Accueil > Amakuru > Amashuri > Yegereyegere yindi muri kaminuza y’ Uburundi
Yegereyegere yindi muri kaminuza y’ Uburundi
jeudi 14 Myandagaro 2014
Abanyeshure biga mu myaka ya nyuma muri kaminuza y’ Uburundi bahagaritse ivyigwa bishuza agafashanyo kabo k’amezi atatu. N’ubwo ubuyobozi bwa kaminuza y’ Uburundi bwabijeje ko kazoboneka mu ntango z’ino ndwi buca dutangura, bashimye kubandanya iyo yegereyegere.

Abanyeshure biga mu myaka ya nyuma muri nyigisho za kera (ancien système) , mu bisata vyose havuyemwo ic’ubutunzi, kuri uno wa kane igenekerezo rya 14 Myandagaro bazindutse bugariza ibiro vy’ubuyobozi bwa kaminuza y’ Uburundi, bafise inzandiko zitandukanye. Icabazindukanye rero kwari ukwishuza agafashanyo kabo k’ukwezi kwa Rusama , Ruheshi hamwe na Myandagaro. Mu gihe abo banyeshure bari basa n’abacunganye n’abapolisi batari bake, bamwe mu banyeshure baserukira abandi bakiriwe n’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Gaston Hakiza.
Ubwo buyobozi bukaba bwabemereye ko guhera mu ntango z’iyindwi buca dutangura , agafashanyo kabo kazoba kashizwe ku ma konti yabo. kubwa Anatole Nzonahora umuyobozi w’ibigo vya kaminuza asigura ko icatumye biteba ari uko hari amezi cumi na biri yaheze, abanyeshure baronka bourse ivyigwa batarabirangiza, mu nyuma baciye biga impamvu zatumye umwaka urangira bataraheza ivyigwa, bamaze kubona icatumye batevya umwaka niho bafashe ingingo yo gutanga ako gafashanyo. Anatole Nzinahora yabijeje ko hatarenze ku munsi wa kabiri ako gafashanyo kazoba kashizwe ku ma konti yabo. Igituma naho ukwezi kwa Myandagaro kwatevye gushirwa ku ma konti yabo asigura ko bitumwa n’uko intonde zabo zirinda guca ahantu henshi hatandukanye.
Ariko rero abo banyeshure bamenyesha ko n’ubwo bashizwe mu muhango bavuga ko bidakunda ko batonda mu mashure, kuko badafise uko babaho muri kino gihe. Abo banyeshure bavuga ko bamaze gushirwa mu muhango incuro nyinshi cane ariko imvugo itaba ingiro, ni naco gituma bafashe ingingo yo kuguma bahagaritse ivyigwa gushika agafashanyo kabo gashizwe ku ma konti. Mu gihe ku munsi wa gatatu naho hategekanijwe akanama kabo banyeshure hamwe n’ubuyobozi bwa kaminuza, bamenyesha ko ariho bazoca bafata iyindi ngingo bivanye n’ivyo bazoba bavuganye.



Floxella Karire
Messages
14 Myandagaro 2014, 18:06, par turugwane
Yaaaa ayomafoto nabantu bagire haheze kaminuza????!!!!yoooohoooooo esekera ingene umushuri wa kaminuza saba yakaka ??none iryo niryoterambere DD ivuga yoooooo yemwe barundi vahasi twikureko iyintwaro turugwanire hamwe yoooooohooooooo mbega ifoto yoooohoooo
14 Myandagaro 2014, 22:57, par kihimba
Leta igerageze irabe ingene iryo yegereyegere ryoi hera kuko ntakuntu bosubira kwiga badafungura. Batibagiye y’uko ari burundi bwejo
14 Myandagaro 2014, 23:25, par MURUNDI
Nibabahe utwo dufaranga twabo! Mbega ayo mahera bemeye yavuye he? Bari barindiriye iki kugira ngo bayashireko? Ntibabeshere leta! Amahera yaratanzwe! Ahubwo kaminuza niyazane!!!
14 Myandagaro 2014, 23:25, par MURUNDI
Nibabahe utwo dufaranga twabo! Mbega ayo mahera bemeye yavuye he? Bari barindiriye iki kugira ngo bayashireko? Ntibabeshere leta! Amahera yaratanzwe! Ahubwo kaminuza niyazane!!!
14 Myandagaro 2014, 23:25, par MURUNDI
Nibabahe utwo dufaranga twabo! Mbega ayo mahera bemeye yavuye he? Bari barindiriye iki kugira ngo bayashireko? Ntibabeshere leta! Amahera yaratanzwe! Ahubwo kaminuza niyazane!!!
15 Myandagaro 2014, 12:47, par Biracahinduka
Mudahinduye mugatora abategetsi bitaho igihugu n’abanyagihugu bizoguma uko gushika ibihe vyose!!!!
15 Myandagaro 2014, 18:37, par simon
Abo bantu ni barubaga mitavu barakamaramara urwo rwaruka rugowe bajuragiza reka babaryimvanda bazobaryimviiiiiiiiiiii ndaciwe ndagiye.
15 Myandagaro 2014, 21:57, par Mani
Ni barek imyagazi yidegemvye.ni babarye imvanda nimba bashaka ko bazobarya imvi.