Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > AFJO: Abakenyezi bakora umwuga wo kumenyesha amakuru baracari (...)
AFJO: Abakenyezi bakora umwuga wo kumenyesha amakuru baracari bake
jeudi 25 Rusama 2017
Agnès NINDORERA, arongoye ishirahamwe ry’abakenyezi bakora umwuga wo kumenyesha amakuru avuga ko igitigiri c’abamenyeshamakuru b’abakenyezi kikiri gito mu binyamakuru bikorera mu Burundi, bagereranije n’abagabo bakora uwo mwuga.
Umukuru w’ishirahamwe ry’abakenyezi bakora umwuga wo kumenyesha amakuru amenyesha ko mw’ishirahamwe arongoye, bihaye intumbero yo gufasha abakenyezi bakora uwo mwuga kugira uruhara runini mw’itunganywa ry’ibimenyeshamakuru.
Agnès NINDORERA arongoye ishirahamwe AFJO arashima ariko ko Reta y’Uburundi yamaze gushiraho amategeko akingira agateka k’umukenyezi mu bisata bitandukanye.
MUGISHA Van