IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Yohani Minani azoserukira SAHWANYA FRODEBU NYAKURI mu matora y’umukuru (...)

Yohani Minani azoserukira SAHWANYA FRODEBU NYAKURI mu matora y’umukuru w’igihugu

lundi 2 Ntwarante 2015, par Egide N

Umugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI Iragi rya NDADAYE washize imbere umushingamateka Muganga Yohani Minani kugira azowuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu. Muganga Yohani Minani niwe nyene yasubiriye kwizerwa n’uwo mugambwe kugira abandanye ari umukuru wawo.

Mw’ikoraniro Kaminuza ry’umugambwe SAHWANYA FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye, ryabaye kuri uwu w’Imana mu gisagara ca Bujumbura, bahejeje gushira imbere Muganga Yohani Minani kugira azobaserukire mu matora y’umukuru w’igihugu, yaciye asigura icatumye umugambwe arongoye uva mu runani RANAC DUSHAYURUBURUNDI.

Muganga Yohani Minani avuga ko atari kuguma muri urwo runani, kuko basabwe guheba imigambwe yabo bakaba abigenga nka UPRONA ya Karori NDITIJE, hamwe na FNL ya Agathon Rwasa. Nk’uko yabishikirije mw’ijambo yavugiye muri iryo koraniro Kaminuza, abafise imigambwe yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu baravyanse, kuko babona ko atariko amategeko abitegekanya. Muganga Yohani Minani ati : "Mw’itegeko rigenga imigambwe, mu ngingo y’umunani, bavuga ko imigambwe ishobora kuja hamwe na cane cane mu gutunganya ivyayo, nk’ivy’amatora. Mu kuja hamwe, babwirizwa kugira ikoraniro kaminuza rikabaha uruhusha ko bashobora kwiyunga n’iyindi migambwe. Inyuma y’iryo koraniro kaminuza, bagaca bita izina urwo runani, bagashiraho amategeko abagenga, bakayajana kuwanonosoye amategeko (Notaire) agashirako igikumu, vyose bagaca babijana mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu."

JPEG - 115.4 ko
Muganga Yohani Minani

Muganga Yohani Minani ahamagarira ahubwo n’abandi bose, hamwe na ADC IKIBIRI n’abandi bose bashaka ihinduka, ko boja hamwe bakitunganiriza hamwe mu ntumbero yo gushobora guhindura ubutegetsi bwa CNDD FDD.

Mu bindi vyatumye adahuza n’urunani RANAC, Muganga Yohani Minani amenyesha ko abagize urwo runani RANAC bose, umwe wese yabona ariwe yoserukira urwo runani mu matora y’umukuru w’igihugu, ibitari gushoboka.


Egide Nduwimana

Messages

  • UMUVUGISHWA YAVUZE NGO DUKORA DUSENGA; DUSENGA DUKORA KWABAYE UKURI. KUKO URAVYE INGENE IMIGAMBWE IRIKO IRAJURAGIRIKA NIKUBWO AMASENGESHO!!!!!!!!!!! SEBUDANDI AHAGARARIYE ISHIRAHAMWE GLADIS;YARABIVUZE NGO MUKINDA MUGARAMYE!!!!!!! MUKINDA MWUBAMYE!!!!!!!! INTSINZI MUMATORA NIYA CNDD FDD

  • IMPANURO KUMIGAMBWE ITATU: NIMBA LEONCE ANANIWE NUKUJAHAMWE NA MINANI: HAMA RWASA NAWE BIKABA VYANSE KO AJAHAMWE NA BIGIRIMANA: HAMA NDITIJE AKANANIRWA NUKUJAHAMWE NA KONSILIYA NIBACE BACEREZA NTIBATE UMUNWA KUKO BATAZI IYOBAJA NIYO BAVA. IYO MIGAMBWE ITATU ITIYUNZE MURI 2016 NTIZOBA IKIBAHO!!!!!!!!! ABAYITWARA NABO NIBABANDANYA BAVUGA IBISUNITSE NIMPWEMU BATIYUMVIRIYE; MURI 2016 BAZISANGA KUMPANDA; ABANDI KUMPIMBA; ABANDI BANGAYE MUMAHANGA!!!!!!!!! IYO MIGAMBWE ITIYUNZE UMWE YAVUGISHWA AKAVUGAKO AZOTWARA UBURUNDI KUGEZA YESU AGARUTSE YARIKO AVUGISHWA KURI CNDD FD

  • Minani nta jambo ufise kuko uwoba yibuka neza uko wavuga ukiri mu buhungiro ubu yumvise uko uvuga yokorora amosozi.Uri umukuru w’Inamanshingamateka inganda zaratikiye kw’ITABA ntiwavuze nahandi nahandi munyuma baguha amahera ucanamwo na Leonce utangaza Ibitoki mwasangiye ijambo ryindya.Ubunaho ugomba gutanga RWASA winyegeje inyuma ya RANAC.Aho ntiworya ivyo umaze kuronka kombona amazu wadugije ugatekereza.

  • Minani?? Hahahaaaaaaaa!!!!!!!!

  • DR PRESIDENT MINANI YATANZE CANDIDATURE YIWE NONE MWE MUMUNENGA MWAKOZE IKI >??MURI CANDIDAT NKAWE ..NONE NIMUMURUSHE DA??NI CANDIDAT RERO NDABE ,,,UZI KO ABANTU BOOSE BIGIZE ABAHINGA!!!!

  • karabayeeeeeeee. ivyomuvugavyonse cndd irabona itsinziyayo kimwe gusa nohanuriyindimigabwe irihamwe ntizihuze gushikamatorahere izobatwara gushika inkona irarara nkurunziza komera iyongeri tsinzi iyoyurunani yonse yogera kuri gwasa nawe ntabemera atumayitoza wenyene biraboneka urunani bayyiiiiiiiiiiiii

  • mwe muraja ngaho mukavuga ayo mushaka abandi bigira abahanuzi ko mudahanurana ubwanyu muguma mushigikira amafuti minani mwebwe ntawe muzi yishakira ifaranga kandi ni numubeshi ni kirahinduka nubu yokumva ahandi bamuha akanoti aca yigira ni nka bigirimana yataye frodebu aja muri fnl yibaza agiye kuyora ahubwo niyongereko nyakuri

  • Si reellement notre Dr joue franc, qu’il ne se presente pas comme candidat deputE, puisqu’il est candidat aux presidentielles. L’un exclut l,autre dans une vraie democratie. S’il se presente dans les deux, on comprendra bien qu,il est demandeur d,emploi.

  • Mwese muceceke ndamuzi Minani twarabanye ahantu henshi mubuhungiro,so ndumva atampamvu yokumushira imbere!
    Mwibuke kwariwe murundi wambere yabwiye abarundi ngo"bahagarare bwuma!"

    none umutegetsi nkuwo yohava acika indongozi?
    kwoba arinko kwitega kubcamanza buzocika ubutungane.
    Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.