Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Yasezeye kuvuga amajambo y’abungere
Yasezeye kuvuga amajambo y’abungere
jeudi 2 Nzero 2014
Abaririmvyi benshi cane cane bo mu makungu bari mu bantu bavuga amajambo mabi, baratukana canke bakavuga amajambo y’ibishegu. Kanye West yikubise agashi, agiye gukosora imvugo yiwe.

Kanye West ni umwe mu baririmvyi bazwi cane kw’isi. Abaririmvyi b’ibihangange kenshi biyumva ko ari abantu bubashwe cane kandi ni abantu usanga bafise amanyama adasanzwe, akarorero ka hafi ni Chris Brown. Uwo yama mu bihano kubera imvugo n’inyifato yiwe. Muri bo, harimwo n’abo mukuvuga ataco bibanga, haba mu ndirimbo zabo canke amajambo bavuga babwira abakunzi babo, usanga harimwo ibitutsi vyakamaramaza.
Kanye West yaraye yikubise agashi, yagaruye akenge kuko abo kenshi abwira amajambo y’abungere usanga ari abakunzi biwe. Atuka abitavye mu biteramo vyiwe, kenshi biba iyo hagize ikitagenda neza mu vyuma vy’umuziki vyiwe. Mu giteramo yagirishije mu gisagara ca Toronto, niho yaca amenyesha ko uyu mwaka w’i 2014 agiye gucungana n’ururimi rwiwe. Yihanye icaha co gutukana, canke kuvuga ibishegu imbere y’abakunzi biwe, eka n’amajambo mabi yarayasezereye.
Uwo muririmvyi avuga ati : « ivyo mvuga vyinshi ndazi ko bitarekuwe,
ariko kuva ubu ngiye guhindura imvugo. Ndabarahiye, ntimuzosubira kwumva mvuga…eka nta muntu n’umwe nzosubira kubwira nabi ».
Aha munsi murirabira kandi mwumvirize ururirimbo «Bound 2»rwa Kanye West
Cherif Nkeshimana
Messages
2 Nzero 2014, 21:04, par Tollo
Eka rwose bakwiye kumenya ko ivyo bakora babihawe nimana nivyo bavuga nubutuzi bwose bafise ubwo rero niba yihanye jewe ndamwemeye aheruka kuvyara buriya yumuntu avye aba ahaye akura akwiiye guhinduka agatandukana nimvugo mbi kuko numwanwe yozogira indero.
4 Ruhuhuma 2015, 01:01, par bonfils
Ubu noneho kany west asigaye yiyita yesu aragowe atisubiyeko inkoni yimana iramurindiriye ncuti zanji iki nivihe ca nyuma dupfukame dusenge ibintu baririmba biteye ubwoba