12.2015 à 23:21
Rose Hakizimana

Ruka kuko ntanakimwemuzoshikomwanaw e jewe dumurundi mwemwiyi ta gomushakugarukana amahoro mzopfankakayinimubazbuyoya ababwil mwava igen eyangwanye

30.12.2015 à 10:16
Erita

Sha murakina nibyo mutazi, ubu bwicanyi muriko murakora, iyi ntambara muriko murashoza mumenye ko niyo woba uri ministre canke president igihe kiragera ukiruka mu mpunzi nk’abandi bose, rero ntimukangwe n’ivyicaro murimwo uno munsi muziruka mutazi naho mwirukira !!

29.12.2015 à 09:24
che

Ivy’Uburundi bisigaye ari akayoberabahinga. Ariko ntibizoba akananira Mana ubutagira iherezo. Abikiragiza abo ari bo bose, bamenye ko Imana iruta ingabo, kandi ari Mutananirwa. Abarundi twari dukwiye guhindukirira ku Mana vy’ukuri, tukavavanura n’urwanko, amacakubiri n’ukwihorahorana. Kuko Imana ni Rukundo-Kigongwe.

29.12.2015 à 06:20
Deogratias SINZINKAYO

oyaaada iyongendo yarashaje ntamunyagihugu numwe wovugira mumatwi ko ugiye kurasa bongere guhunga. bagware bicwe .bazira guharanira amasezerano ya arusha ! naho nyene muburyo batabona neza kuburyo bokwemera intambara oyaaaa. ndabarahiye ntiharagera. camuyindinzira nayo ingwano wapi.

29.12.2015 à 06:13
yakumba

Hahaaa Ntaco Mvuze !

26.12.2015 à 11:52
Bukiriro

nguyo nyamitwe.Expert kwirementanya.Sha nanzi ngo muri abagabo kwirementanya ivyiyi mandat yoyo birabanikira sindakubesha mwe na shobuja.Mwanguha tuzotuma dukoresha amaguru namaboko.Ikigenda gihenye si agasurira gusa.Abavyunva soyons unis.Tout est possible,la limite est le ciel.

26.12.2015 à 07:58
Fifi

nguyo nyamitwe.Expert kwirementanya.Sha nanzi ngo muri abagabo kwirementanya ivyiyi mandat yoyo birabanikira sindakubesha mwe na shobuja.Mwanguha tuzotuma dukoresha amaguru namaboko.Ikigenda gihenye si agasurira gusa.Abavyunva soyons unis.Tout est possible,la limite est le ciel.

26.12.2015 à 07:56
Fifi

Bumvis Ko Zanteko Mvamakungu Bazase Non Batanguye Kwiyita Amazina Ngobaz Baje Kubahuza ? Muraja Kuriterait Murek Kuvugira Musi Yigitanda ? Ibimonyo Mugupfa Bimera Amoya !

25.12.2015 à 22:10
Athman

Abatutsi,abahutu,abatwa patriotes ntazobacana umutaru ,uwo mu pouchite

25.12.2015 à 22:02
Niyongabo

Leta ya Nkurunziza, reka murihe amakosa yanyu : mwishinze kwiruka inyuma y’amafaranga, ibihumbi umugani wanyu mwibagira diplomatie, mwibagira icatumye mufata inkoho mu kaja mw’ishamba.

Uruhumyi n’inda ndende ntivyatumye mubona ikigwanisho gihambaye umwansi yakoresheje : les médias, murareka amaradiyo ama television y’umwansi aba ubuhojojo. Mwiriwe mu bikorane aho abandi bariko bakwira isi mu bihugu vyose basigura ko babwirizwa kuguma ku ntwaro, ivyo ntimwigeze mu bibona.

Mwararetse ibibanza bihambayevy’igihugu bijamwo impumyi, ninkandagirabitabo, reke mwishure.

Mwarananiwe no gutegera ko centre de décision politique muri ibi bihe itari muri Afrika canke mu Burundi ariko iri i Buraya, muri Amarika, muri Chine... reka mubone.

Mwarananiwe no gutorera umuti ubushomeri mu rwaruka mukibaza ko ibintu bizoguma gutyo, reke mubone.

Mwarazerutse abanyagihugu babizigiye, aho kubashimira mwaduka kubapfukama mu nda, ubukene buriyongera mu gihugu.

Amakosa yanyu ntawoyarimbura ngo ayashobore. Ubu ko ata gihugu, ata Leta nimwe ibaha nirwere, mwizeye kubivamwo gute ? Kwiyahura ? Ingorane ’uko muzohitana benshi. N’urwanda ari Urwanda rusigaye rubahana n’imbwa. Mwabaye akamenyo.

Ku bwanje nta mbabazi mukwiye kuko mwarahemukiye Uburundi n’Abarundi.

25.12.2015 à 21:30
Awa

yoo mutama nyaruka twar tukurindirany igishik cinsh,

25.12.2015 à 21:21
manass

ESE FOREBU YOKORANA N.UMURWI WA RUFYIKIRI BAKATUBOHORA !NAHO NYAMITWE NI AMENYE KO IZO ZIBIKA ZARI AMAGI.!

25.12.2015 à 19:55
JUSTICE

Ewe Nyamitwa aho uzobonera ayo imbwa yaboneye ku mugezi.

25.12.2015 à 19:05
Tuze

Mbega Frodebu Yabaye Ryari umurwi Witwaje Irwanisho ?Reka K’igirisha Basha Turazinanyi Basha.

25.12.2015 à 18:49
Gordas

Mbega Frodebu Yabaye Ryari umurwi Witwaje Irwanisho ?Reka K’igirisha Basha Turazinanyi Basha.

25.12.2015 à 18:48
Gordas

Nibagerageze turabe niba atarumunwa

25.12.2015 à 18:24
mwenyekiti
1 | 2 | 3

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.